12
Ifoto y’abagize inama ya bose y’urunani IKINYAMAKURU C’URUNANI RAPHB UMUCO KU BAGENDANA UBUMUGA

IKINYAMAKURU C’URUNANI RAPHB UMUCO KU BAGENDANA … · afise ico aterera mu butunzi bw’umuryango wiwe n’ubw’igihugu. Ubu mbere biciye k’ uruhara ishirahamwe rifise mw’

  • Upload
    others

  • View
    1

  • Download
    0

Embed Size (px)

Citation preview

Ifoto y’abagize inama ya bose y’urunani

IKINYAMAKURU C’URUNANI RAPHB

UMUCO KU BAGENDANA UBUMUGA

« URUHARA RW’AMASHIRAHAMWE Y’ABAGEN-

DANA UBUMUGA MU KUBARONSA IKIBANZA

BAKWIYE MU KIBANO, MW’ITERAMBERE

N’IMICO KAMA »

Urunani rw’amashiramwe y’abamugaye mu Burundi rurakwije imyaka

itandatu rushinzwe, hakaba hari mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’i

2007, uno musi rukaba rugizwe n’amashirahamwe 34 ari hafi mu ntara

zose z’igihugu.

Amashirahamwe agize urunani uno musi ariko ararangura ibikorwa bi-

tari bike bisunze intumbero bahawe n’urunani rwabo n’avyo ivyo bikor-

wa bikaba bishimikiye kuri zino ngingo zikurikira:

0. Ijambo Nyamukuru

• Ibikorwa vyo guhimiriza abamugaye ngo bijukire amashirahamwe, no

kujijura ikibano kugira gihindure uko cahora kibona abamugaye (babonwa

nkuko ataco bashoboye).

Uno musi amashirahamwe cumi yararonse inyigisho zo gutegura no guki-

na ivyese akaba ari navyo bikoreshwa mu guhimiriza ikibano n’abandi.BIZABIGOMBA CassienUmukuru w’urunani RAPHB

• Guharanira no gutsimbataza agateka k’abamugaye.

• Ugutsimbataza ubushobozi bw’amashirahamwe y’abamugaye; n’abamugaye ubwabo biciye mu nyi-

gisho zinyuranye hamwe no mu bikorwa vyungukira ishirahamwe, bituma biha agaciro abamugaye maze

ya ngeso yo gusegerereza igacibwa burundu mu bamugaye.

Ivyo bikorwa rero vyungukira ishirahamwe biriko birarangurwa mu mashirahamwe atari make agize uru-

nani vyafashwe mu mugongo n’ubushikiranganji bwo gushigikirana, agateka ka zina muntu n’iterambere

ridakumira. Nibwo bwatanze amafaranga y’imigambi yari yashikirijwe biciye mu runani n’ayo mashira-

hamwe kuva mu ntango z’umwaka w’i 2010 gushika uno mwaka.

N! twibagiye Handicap Interna! onal Fédéra! on ishigikira amashirahamwe agize urunani biciye mu

bikorwa vyo kubasanga ku kivi, ikahatangira inyigisho zitandukanye mw’itunganywa ry’amashirahamwe

y’abo mbere no mu kubaronsa uburyo bwo kurangura imigambi imwe imwe yoshobora gutorera inyishu

ingorane ishirahamwe riba risanzwe rifi se.Tukaba rero duhaye ikaze abasomyi kugira bisomere ubwabo

ibirangurwa n’amashirahamwe y’abamugaye biri muri kino kinyamakuru cisunga umutwe shimikiro:

« URUHARA RW’AMASHIRAHAMWE Y’ABAGENDANA UBUMUGA MU KUBARONSA

IKIBANZA BAKWIYE MW’ITERAMBERE, MU KIBANO, N’IMICO KAMA »

I. Intangamarara

Kuva mu mwaka w’i 2007 urunani rw’amashirahamwe y’abamugaye ruvutse, amashirahamwe 34 yarashoboye kwinjira mu runani, mbere n’ayandi ashika kw’icumi aramaze kwandika asaba kwinjira.Intumbero y’urunani rero ni ugushirahamwe utwigoro tw’amashirahamwe arugize kugira ngo ivyo abamugaye bakeneye vyitabweho kuruta, mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu, haba mu vy-erekeye ivy’ubuzima bwa misi yose, uburenganzira bwo kwiga, bwo kubaho, bwo gutunganirizwa, bwo gushikira ivyagenewe bose n’ibindi, n’ibindi….

Amashirahamwe atari make rero ari mu runani yarabonye ko atorindira ngo ivyo vyose babikor-erwe n’abandi, bo nyene ubwabo bakaba baratanguye kuvyitunganiriza mu bikorwa vyabo vya misi yose. Mbere twabonye vyobera akarorero keza n’ayandi mashirahamwe ari ngaha mu gihugu. Ivyo bikorwa rero nivyo twise « URUHARA RW’AMASHIRAHAMWE Y’ABAGENDANA UBUMUGA MU KUBAR-

ONSA IKIBANZA BAKWIYE MW’ITERAMBERE, MU KIBANO, N’IMICO KAMA »

Twobibutsa ko ayo mashirahamwe yose ahanini afashwe mu mugono n’ishirahamwe Handi-cap International Fédération tutibagiye Ubushikiranganji bwo gushigikirana agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira.

II. AKARORERO K’AMASHIRAHAMWE AMWE AMWE MU GUSHIRA ABAMUGAYE MU MIGAMBI Y’ITERAMBERE N’IMICO KAMA.

II.1. Ishirahamwe “TUBE MU BANDI” ryo mu Rukeco

David BUMWE umukuru w’ishirahamwe TUBE MU BANDIryo mu Rukeco

Ishirahamwe « TUBE MU BANDI » ryo mu Rukeco, gushika ubu ri-hagararariwe na BUMWE Davidi, umwe mubarishinze; ati:

« Nihweje ukuntu nakuze mfashwe mu kibano, ndetse no muhi-ra, vyaraboneka ko ndi intambamyi kuri bose; nanje bikambabaza cane. Harashitse aho umubanyi w’umugenzi wa mama yamusavye ko yonta mu kazu ka sugwumwe kuko ndi igitutsi mu muryango ku bwiwe. Bamfata nk’ikintu, aho kuba umuntu. Ivyo rero vyaribonekeza no kubandi bana bagendana ubumuga. Ni naco campaye inguvu zo gushinga ishirahamwe, ryofasha gufata mu mugongo no guha agaciro abagendana ubumuga.Mu ntango, ibikorwa vy’ishirahamwe kwari ukuremeshanya no gufash-anya, kuvyura muri twebwe iyo nyota yo kuja hamwe, ariko dutenga n’imitima kuko vyaraboneka ko imitima yacu yari ifise ibikomere vyin-shi. Nico gituma ahanini ibikorwa vy’ishirahamwe vyari bihagaze kuku-vyina. Ni naryo soko mbere ry’imirwi yacu y’imvyino n’intambo. Mu nyuma tumaze kwumva abandi ingene bitwararika imyuga, natwe

twaciye dutangura: duhera kukujisha ibiziriko, munyuma komine iraduha ikivi dutangura uburimyi »

Ubu rero ishirahamwe « TUBE MU BANDI » rirafise vya ngombwa vyose imbere y’amategeko. Biciye kuri Handicap International, ishirahamwe rirafise urusyo. Sivyo gusa, barakora ama spaguetti, imikate, barabarira, bararima bakorora n’ibindi… ndetse, ishirahamwe riritaho inkino zo kunonora imitsi z’abagendana ubumuga.

Inyungu zavuye muri ivyo bikorwa zatumye baha mu ntango umunywanyi umwe umwe impene, ku buryo ubu bamwe bageze ku maka.Izo nyungu nyene nizo zatumye bashiraho agasandugu ko gufatana munda mu munezero canke mu mubabaro. Ishirahamwe riratanga kandi n’ingurane ntonto, zigatangwa kubanywanyi bafise utugambi duto duto.Biciye kw’ishirahamwe rero, abanywanyi benshi ubuzima bwarahindutse. Ubu barashoboye gutunga imiryango bimwe vy’iteka.

Nosenti MINANI umukuru wa zone Rukeco, akaba n’umunywanyi w’ishirahamwe TUBE MU BANDI aho nyene

MINANI Nosenti ati:« Mfise umugore n’abana batanu, nkaba nasubijwe mu buzima bu-sanzwe mvuye mu gisoda inyuma y’ubumuga buhanutse ku ntam-bara. Nshitse muhira, utwo bantekereye duheze, nta kintu na kimwe c’amikoro nari mfise ».

Amaze kwinjira mw’ishirahamwe, naho ngo ataho ryari bwigeze mu vy’uburyo, yarahigiye imyuga na cane ukworora, yarakuye amaboko mu mpuzu, buhoro buhoro ariyambika agahuzu mu kibano.

Ati: « Impene bampaye yaranyungukiye ndagera ku mpene umunani,no mu bindi bikorwa vy’ishirahamwe nakora ndakurayo uduhera, ngurisha

n’impene nkeya nca ngura inka » Ubu Nosenti ageze ku nka zine. Ubu umuryango wiwe nta kibazo c’inzara ufise. Nosenti asho-bora kwinjiza ku musi hagati y’amaritiro atanu n’amaritiro umunani y’amata.Nosenti rero ubu ntakiri imburabugirire, ahubwo ateye iteka umuryango wiwe n’igihugu ciwe, kuko afise ico aterera mu butunzi bw’umuryango wiwe n’ubw’igihugu.Ubu mbere biciye k’ uruhara ishirahamwe rifise mw’ ikomine, na cane cane mu ntara yose, ishirahamwe ryarasabwe na Buramatari gutanga umurongozi wa zone Rukeco, naryo rishikiriza MINANI Nosenti.Ubu ikibano n’intara bihanze amaso ishirahamwe « TUBE MU BANDI » ryo mu Rukeco.HATUNGIMANA Jenerande n’umupfakazi akaba afise abana babiri, yamugaye kubera isanganya ry’imodoka. Kuva ico gihe yaciye atungwa no gusegerereza.

Abatwara ishirahamwe « TUBE MU BANDI » bumvise inkuru yiwe baramusanze mu muhana kumuhimiriza bamwereka ingene yokwifatanya n’abandi banyeshirahamwe mu kwiteza imbere. Amaze kuryinjiramwo, yarigishijwe ibijanye amateka n’ategeko yubahiriza abamugaye, uko yokwifata mu kibano, mbere agi-rako araniga imyuga itandukanye ituma yibeshaho mu buzima bwiwe bwa misi yose , HATUNGIMANA Jenerande ati : « ubu ugusega nabigize indahiro,ubu mbaho nkoze, abana banje ubu babayeho nk’ababandi, nkaba nshimira ishirahamwe ryankuye mu gifuri , rikanshira ahabona, ubu nsingaye mpimiriza abandi bamugaye, n’ ikibano ku bijanye n’agateka k’ abagendana ubu-muga ndabicishije mu bikino twigishijwe. »

HATUNGIMANA jenerandeUmunywanyi w’ishirahamwe TUBE MU BANDI

II.2. Ishirahamwe « ARSAB »ry’i Matongo

NTIRANYIBAGIRA DaniyeliUmukuru i w’ishirahamwe ARSAB akaba n’umuyobozi w’ishure ry’abatobona ry’umwizero, i Kijuri Muri Matongo.

Ishirahamwe ARSAB ryo mu Kayanza ryavutse mu 1999, ryemererwa imbere y’amategeko mu mwaka w’ i 2000. ARSAB yavutse kubera umwe mu bar-ishinze, Danieli, yagize ingorane mu kwiga amashure. Nkako utwo yize twose asa n’uko yatwivye : yiga yinyegeje mu bandi bana. Abavyeyi baragiye kum-wandikisha abarezi baranka kumwandika ngo n’uko atabona. Niho yifatira ingingo yo kuja araja aratonda abundabunda. Uko bamubonye kwose baca bamusohora.Akuze yahavuye afadikanya na bagenzi we bashinga ishure ry’abatabona mu 2004, kugira bahe agateka abafise ubumuga bwo kutabona. Iryo shure ryarabaye kirumara mw’iterambere ry’uwugendana ubumuga bwo kuta-bona, kuko gushika uno musi, iryo shure ryaremerewe gukora ikibazo ca leta (concours). Mu 2011-2012 hamenye ico kibazo abana bane batabona ; muri uyu mwaka naho wa 2012-2013 hamenye abana cumi n’umwe. Iryo shure ryarashoboye mbere kurungika abana babiri, bari bahejeje umwaka wa gatandatu mu gihe leta itari bwabarekurire gukora concours mu Rwanda, ho bamaze gutera imbere, kugira babandanye amashure yisumbuye, bishobotse na kaminuza. Iryo shure rirangwa n’iciyumviro cagutse : rigerageza kwigisha no gukaburira ubwenge abigisha bahejeje amashure, igihe baba batararonka akazi, kugira ngo bakaronse, bishitse bakagira umunyeshure afise ubumuga, na cane cane ubwo kutabona bamufashe.

Abana batabona bariko bariga mw’ishule ry’umwizero ry’i Matongo ry’ishirahamwe ARSAB

NTEGIRYEJO Espérance,umwarimukazi wo kw’ishuli ry’umwizero i kijuri, akaba n’umunywanyi w’ishirahamwe ARSAB

Ishirahamwe Appui aux Initiatives des Personnes Handicapées, A.I.P.H. muri make, ryavutse mu 2001, kubera iciyumviro ca nyakwigendera SIBAKYOBA NDEBWE Ezéchiel ari kumwe na bagenzi we ,ryemerewe imbere y’amategeko mu 2002.Ryavutse rifise ihangiro nyamukuru ryo guharanira ihangiro nya mukuru: Gufasha uwamugaye ngo abeho nk’umuntu wese mw’iteka ryiwe. Ubu rifise abanywanyi 28, mirongo ibiri na batatu bagendana ubumuga, batanu nabo bakaba batabugendana. Hari n’abandi 8 bariko barihwezwa ngo bazoshobore kwemezwa mu nama ya bose.Kugira rishobore gushika kuri iryo hangiro abarigize barakora ibi bikurikira :

•ibikorwa vyinjiza amahera : - Ubucuruzi (ibutike y’ishirahamwe)- Cyber- Imitahe mito mito umunywanyi umwe umwe aronka irabafasha gushiraho igikorwa umwe umwe wese ashobora kwikorako, aga-

II.3. Ishirahamwe « AIPH » ryo mu kamenge

NDEREYIMANA RémyUmukuru w’ishirahamwe AIPH

heza agasubiza ata nyungu.• Agasandugu k’umubabaro n’umunezero.Ako gasandugu karafasha uwuba yashikiwe n’iciza : aba yavyaye, yagize ubugeni… Canke ya-shikiwe n’ikintu c’umubabaro : ukubura uwiwe, agwaye, … .Ivyo vyose akabikora adatamba yirorera.

Iryo shirahamwe ntiryitwararika abana batabona gusa, n’abakuze bafise ubwo bumuga bara-bafitiye umugambi : abatabona mirongo itatu bararonkejwe impene, bakarima bakongera bakegeka.

N’abafise ubundi bumuga barabitaho : harashoboye kubagwa abafise ubujana, n’abafise ingwara ya kataracte bose ham-we bagera ku mirongo itatu na batandatu.

Espérence NTEGIRYEJO, umwe mubari mw’ishirahamwe, arubatse akaba afise aba-na babiri afise ubumuga bwo kutabona. N’umwigisha kw’ishure rya ARSAB ariryo EA Ivyizigiro vya kazoza (Espoir de l’avenir) ;avuga ati : « Jewe ubu mbaye-ho nk’abandi, mw’iteka ryo kwuba-ka urugo, n’ibanga ryo kurera ibibondo»

NGABO Albert, umunywanyi wa AIPH,ari muri butike akoreramwo

Ngabo Albert umunywanyi w’ishirahamwe yahoze asega, none ubu yarabishize hasi, akora ibikorwa vy’ishirahamwe : acuruza muri butike y’ishirahamwe ; ati, « kera nari nsunzuguritse, none ubu ndi n’iteka, mbere hari n’abaza kunyitura bakeneye umugopo, ngaheza nkabandika mw’ikaye. Ahubwo mboneka nk’umukiza. Vyongeye umushahara ndonka umfasha kugira ico mariye umuryango wanje -abana banje »

Ishirahamwe ry’uguteza imbere abasirikare bamugariye kurugamba ryashinzwe mu 2003 ; mu bikorwa ishirahamwe ADMH isanzwe ikora hari :

II.4. Ishirahamwe ry’abasirikare bamugariye ku Rugamba « ADMH »

Bamwe mu bagize ishirahamwe ADMH

1. UBURIMYI: Ishirahamwe ADMH rirarima ibiterwa bitandukanye. Aho twovuga imyumbati, ibijumbu, am-ateke, imboga. Ivyo bigakorerwa muri GMAE i Bujumbura ni Muram-vya.2. URUDANDAZA: ADMH riradan-daza biciye mukwunguruza aban-tu n’ipikipiki (MOTO – TAXI), kwandika no gufotora ivyanditswe bikariha amafaranga.3. UBWOROZI: ADMH ryarahaye abanywanyi baryo bo mu ntara za Bubanza, Gitega na Muramvya ibi-tungwa (ingurube) kugirango bi-

yungunganye baronke intabire, amafaranga n’inyama.4. GUSHIGIKIRANA: ADMH ryaratege-kanije gushigikirana hagati y`abanywanyi baryo mu bihe vyiza na bibi. Aho two-vuga nkiyo umunywanyi yubatse urwiwe canke abuze umuntu.5. INKINO: ADMH niryo shirahamwe ryatanguje inkino z`abamugaye mu Bu-rundi, rishinga imigwi y`abakinyi, ndetse rifashanije na komite y`igihugu y`inkino z`abamugaye mu Burundi, abakinyi baryo barigishije izo Abakinyi b’urukino sitting ba ADMH bariko barimenyereza

nkino abamugaye bo mu ntara zitari nke zigize uburundi.

6. IMICO KAMA N`IMIBANO: ADMH rirafise umugwi ukina ivyese ugafasha mu gukebura aba na bariya ubicishije mu vyese rimwe na rimwe biba bigizwe n`utugani tugufi tugufi bashira mu vyese.

Ubu Ngabo Albert ishirahamwe ryaramwizeye mbere niwe cegera c’umukuru w’ishirahamwe.Iyo cyber nayo irafasha abagendana ubumuga, mu kubaha akaryo ko gushikira uburyo bwa none mu gutumatumanako amakuru. Nkako uwamugaye aroroherezwa mukuriha igice c’igiciro, abarongoye amashirahamwe nabo ba-gashobora guhabwa umusi wabo, wo kugira ubushakashatsi.

Ishirahamwe ry’abakenyezi b’abanyamwema « Espoir » n’ishirahamwe ryashinzwe mu 2011 kugirango rihe umwiz-ero ryongere riteze imbere umukobwa canke umuke-nyezi w’umunyamwema m’ukumuhimiriza kuva mu kinyegero no m’ugufasha abo bakenyezi bose bafise abana b’abanyamwema.

II.5 Ishiramwe ry’abakenyezi b’aba nyam-wema « Espoir »

MUCO NathalieArongoye ishirahamwe ry’abakenyezi b’aba nyamwema ‘Espoir

HARIMANA Jeanne ni umukenyezi w’umunyamwema afise umwana umwe, imbere yuko aja mw’ishirahamwe yari abayeho m’ubuzima bubi nta na kimwe yari afise co gukora, mbere yaranat-inya no kuja mu bandi,amaze kuja mw’ishirahamwe, akabona abandi basa ku rukoba b’abanyamwema yaciye abona ko atari wenyene kandi aranamenya n’abandi basangiye urukoba,aranahamenyera in-gene bokwifata mu miryango iwabo, ndetse no mu kibano, ivyo vyose vyashobotse kubera ibikorwa vyo guhimiriza birangurwa n’iryo shirhamwe, vyage-newe ba nyamwema bonyene, imiryango yabo eka mbere abo bose bafise ico boterera kugira ubuzima bw’umunyamwema ntibuhungabane.

Ifoto y’abari bitavye uruganda rwo guhimiriza ku bijanye na ba nyamwema

Abatumva ni bamwe mu bagendana ubumuga bafise ingorane zidasanzwe kugira bashobore kugira uruhara mw’iterambere ry’ikibano n’imico kama. Ibituma bakumirwa bishingiye ku gu-hanahana amakuru no ku mico kama. Abatumva ni inkehwa zifise umuco kama n’ururimi rwabo bwite, ishirahamwe ry’abatumva mu burundi mu bikorwa vyayo risanzwe rihimiriza abantu batandu-kanye kugira abatumva nabo bashikire ivyagenewe bose nko gushobora kwiga nk’abandi, kwivuza n’ibindi ; iryo shirahamwe rero riramaze gufasha gushira mu mashure asanzwe yigamwo abumva, kugira bigane n’abo batumva, akarorero n’abatumva cumi n’indwi (17) biga kw’ishule Groupe Intercontinental de Bujum-bura ,risanzwe rikorera mu Ngagara karitiye y’icenda . Abo ba-tumva bose abarongoye ishure baremeza ko bafise amanota meza mw’ishure.Twobamenyesha ko haciye imyaka ibiri gusa abatumva bemerewe gukora ca kibazo ca reta kibatuma baja mu mashure y’isumbuye, abamenye ico kibazo bagaca baja kwiga kuri Lycée Notre Dame de la Sagesse ry’i Gitega (iryahora ryitwa CND)

II.6. Ishirahamwe ry’abatumva bo mu Bu-rundi « ANSB »

MUNGUMWEMA IsraëlArongoye ishirahamwe ry’abatumva ANSB

Twobamenye-sha ko iryo shirahamwe ry’abanyamwema riherutse kwugurura mbere uruganda rwo kubarira, aho mbere banahi-gishiriza uwo

mwuga abandi Banyamwema bavyifuza. Sivyo gusa,Baranakora igikorwa gikomeye co kuvu-gira ba nyamwema ubuzima bwabo bubabwahohotewe.

Ishirahamwe Tubeho ry’ i Vyanda rirarangura ibikorwa vy’iterambere muri komine Vyanda mu ntara ya Bururi. Bararangura ibikorwa vyinshi vy’iterambere bitari bike:Barafise uruganda rwo kubarira: Babifashijwemwo na PRASAB, ishi-rahamwe ryahavuye rihinduka PRODEMA ryo ryashoboye kubaha ama mashini yo kubarira.Urwo ruganda nirwo rwahavuye ruba ishimikiro ry’ishirahamwe na cane cane mu ntango yaryo, imbere yuko ibindi bikorwa bikurikira biza. Mbere urwo ruganda rukaba rutunze imiryango ine. Biciye mw’ishirahamwe, abanywanyi bararonkejwe impene, ubu zikaba zisahiriza abanywanyi.Hambavu y’ivyo bikorwa vy’iterambere, iryo shirahamwe rirafasha abana vyanse ko biga amashure yabo bivuye k’ukubura uburyo, canke bivuye k’ukubura impanuro. Hari n’iyindi migambi itari mike iriko ira-rangurwa ifashwe mu mugongo n’ishirahamwe Handicap International Fédération tutibagiye n’ubushikiranganji bwo gushigikirana, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira.

II.7. Ishirahamwe ry’abamugaye « TUBEHO » ry’i Vyanda

NDAYIHIMBAZE AstèreUmukuru w’ishirahamwe TU-BEHO ry’i Vyanda

NDAYIPFUKAMIYE Réverien ati: “Nari nahevye kwiga kubera uburyo, n’abavyeyi bari babishigikiye; abarongozi b’ishirahamwe nibo baje kumpimiriza no guhimiriza abavyeyi. Je ku bwanje, ishirahamwe Tubeho niryo ryahankuye, ubu ngeze mumwaka W’umunani”.Menya ko NDAYIPFUKAMIYE Réverien atabaye umwana w’ikinege w’ishirahamwe Tubeho, kuko gushika ubu rifise abana batatu rikurikirana mu buryo no mu mpanuro. Nabo ni aba: Thierry Yves ageze mu mwaka w’icumi, SABIRAGUHA Floriane

Abagize ishirahamwe « TUBEHO » bagendewe n’abashingamateka batowe mu ntara ya Bururi

ageze mumwaka wa gatandatu.Kubera ihimiriza ry’abarongozi b’ ishirahamwe, abanywanyi baryo barafise aho bamaze kugera kuko nta numwe muri bo agisegerereza, bose ubu barafise ico bakora; n’abatari bafise aho baba, biciye mu bushikiranganji bwo gushigikirana, barubakiwe uburaro.

III. Intambuko 4 z’ubushobozi zotsimbatazwa kugira amashi-rahamwe ashobore kugira uruhara mu kuronsa abagendana ubumuga ikibanza bakwiye mw’iterambere ry’ikibano, ubutunzi n’imico kama

Intambuko 1: Kwisunga intwaro rusangi mu kuyobora ishirahamweBifise intumbero yo gutsimbataza uruhara rw’umukuru w’ishirahamwe n’abagize urwego ntunganya-bikorwa hamwe n’ingene ishirahamwe ubwaryo ritunganijwe na cane cane mu gutunganya ama-nama mu gihe categekanijwe hamwe no kwisunga inzandiko zigenga ishirahamwe.

Vyerekeye gutunganya intererano zitangwa n’abanyeshirahamwe hamwe n’ivyo ishirahamwe ryun-guka. Ni ngombwa kwama buzuza igitabo c’ivyinjira n’ibisohoka. Ivyo bifasha ko amafaranga akoreshwa ivyo yagenewe hamwe n’ikoreshwa neza ry’ubutunzi bw’ishirahamwe.

Intambuko 3: Ugutunganya ImigambiHarimwo ugutohoza hamwe no kwandika imigambi hisunzwe ingingo ngenderwako hamwe n’urutonde rwerekana intambuko abatanga uburyo basaba ko wisunga. Birimwo kandi no guton-danuza amafaranga akenewe, mugushira mu ngiro uwo mugambi, kuwurangura hamwe no gusu-zuma ico uwo mugambi wamariye abanyeshirahamwe.

Intambuko 4: Ivyo ishirahamwe rirangurira abagize ishirahamweN’urusobangane rutunganya ingene abanyeshirahamwe bafashanya mu bikorwa, mu mahirwe no mu magorwa. Ivyo birimwo guha amafaranga uwashikiwe n’ivyiza canke ibibi kugira ayifashishe.

DUCISHEMWO DUTWENGEAmahasa abiri y’umuhungu n’umukobwa yari amaze iminsi asohokana n’abavyeyi bakayagurira inkoko. Umunsi umwe ihasa ry’umukobwa ribwira iry’umuhungu riti:wangu jewe inkoko zanyanduje amoya! ryahasa ry’umuhungu riti:nyereka! ihasa ry’umukobwa rirambura rimwereka hariya muka-bati ryahasa ry’umuhungu ribonye uko mushiki waryo ameze rivuga riti: erega nanje zaranyan-duje amubi! ihasa ry’umukobwa naryo riti: nyereka nanje! ryahasa ry’umuhungu rirambura ryereka mushiki waryo hahandi kukiburuburu ryahasa ry’umukobwa rihabonye rikoma induru riti:” hopfuma jewe nayo wewe zakwanduje n’izosi n’umubiko!!!!

Abanyamwema n’abazungu?

Umunsi umwe abanyamwema bahurikiye mw’ishirahamwe ry’abakenyezi b’abanyamwema «espoir » baragendeye abagenzi babo bo ku mitumba, bahashitse abanyagihugu baho baza birukanga ati « eh eh eh nimuze murabe abazungu batugendeye batuzaniye amafaranga ».

Intambuko 2: Gutunganya mu nyandiko ivyinjira n’ibisohoka

Bamwe murabo banyagihugu batangura kuvuga igifaransa bati « mama moi faim pas manger » abandi ati « papa lagent », hama umwe murabo banyamwema aravuga ijambo mu kirundi, abobanyagihugu bose baraho baca barakoma induru bariruka ati « yo ni bany-amwema, twarituzi ko arabazungu nimuze twitahire nta mafaranga bafise”.

INYONGERAINYONGERA YA .1

����

����

����

����

����

����

����

����

Ikarendari y’imisi mikuru mu mwaka amashirahamwe y’abagendana ubumuga

yokorerako mu kubavugira.

NZERO

4 Nzero:Umusi isi yahariye

inyandiko y’abatabona

RUHUHUMA

6 Ruhuhuma :Umusi isi yahariye

Kugwanya icibwa ry’ibihimba

vy’irondoka vy’abakenyezi.

17 Ruhuhuma: Umusi isi yahariye

ikarashishi

NTWARANTE

8 Ntwarante: Umusi mpuzamakungu

wahariwe umukenyezi.

24 Mars: Umusi isi yahariye

kugwanya igituntu

NDAMUKIZA

2 Avril : Umusi isi yahariye

uguhimiriza ku bijanye n’ubumuga

bwo mutwe(autisme)

4 Avril: Umusi w’ishirahamwe

mpuzamakungu wahariwe

guhimiriza ku bijanye

n’ibigwanisho biturika (mines),

gufasha abo vyakomerekeje be no

kubigwanya

RUSAMA

1 Rusama: Umusi mpuzamakungu

wahariwe akazi

15 Rusama : Umusi mpuzamakungu

wahariwe imiryango

21Rusama : Umusi isi yahariye

ubutandukane bw’imico

kubw’ugusangira ijambo hamwe

n’iterambere

RUHENSHI

5 Ruhenshi : Umusi isi yahariye

Ibidukikije

16 Ruhenshi: Umusi wahariwe

umwana w’umunyafrika.

MUKAKARO

1 Mukakaro: Umusi Wahariwe

ukwikukira kw’uburundi.

MYANDAGARO NYAKANGA

8 Nyakanga: Umusi mpuzamakungu

wahariwe kwigisha gusoma no

kwandika

21 Nyakanga: Umusi mpuzamakungu

wahariwe amahoro.

GITUGUTU

9 Gitugutu: Umusi isi yahariye

kubona.

15 Gitugutu: Umusi isi yahariye

inkoni y’abatabona.

17Gitugutu: Umusi mpuzamakungu

wahariwe kurandurana n’imizi

ubukene.

24 Gitugutu:Umusi isi yahariye

amakuru ajanye n’iterambere.

MUNYONYO

20 Munyonyo: Umusi isi yahariye

abana

Uwa mungu ugira 3 muri

Munyonyo: Umusi wahariwe

kwibuka abahuye n’isanganya ryo

mw’ibarabara.

KIGARAMA

1 Kigarama: Umusi isi yahariye

kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA

3 Kigarama : Umusi mpuzamakungu

wahariwe abagendana ubumuga

10 Kigarama: Umusi mpuzamakungu

wahariwe agateka ka zina muntu

18 Kigarama : Umusi mpuzamakungu

wahariwe abimukira

Inyongera.2: GUTAHURA AMASEZERANO MPUZAMAKUNGU YEREKEYE ABAMUGAYE

Amategeko agenga zina kiremwamuntu asanzweho yategerezwa kuba akingira kandi ateza imbere agateka k’abamugaye, mugabo ingingo n’intunganyo ziriho, ntizashoboye gukingira bikwiye abamu-gaye mu bihe bimwebimwe. Harageze ko ishirahamwe mpuzamakungu ritorera umuti iyo ngorane. Abenshi bibaza ko abamugaye basanzwe bubahirizwa n’amategeko asanzwe ariho nkuko bivugwa n’uwuserukira igihugu ca « nouvelle zelande akaba ari umukuru w’umugwi ujejwe guharanira ayo mategeko ». Mu vyukuri, abamugaye barambuwe agateka kabo. Ihangiro amasezerano mpuzam-akungu ashaka gushikako ni gusigura ido nido amategeko agenga abamugaye hamwe no gutung-anya ingene yoshirwa mu ngiro.

Ibikuru bikuru bigize ayo masezerano.

Igenekerezo rya 13 Kigarama umwaka wa 2006, inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu « ONU » yemeza amasezerano mpuzamakungu ajanye n’agateka k’abagendana ubumuga.Ayo masezerano ntashinga amateka mashasha, yerekana uburenganzira bwa zina muntu wese ariko agashimikira kuvyo abagendana ubumuga bakenera. Arongera agategeka ibihugu vyayemeje gushira mu mategeko y’igihugu ingingo zose zigize ayo masezerano mpuzamakungu, kugira ngo abenegi-hugu bagendana ubumuga ntibasubire gukumirwa.

Aya masezerano ashimikiye ku ngingo nkurunkuru ngenderwako zikurikira.

.Ubwigenge : Ni ukwishira n’ukwizana, umwidegemvyo w’abagendana ubumuga mu kwitunganiriza ingene babaho nk’abandi ; bisobanura ko reta, abanyagihugu bamwegereza ivyo vyose vyomufasha kubaho nk’abandi(ing 9)

.Kudakumira : Ni ukubaho, kungana kw’abagendana ubumuga n’abatabufise mu ntumbero yo kwigizayo ivyo vyose vyotuma ingendo, inyifato muvy’imibano n’ubutunzi bitabangamirwa.Kugira uruhara : Ni ugufashanya n’abandi mu bikorwa vya misi yose haba mu muryango, mu kibano be no ku rwego rw’igihugu.

.Gufasha uwamugaye kwiyunguruza no gushika aho ashaka: Ni ugutunganya neza aho uwamugaye aba mu ntumbero yo kumworohereza mu kwiyunguruza, mu guhanahana amakuru ndetse ufatiye ku buhinga bwa none, n’ibindi kugira dukureho intambamyi zimubuza kugira uruhara aho abaye.

Kubahiriza ubudasa bw’abantu: Ni ukwemera umuntu uko yaremwe kwose, ukemera ko aba-gendana ubumuga ari abantu nk’abandi bose kandi bafise ububasha n’ubushobozi bwo kugira ico baterereye aho babaye.

.Ukunganisha amahirwe: Ni ugukuraho ivyo vyose bitera ikumirwa mu ntumbero yuko abagendana ubumuga bogira amahirwe y’ugukora, kugira ico batereye nk’abandi ku rugero rumwe.

.Ukungana kw’abagore n’abagabo: Abigeme n’abakenyezi bagendana ubumuga bategerezwa ku-ronka amateka ku rugero rumwe nk’abagabo.

.Ukubahiriza ingene umwana akura: Umwana agendana ubumuga ategerezwa kuronka ivyo vyose bikenewe kugira akure neza kandi ategerezwa kugira amateka nk’abandi bana.

NI KUKI HAKENEWE AMASEZERANO?

Ni kuki dukeneye amasezerano adasanzwe yerekeye abamugaye? Boba batagengwa n’amategeko ahari agenga abandi bantu?

Mw’isi itagira agatosi, amategeko avugwa mu mategeko mpuzamakungu agenga agateka ka zina

kiremwa muntu yarakwiye kugira akingire uwariwe wese. Mu ngiro, imigwi imwimwe nk’abakenyezi n’abana hamwe n’impunzi ntibakingirwa mu gateka kabo nk’abandi naho hari amasezerano mpuzamakungu ajejwe kubakingira no kubaburanira. Abamugaye ba-shika imiliyoni 800 (hafi icumi kw’ijana) ntibungukira k’uburyo buhabwa abandi bantu. Bahangana n’inzitizi umurengera zibonekeza mukibano :• Zibabuza kuronswa inyigisho• Zibabuza kuronka akazi niyo boba babifitiye ubuhanga n’impamyabushobozi• Zibabuza kuronka amakuru,• Zibabuza kuvurwa mu buryo bubereye• Zibabuza kwiyunguruza• Zibabuza kugira uruhara no kwemerwa mu kibano

Amasezerano yoba atanguza amateka mashasha?

Habe namba. Ayo masezerano ntatanguza amateka mashasha canke adasanzwe. Ico akora ni ukwerekana amategeko ariho hisunzwe uko abamugaye bamerewe hamwe n’ivyo bakeneye.

Tuvuge iki ku mategeko asanzwe ariho? Yoba adakwiye?

Ibihugu bimwe bimwe vyarashizeho amategeko atomoye ido n’ido, ariko vyinshi ntibira-bikora. Imigenzo ikumira abamugaye ituma bashaka kwibera mu kinyegero nkabatagize ikibano. Ivyo bituma agateka kabo katitabwaho. Ingingo mpuzamakungu kandi zihana zikwiye kubaho kugira zubahirize mw’isi yose agateka k’abamugaye.

Ubwo vyoba ari ibinyakuri kwizigira ko amasezerano mpuzamakungu aryohora ubuzima n’ukubaho kw’abamugaye?

Kahise kerekana ko abantu bamugaye bamye nantaryo bafatwa nkabokingirwa kandi bakagaragarizwa urukundo aho kwubahirizwa mu gateka kabo.

Ano masezerano agize intambuko idasanzwe mu guhindura uko abantu babona ubumuga no gutuma ikibano cemera ko abantu bose bakwiye kuronswa uburyo bungana bwo ku-garagaza ubushobozi bafise.

Ano masezerano yoba asaba amareta kugira umwiyemezo mushasha muvyo asa-bwa?

Ego cane. Amareta ategerezwa gushiraho ingingo nshasha ziharanira agateka k’abamugaye kandi zigwanya ugukumirwa kwabo. Izo ngingo zizojamwo amategeko ag-wanya ukwinubana, kandi zizokuraho amategeko n’imigenzo bitsimbataza ugukumirwa kw’abamugaye. Zizotunganya ko abamugaye bitabwaho mu migambi n’amapolitike ma-shasha y’igihugu. Harimwo kandi kworohereza abamugaye gushika ahakorwa ibikoresho, imirimo n’akazi.

Iyo ikibano gikumiriye abamugaye gitakaza iki?

Ikibano kiratakaza ubuhinga butari buke. Abamugaye baraterera agacumu k’ubumwe mu gukoresha ubuhinga n’ubukerebutsi bw’abo. Naho abamugaye benshi bari mubushomeri (badakora akazi), ivyatohojwe vyerekana ko abamugaye bakora akazi bakaronka um-wimbu mwiza nk’abatamugaye mbere rimwe na rimwe bakabarusha. Ukurambira mukazi hamwe n’ukudasiba kw’abamugaye basanze biruta kure ugutunganya bushasha aho akazi karangurirwa kugirango abamugaye boroherezwe. Ukuvugako uguha akazi abamugaye bi-tuma hakoreshwa umurengera w’amafaranga agenewe ni uguhogoza birenze urugero.

Mise en page et Imprimé par:HOPE DESIGN / Tél: 22 27 59 44