Upload
others
View
2
Download
0
Embed Size (px)
Citation preview
Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane
13 Rusama 2004. – IBWIRIZWA no 1/010 –Ryerekeye igitabu c’amategeko agenga itohozan’iburanishwa ry’imanza z’amatati.
(I.I.B., 2004, no 5 ubwa kabiri, p. 3)
Menya neza
• Ibwirizwa ryahinduwe :
– Itegeko rya Musitanteri mukuru muri Kongo, nyemejwe n’Itegeko ryo ku wa 12mu nyonyo 1886 nk’uko ryahinduwe ;– Igitabu c’amategeko n’amabwirizwa yo mu Burundi 1970, p. 227.
• Raba :
– Ibwirizwa no 1/07 ryo ku wa 25 Ruhuhuma 2005 rigenga Sentare ntahinyuzwa,(I.I.B., 2005, no 3 ubwa kane, p. 19), hejuru ;– Ibwirizwa no 1/015 ryo ku wa 20 Ruheshi 1999 rihindura igitabu c’amategekoagenga imanza z’ivyaha, (I.I.B., 2000, no 1, p. 3), hejuru ;– Ibwirizwa no 1/037 ryo ku wa 7 Ruhuhuma 1993 rigenga isubiramwory’igitabu c’amategeko y’akazi mu Burundi, mu ngingo zaco 173 gushika kuri210 (I.I.B., 1993, no 9, p. 452 gushika ku rwa 539).
• Ibihinduwe :
Ibwirizwa ryo ku wa 13 Rusama 2004, risubirira amategeko yatoye igihe kandiadakwiye yo mu gihe c’Ubukoloni, adakwiye neza ryisunze igihe tugezemworikisunga ingingo ngenderwako n’ivyiyumviro ngirakamaro haba mu ngendonshasha (uturorero : kwihutisha urubanza, gusaba Sentare gusubiramwourubanza yaciriye abandi, kutarenguka kwa nyene kwitwara, ukuzitirakugirango Sentare ntice urubanza, guca urubanza ka buhuza), no mu vyerekeyeibiringo bitangwa bituma ibisata vy’ubutungane birushirieaho gukora neza.
URUTONDE RW’AMAJAMBOAbaharanira inyungu z’abaheraniwe n’uwahomvye, 47Abasangiye ishirahamwe, 47Abaserukira ibihugu vyabo, 47Amafaranga atangwa n’uwatsinzwe yacerewe gushira urubanzamu ngiro, 165, 333-336Amagarama, 399-408Amasezerano y’ukugura n’ukugurisha, 291-299 :
– ibintu bitimuka, 311-332– ibintu vyimuka, 291-299
Amashirahamwe agengwa n’amategeko yisangije mu mwuga wokudandaza, 47Amategeko ngenderwako, 88Gufata amatungo yimuka :
– ingingo ngenderwako, 258-263– ugufatisha ibintu vy’uguheranye bikaja mu mimwey’ubucamanza kugira bigurishwe icamunara nawe wishurweamahera yari aguheraniye, 284-299– ugufatisha ibintu vy’uguheranye biri mu minwe y’uwundi,271-283– ugufatisha ikintu c’uguheraniye kugira kije mu minwey’ubucamanza ntahave akigurisha atakwishuye, 267-270– ugufatisha ikintu c’uwuheranye kikaba nk’ingwatiy’umwenda, 264-266– ugufatisha imirima y’uguheranye kugira igurishweicamunara nawe wishurwe amahera yawe, 300-306
Guhanahana inzandiko z’ivyo mwashikirije Sentare, 75-82Guhinyuzanya imbona nkubone, 36-39Ibindi bihugu, 47Ibiringo ntabanduka, 49-54Ibituma urubanza rutakirwa, 22-26Iciyumviro gitanzwe n’umuhinga, 11-116Ico uwitwaye asaba :
– congera ku vyo yamaze gushikiriza, 68– gusubiriza ikosa kuri nyene kurivuga, 69
Ifatwa ry’amatungo atimuka, 307-332Igice c’amasezerano cerekeye ingene bazobumvikanisha, 344, 345Ikigega ca Leta, 47, 230Imburano mu ntahe y’icese, 89-94Ingingo :
– ingingo mfatakibanza n’izihereza, 409-411– ingingo ngenderwako (mu gufata ibintu ivy’agategekanyo),228-246– ingingo ngenderwako (mu kurangiza urubanza), 184-186– ingingo ngenderwako (mu kwumvikanisha), 337-340– ingingo rusangi (inzego z’iyungururizo), 167-177– ingingo z’ugushira mu ngiro no gufata ibintuvy’agategekanyo, 228-336
Ingingo ija mu ngiro bikenewe hakoreshejwe inguvu, 365-368Ingingo ngenderwako z’urubanza, 141, 142Ingingo ya Sentare, 396-398Ingingo yo gukosora amakosa n’ibindi bitanditswe vyerekeyeurubanza rwaciwe, 143, 144Ingingo yo gutohoza urubanza, 75 gushika 123Ingingo zisangijwe mw’itohoza n’iburanishwa ry’imanza zega Leta,371-408Ingwati (bikenewe), 121Inkurikizi :
– z’ingingo yafashwe na Sentare, 149-152– z’ukunguruza urubanza, 211 gushika 219
Intahe yo mu mwiherero, 92, 125Intahe, 89-96, 394, 395Intangamarara y’urubanza, 133, 134Inyandiko, 40-48 :
– z’ibijanye n’itunganywa ry’inzego, 185– zijanye n’ingene baca imanza, 16
Inzitizi z’itohoza n’iburanishwa, 4-21Ivyabona, 98-105Kuja mu rubanza rw’abandi baburanyi :
– kwinjizwa, 71, 72, 74– kwiyinjiza, 70, 73, 74
Kurenguka imbere y’ubutungane uvyishakiye, 64-66Musitanteri wa komine, 43Sentare, 27-30Ububasha bujanye n’ingingo yafashwe na Sentare mu gushirwa mungiro kwayo, 152Uburemere bw’urubanza rutagisubirwamo, 150, 151Uburenganzira, 34, 35 :
– bw’ukunguruza urubanza, 187-196Uburyo budasanzwe bw’ukwunguruza urubanza bukoreshejwen’umuntu ategwa n’imburano zabaye kandi ataserukiwe canke ngoabe ari muri Sentare kugira ngo akurikirane urubanza igihearufisemwo inyungu, 220-227Uburyo bwihuta bwo guca imanza, 162-166Ugusaba Sentare ko igutunganiriza (mu bitari ivy’amatati), 60-63Ugusigura urubanza rwaciwe n’iyo Sentare nyene, 143, 144Ukurahira imbere yo kurangura amabanga manaka, 99, 113Ukutarenguka kwa nyene kwitwara, 154Ukwakira imburano, 83-88Ukwicunguza uwundi yogira itohoza mu kandi karere udusanzweukoreramwo, 106-109Ukwitwara, 2, 3Ukwitwarira umucamanza yakosheje, 167
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 219
Ukwumvikanisha, 337-370Ukwunguruza urubanza, 184-189, 194-219 :
– icubutse hagati mu rubanza, 191-193– nyamukuru, 190
Umudandaza yahomvye, 47Umukuru wa zone, 43Umumenyeshamanza, 40-48, 63, 131, 229-231, 236, 241, 247,251, 257, 273, 284, 285, 287, 288, 292, 293, 296, 298, 302,303, 311Umunyabigega wa Leta, 47, 282Umushingwamanza, 84Umutahe wo kurengukisha, 56-59Umwihwezo w’urubanza, 122, 123Umwumvikano, 341-345Urubanza :
– imero, 127-144– ingingo mfatakibanza ifatwa mu kurindira ko bikenewe ngourubanza rusozegwe bikwira, 148– inkurikizi, 149-152
– isomwa ry’urubanza, 124-126– kumenyesha uko urubanza rwasomwe bene kuburanaukabaha amakopi ry’urubanza, 161– rutegura urubanza nyezina, 146, 147– rw’ababuranyi bitavye Sentare, 157, 159, 197– urubanza rucibwa impaga kuko umwe mu baburanyiatarengutse imbere y’intahe, 153-160– urubanza rw’imfatakibanza kugira habe itohoza, 145-148
Urutonde rw’imanza zicibwa, 58, 78, 86-88, 161, 399, 400
Urwandiko rwerekana imburano n’ingingo ya Sentare, 101, 110,129, 237, 253, 257, 258, 268, 285, 286, 288, 294, 298, 299,301, 302, 314, 325, 342
Urwandiko rwo gusaba ko Sentare isubiramwo urubanza rwaciweutariho, 178-183
Urwego rw’abashikirizamanza, 93, 99, 117, 118, 127
Uwahawe ububasha bwo gukora igikorwa mw’izina ry’uwundi, 83,84, 187, 207, 353
Uwujejwe gushingura inkaratasi ziranga amatongo, 308
Ingingo ya 1
Ingingo zo muri iri bwirizwa zikoreshwa mu masentare yoseasasa mu manza z’amatati, z’urudandaza, z’akazi, n’izega Leta.
IGICE CA IUKWITWARA N’UKWIREGURA
IKIGABANE CA I
UKWITWARA
Ingingo ya 2
Ukwitwara ni ubushobozi butuma umukozi canke uwundiwese yigenga ashobora kwitura Sentare kugira ngo ivyoaharanira mu kwitwara vyemerwe, bikingirwe canke abisubizwe.
Ingingo ya 3
Ukwitwara kurekuriwe abo bose bafise inyungu baharanirayemewe n’amategeko. Kwemerewe gusa abantu bashoboye kujaimbere y’ubutungane kandi bemewe n’amategeko kugirabashigikire canke barwanye ibiharanirwa imbere y’ubutungane.
IKIGABANE CA II
UKWIREGURA
Igihimba ca 1Ibishobora gutevya imanza igihe bitaratorerwa inyishu
Ingingo ya 4
Ivyireguro ku vyitwariwe bishobora gutangwa haba muriSentare isubiramwo imanza canke muri Sentare y’intango.
Ukuzitira ni ico cireguro cose gishobora kuba intambamyiy’umwanya ku rubanza ruriko ruratera imbere muri Sentare.
Ivyo vyireguro bidasanzwe bitegerezwa gushikirizwa imbereyuko urubanza ruburanishwa ido n’ido canke rutarankirwakwakirwa.
Ingingo zo ku gahimba ka mbere ntiziba intambamyiy’ikurikizwa ry’ingingo za 8, 13, 14 na 18.
Ingingo ya 5
Sentare irashobora kwakira ivyireguro biba biratebeje urubanzahamwe n’imburano bwite, yo gusaba ababuranyi ko bashikirizaivyiyumviro vyanyuma boba bafise.
Ingingo ya 6
Herekanywe inzitizi ko Sentare idafise ububasha bwo gucaurwo rubanza, umuburanyi abivuze ategerezwa gutangainsiguro zihagije akanerekana Sentare yiyumvira ko ibifitiyeububasha, ubundi ho ntivyakirwa.
Ingingo ya 7
Umucamanza arashobora mu rubanza rumwe, ariko kungingozitandukanye, gutangaza ko afise ububasha agaca aca urubanzaido n’ido kiretse ko ababurana babanza kuba bashoboyegushikiriza imburano kw’ido n’ido.
Ingingo ya 8
Ko imanza zisa ziburanishirizwa muri Sentare imwebirashobora kuvugwa, ariko ntivyemewe mu gihe vyashikirijwebitevye mu ntumbero yo gutevya urubanza.
Ingingo ya 9
Iyo hari ingorane mu bisata vya Sentare imwe kubera imanzazisa, Umukuru wa Sentare abitunganya uko avyumva.
Ingingo ya 10
Umucamanza arahagarika urubanza iyo umuburanyi abisavyeyemerewe ikiringo co guharura amatungo, ikiringo cokubiharirako, kugabura ibintu canke amafaranga, canke ikindikiringo co kurindira gitegekanijwe n’ibwirizwa.
Ingingo ya 11
Umucamanza arashobora guha uwitwariwe ikiringo ngoahamagare uwumwishinga mu rubanza.
Urubanza rubandanya mu gihe ikiringo c’uko uwishingaaseruka giheze, ariko ntikibuza ko bashobora kwihwezaukwavyo ivyerekeye ugusaba uwishinga, iyo iyoatarengukishijwe ku gihe canke uwishinga ataserutse.
Ingingo ya 12
Umucamanza arashobora kandi guhagarika urubanza iyoumwe mu baburana yerekanye ingingo yasabwe gusubirwamwobisabwe n’uwutari mu rubanza canke rusubiwemwo rwabayentabanduka.
Ingingo ya 13
Uwaronse ikiringo co gusubiza inyuma urubanza ahawen’umucamanza hisunzwe ingingo ya 10 ashobora kudashikirizaizindi nzitizi gushika ca kiringo giheze.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
220 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
Ingingo ya 14
Ibigigwa mw’iburanisha ry’urubanza birashobora kwitwarirwako ari impfagusa uko biza biraba kiretse iyo nyene kuvyitwarirayahavuye atanga imburano mu nyuma canke agashikirizaibituma urubanza rutakirwa.
Ingingo ya 15
Ibirego vyose bitumbera kugira impfagusa ibimazegushikirizwa mu rubanza, bibwirizwa kuvugirwa rimwe, ahandiho ibisigara bitavuzwe ntivyakirwa.
Ingingo ya 16
Nta gitegekanijwe kw’iburanishwa gishobora kuba impfagusakubera akanenge k’imero atagituma, kiretse iyo hatubahirijweumugirwa utegerezwa canke ntarengwa.
Ingingo ya 17
Impfagusa irakira bivuye mw’ikosorwa ry’umugirwa wabiteye,mu gihe ikiringo kitararenga no mu gihe iryo kosorwa rihanaguyeutunenge twose ata gasigaye.
Ingingo ya 18
Inzitizi z’impfagusa zifatiye ku kudakurikiza amategeko ajanyeajanye n’imigirwa y’iburanisha zirashobora gushikirizwa kiretseuburenganzira bw’umucamanza bwo guha igihano c’indishiabatazishikirije ku mvo zo gutevya urubanza.
Inzitizi z’impfagusa zifatiye ku kudakurikiza amategeko ajanyen’imigirwa y’iburanisha. Zivugwa atawubisavye iyo zerekeyeamategeko ntarengwa.
Umucamanza arashobora kwerekana we nyene impfagusabivuye ko hari umuburanyi adafise ububasha bwo kwiburanira.
Ingingo ya 19
Iyo impfagusa ishobora kuvaho, umucamanza ntabaakiyitegetse iyo icayiteye kitakiriho mu gihe asozera urubanza.
Ingingo ya 20
Imanza ziciwe zerekeye inzitizi zirashobora kunguruzwa. Iyoumucamanza yavuze ko arufitiye ububasha akaba yaruciye idon’ido, Sentare isubiramwo imanza irashobora kurusubiramworwose ido n’ido n’aho uwunguruje aba yitwariye urw’inzitizigusa.
Ingingo ya 21
Iyunguruzwa ry’imanza zihakana inzitizi rituma urubanzarwose rubangirwa gushika iryo yunguruzwa ritorerwe inyishuburundu.
Igihimba ca 2Imvo z’ukutakira urubanza
Ingingo ya 22
Kiba ari intambamyi ibuza ko urubanza rubandanya, ico cosegishikirijwe n’umuburanyi, ataco avuze k’urunbanza rw’idon’ido, yemeza ko uwo bahanganye ata rubanza afise kandi kobatokwakira ibirego vyiwe.
Ingingo ya 23
Intambamyi zibuza ko urubanza ruba zishobora gushikirizwaigihe cose, kiretse uburenganzira bw’umucamanza bwo gushingaigihano c’ukuriha indishi abatabishikirije mu ntumbero yogutevya urubanza.
Ingingo ya 24
Intambamyi zibuza ko urubanza rubandanya zakirwauwuzishikirije atarinze kwerekana ico yarenganijwe.
Ingingo ya 25
Intambamyi zibuza ko urubanza rubandanya zivugwa bitarinzegusabwa iyo zijanye n’amategeko ntarengwa nko mukutubahiriza ibiringo vy’ukunguruza.
Umucamanza arerekana we nyene atabisabwe, intambamyiivuye ku kutagira inyungu mu rubanza ku muburanyi.
Ingingo ya 26
Mu gihe ivyatuma intambanyi zibuza ko urubanza rubandanyazishobora gutunganywa, kutakirwa birahava iyo imvoy’urubanza yahavuye mugihe umucamanza ariko araca urubanza.
Nico kimwe, igihe ikiringo kitarahera, umuntu afise ububashabwo kubikwirikirana aciye aba umuburanyi mu rubanza.
IGICE CA IIINGINGO NGENDERWAKO
IKIGABANE CA I
URUBANZA
Ingingo ya 27
Ababurana nibo bonyene batanguza urubanza, kiretseibwirizwa ribitegekanya ukundi. Barafise uburenganzira bwokuruhagarika imbere y’uko ruhera kubera rucitse cankeibwirizwa ribitegekanya.
Ingingo ya 28
Imvo y’urubanza yerekanwa n’ibirego vy’ababurana.
Ivyo birego, vyerekanwa n’urwandiko rutanguza imburanon’ivyerekanwa mu kwiregura. Ariko, imvo y’urubanzairashobora guhindurwa n’imburano zinjiyemwo zishikirijwe munyuma mu gihe izo mburano zifitaniye isano rikwiye n’izambere.
Ingingo 29
Ababurana bashobora gufashwa canke bagaserukirwan’umushingwamanza kibure umuntu afise ububasha yemewe naSentare.
Ingingo 30
Umucamanza arakurikirana ko urubanza rugenda neza.Arategekanya ibiringo agategeka n’ingingo zikenewe, z’itohozaatarenze ibitegenanijwe n’iri tegeko.
IKIGABANE CA II
IVYEMEZO
Ingingo ya 31
Umuburanyi wese ni we yegwa n’ugutanga ivyemezobigaragaza ivyo asaba, yisunga amabwirizwa.
Ingingo ya 32
Umucamanza afise ububasha bwo gutegeka we nyene ingingozose zo gutohoza zemewe n’amabwirizwa.
Ingingo ya 33
Hari umuburanyi afise icemezo, umucamanza arashobora,bisabwe n’uwo baburana, kumutegeka ko acerekanaatacerekanye akamuha igihano c’ihadabu. Arashobora, bisabwen’uruhande rumwe mu baburana, gusaba ko abandi bantu bafiseinzandiko canke ibindi nnabo babizana, iyo ata mvo ishemeyeibibabuza, batabikoze nabo nyene bagahanwa nk’uko.
IKIGABANE CA III
AMATEGEKO
Ingingo ya 34
Umucamanza abwirizwa guca urubanza yisunze amategekoasanzwe akurikizwa. Araha izina canke agasubiramwo kwitaimvo z’imburano n’amatati, n’aho ababuranyi boba bari baziseukundi, akanashobora guca yerekana we nyene ivyitwariwebijanye n’amategeko. Ategerezwa kwerekana ingingoz’amabwirizwa yakurikije mu rubanza, ahandi ho rucarusubirwalwo mu bwungururizo canke muri asamburamanza.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 221
Ariko, ababurana, ku vyo amategeko abarekurira kandibavyumvikanye, kwemeza no kwereka umucamanza ivyobazaguharirako mu mburano.
Muri ico gihe nyene, barashobora guha umucamanza ububashabwo kubumvikanisha ka buhuza mugabo bagashoborakuzokwunguruza mu gihe batabihevye.
Ingingo ya 35
Umucamanza arashobora gusaba ko ababuranyi batangainsiguro zijanye n’amategeko zikenewe kugira ivyo bapfabitorerwe inyishu.
IKIGABANE CA IV
UKWAGIRANYA
Ingingo ya 36
Nta muburanyi ashobora gucibwa urubanza atumvirijwe cankengo ahamagarwe.
Ni impfagusa ingingo yose iri mu rubanza ihana umuntuataburana canke yahamagawe ingingo z’amabwirizwa yakurikijemu rubanza.
Ingingo ya 37
Ababurana bamenyesha hakiri kare imburano zivuga ingeneibintu bimeze n’ivyo amategeko abivugako bafatiyeko mugushikiriza ivyo basaba n’ibigize ivyemezo vyabo kugira umwewese ashobore kwiregura.
Ingingo ya 38
Igihe cose, umucamanza arubahiriza kandi akubaha nawenyene umugenzo w’uwuguhinyuzana. Ntashobora gushikirizaurubanza afitiye ku mburano zijanye n’amategeko yabonyewenyene canke ku nsiguro yaronse mu nyuma atabanjekwumviriza ababurana.
Ingingo ya 39
Iyo ibwirizwa ribirekura canke bikaba ngombwa, umucamanzaarategeka ingingo zose z’itohoza abona zizanira ineza ababurana.
IGICE CA IIIINZANDIKO N’IBIRINGO VY’IBURANISHWA
IKIGABANE CA I
INZANDIKO
Ingingo ya 40
Ibitegerezwa mu rubanza biramenyeshwa abazigenewe.
Iryo menyeshwa rishobora kugirwa n’umwanditsi w’imanzacanke n’umutahe w’umumenyeshamanza. Musitanteri wakomine canke umukuru wa zone barashobora kubimenyesha.
Imenyeshwa ry’ibitegerezwa mu rubanza biterwako igikumun’uwuronse ikopi. Arerekana ico bapfana buba, ubucutibw’amaraso, bwo guhana abageni, gukoreshwa canke ko ariumubanyi w’uwo rugenewe mu gihe atari nyenerwo yaruhawe.
Iyo urwandiko rutegerezwa kumunyeshwa mu karere karengaibirometero cumi uvuye ku cicaro ca Sentare, barashoborakubimenyesha mw’ikopi riri mw’ikete basavye posita koirishikana canke rigatangwa bisanzwe hatanzwe icemezo kobarironse.
Ingingo ya 41
Urwandiko rutegerezwa mu rubanza rwose rurerekana :
1. igenekerezo rwandikiweko ;
2. ibiranga uwarusavye ;
3. imvo, kwerekana ibigize urubanza biba vyabaye canke ibirimu mategeko bibisigura ;
4. ibiranga uwo rugenewe hariko aho abo, aho atuye canke ahoyabimenyesherejwe ;
5. ibiranga uwatoye urwandiko mu gihe rutashikirijwenyenerwo ;
6. ibiranga umukozi wo mu butungane yamuhamagaje hamwen’ico ajejwe ;
7. ikiringo uwurengukishijwe yitabirako canke, igihe cokwunguruza canke gushikiriza imburano ziwe.
Ingingo ya 42
Imenyeshwa rigirirwa umuntu ryerekeye. Iyo rishikirijweumuntu rigenewe, riremezwa hatarabwe ikibanzabamuhereyemwo urwandiko, naho haba ku kazi canke ihobahuriye hose.
Imenyeshawa rihawe ishirahamwe rizwi riba nk’iry’umuntu iyourwandiko ruhawe userukira ishirahamwe imbere y’amategeko,uwo yahaye ububasha bwemewe n’amategeko canke uwundimuntu abifitiye uburenganzira.
Ingingo ya 43
Iyo umuntu adashobora canke adashaka kuronka kopiy’urwandiko hanyuma itohoza ry’umukozi yaruzanye rikemezakandi agaca yandika kuri rwa rwandiko rw’imenyesha ko uworugenewe akiba ahanditsweko, imenyenyeshwa rifatwa koryabereye aho aba.
Ico gihe, umukozi aje kubimenyesha abwirizwa guha ikopiy’urwandiko musitanteri wa komine canke umukuru wa zoneuwo musi nyene kibure umusi wa mbere w’imirimo ukurikiraagahabwa urukaratasi rwemeza ko atanze iyo kopi. Musitantericanke umukuru wa zone abwirizwa guha uwo mutahew’ubutungane uwo ugenewe atabigize naho, ashobora kurihaindishi mu gihe nyen’umutahe yogira agahombo.
Ingingo ya 44
Iyo urwandiko rudahawe nyenerwo, umukozi amenyeshayandika kuri kopi ibiri mu ngingo ya 41, agahimba ka 5. Ikopiihabwa umuntu azoyiha uwo igenewe.
Ingingo ya 45
Iyo uwo igenewe atagira aho abarizwa canke aho aba hazwi,iminyeshwa riba mu kumanika urwandiko k’umuryangomukuru w’inyubakwa ya Sentare ibifitiye ububasha no mukubicisha mu kinyamakuru c’igihugu umucamanza atoye.
Ingingo ya 46
Nta menyeshwa na rimwe riba imbere ya sakumi na zibiri zomu gitondo n’inyuma y’isaha zibiri z’ijoro, ku minsi ya mungu,ku minsi mikuru canke badakora kiretse bigizwe n’Itegekory’umucamanza.
Ingingo ya 47
Inzandiko z’imenyeshwa zirungikirwa :
1. Leta, ku bintu ifitiye uburenganzira, kw’izina canke ibirovy’Umushikiranganji abiraba ;
2. ku kigega ca Leta, kw’izina canke ku mukozi ajejwe ibigegacanke Uwutunganya ibigega vy’igihugu c’u Burundi ;
3. ku nzego canke amashirahamwe ya Leta, mu biro canke kucicaro c’urwego, kw’izina canke ku biro vy’abakozi baho ;
4. ku mashirahamwe adandaza igihe akiriho, ku vyicarovyayo ; iyo atayariho naho, kw’izina canke ku nzuy’umunyamutahe ;
5. ku bahomvye kw’izina ry’uwujejwe inyungu zabo ;
6. ku badafise aho baba mu Burundi, mugabo bafise aho babahanze, babimenyeshwa hanze baba hakoreshejwe ikete. Kugirabibe, umukozi abimenyesha aramanika umutahe ku muryangomukuru wa Sentare y’aho bitwaye, agaca arungikaimuhiray’uwubimenyeshejwe inzandiko zibiri abicishije muri positaimuhaye icemezo ;
7. ku bihugu vyo hanze no ku bakozi babiserukira mu Burundibiciye ku mushikiranganji w’ubutungane no mu nziraz’imigenderanire.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
222 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
Ingingo ya 48
Ibibonywe n’umumenyeshamanza kandi akavyandika biri mukazi ajejwe biremerwa gushika bavyitwariye ko atarivyo.
IKIGABANE CA II
IBIRINGO
Ingingo ya 49
Iyo hari urwandiko canke igikorwa gitegerezwa kuba imberey’uko ikiringo gihera, ico kiringo gitangura kw’igenekerezoy’urwandiko rucemeza, canke y’ingingo igishinga kibure kumunsi w’imenyeshwa.
Ingingo ya 50
Iyo ikiringo giharuwe mu minsi, umunsi w’urwandiko cankeumunsi w’icabaye, canke umunsi w’ingingo canke wokumenyesha batangurirako guharura, ntuharurwamwo.
Iyo ikiringo giharuwe mu mezi canke mu myaka, ikiringogihera umunsi w’ukwezi kwa nyuma igenekerezo y’umwaka wanyuma usangiye imero y’igiharuro n’umunsi urwandikorwabereyeko, ivyashitse, ingingo canke imenyeshwariharurirwako ikiringo. Habuze imero y’igiharuro bisa, ikiringogihera ku munsi wanyuma w’ukwezi.
Iyo ikiringo giharuwe mu mezi no mu minsi, hatanguraguharurwa amezi hanyuma iminsi.
Ingingo ya 51
Ikiringo cose gihera umunsi wanyuma isaha zitandatu z’ijoro.
Ikiringo giherera mu bisanzwe ku munsi wagatandatu, wamungu canke umunsi w’akaruhuko gica gishika ku munsiw’ibikorwa ukurikira.
Ingingo ya 52
Mu bisanzwe, ikiringo c’ukurenguka ni imisi umunani hagatiy’imenyeshwa n’ukurenguka k’umuburanyi aba ahatarengaibirometero mirongo ibiri y’icicaro ca Sentare.
Hari umuburanyi aba kure yaho, ibiringo biringerezwa gutya :
1o umunsi umwe ku birometero mirongo itatu ;
2o ukwezi ku bantu baba hanze y’Uburundi mu gihugu hariindege zica i Bujumbura ;
3o amezi abiri ku bantu baba hanze y’Uburundi mu gihugu atandege zica kenshi i Bujumbura.
Ingingo ya 53
Ingingo ziheruka ntizibera intambanyi ububashabw’umucamanza bwo kugabanya ibiringo vy’ukurenguka iyovyihuta.
Ingingo ya 54
Iyo urwandiko rugenewe umuburanyi acumbitse aho aronkaiyunguruzwa ry’ikiringo aruronkeye mu kibanza bataronkaiyunguruzwa, iryo menyeshwa rifatira ku biringo abantu babamur’ico kibanza baronka.
IGICE CA IVNGENDO RUSANGI Y’UKUBURANISHA
MU MA SENTARE
IKIGABANE CA I
ISHINGWA RY’URUBANZA
Ingingo ya 55
Ukwitura Sentare biba biciye mu mutahe, mu mburano, muguseruka ku bushake canke gushikira mu rubanza.-
Igihimba ca 1Umutahe
Ingingo ya 56
Umutahe ni urwandiko uwitwara ahamagarirako uwoaburanya ngo arenguke kandi akamumenyesha imvo n’ibitumavy’urubanza kugira rucibwe n’intahe.
Ingingo ya 57
Kugira ashingishe urubanza, uwubisaba ahereza umwanditsiw’imanza wa Sentare ibifitiye ububasha urwandiko rwerekanaibimuranga, igituma yitwara, ibiranga, icumbi n’akazi uwoaburanya akora, incamake y’ibirego n’ivyemeza afise. Ivyobirego birashobora guca mu mvugo. Ico gihe, Umwanditsiw’imanza aravyandika umuburanyi nawe akabiterako igikumu.
Ingingo ya 58
Umwanditsi w’imanza arasaba uwitwaye ko yotanga amaherayo gushingisha agaca amuha urwandiko ruriko inomero yemezako ari ku rutonde rw’imanza zihamagarwa.
Ingingo ya 59
Umutahe ugizwe n’umwanditsi w’imanza umenyeshwaabiregura nkuko bitegekanijwe mu ngingo ya 40 gushika kuri 46ziri hejuru. Ibiringo bisanzwe vy’ugusubiza inyuma urubanza niminsi umunani ku baburanyi baba mu ntara irimwo icicaro caSentare.
Igihimba ca 2Gushinga urubanza
Ingingo ya 60
Mu manza atari iz’amatati, Sentare isabwa bisanzwe ngoyihweze urubanza.
Ingingo ya 61
Urwandiko rubisaba ruherezwa umwanditsi w’imanzaakarushikiriza umucamanza. Rurerekana neza ibiranga uwitwarakandi rubamwo imvo z’ukwitwara n’ivyemezo.
Ingingo ya 62
Umucamanza arashinga umunsi n’isaha urubanzaruzokumvirizwako.
Ingingo ya 63
Urubanza rwaciwe rushikirizwa n’umumenyeshamanzabikurikiranywe n’umwanditsi w’imanza.
Igihimba ca 3Ukurenguka ku gushaka
Ingingo ya 64
Umuburamyi wese arashobora kureka kwisunga imenyeshwahanyuma akarenguka imbere y’intahe ku gushaka kwiwe.
Ingingo ya 65
Ababuranyi barashobora kurengukira rimwe imberey’umucamanza kugira bamuture amatati yabo. Muri ico gihe,baca baterera igikumu rimwe ku rwandiko rwemeza kobarengutse ku gushaka kwabo.
Ingingo ya 66
Umucamanza yakiriye urwandilo rwemeza ukurenguka kugushaka arashinga umunsi n’isaha urubanza ruzohamagarirwa.
Igihimba ca 4Ivyo ababuranyi basaba urubanza rwamaze gushingwa
Ingingo ya 67
Ibisabwe bindi mu rubanza rwamaze gushingwa biza mu gihec’iburanisha ry’urubanza rwari rusanzweho ni nk’igihe uwitwayeasavye ivyiyongera ku vyo yasavye ubwambere, canke ibisabwen’uwitwariwe, hamwe no gusaba iyinjizwa mu rubanza
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 223
ry’uwundi muntu. Ibisabwa n’uwitwariwe canke ivyongewekon’uwitwaye vyakirwa gusa mu gihe hari isano ribonekan’ivyasabwe ubwa mbere.
Ingingo ya 68
Ukwongera ku vyo umuntu yasavye mu rubanza ni igiheumuburanyi ahindura ivyo yari yasavye ubwa mbere mukuvyongerako ibindi.
Ingingo ya 69
Uguhindukirira uwari yitwaye ni igihe uwitwariwe mu ntangoyizera kuronka akarusho kandi kavuye ku witwaye atariukwiregura kwonyene ku vyo bamwitwariye.
Ingingo ya 70
Kuja mu rubanza rw’abandi baburanyi ni aho uwundi muntumu ntango atari mu rubanza aseruka canke ahamagarwakurwinjiramwo.
Bavuga ko habaye ukuja mu rubanza rw’abandi baburanyi kugushaka iyo uwundi muntu yisutse gurtyo nyene mu mburano ;bavuga ko habaye ukuja mu rubanza rw’abandi baburanyi kugahato canke ugukwegerwamwo iyo uwitwaye cankeuwitwariwe batse umutahe w’ukurengukisha uwundi muntu.
Ingingo ya 71
Ukuja mu rubanza rw’abandi baburanyi ku gahatogutegerezwa guca mw’irengukishwa.
Ukuja mu rubanza rw’abandi baburanyi ku gushaka kugirwamu kurenguka ku gushaka kwa muntu.
Ingingo ya 72
Umucamanza ntashobora ubwiwe gutegeka umuntu kuja murubanza rw’abandi baburanyi ku gahato.
Ingingo ya 73
Iyo uwundi muntu abifisemwo inyungu yinjiye mu rubanzarw’abandi baburanyi imbere y’uko imburano zihera asavyeibindi bintu canke ibisa n’ibiburanwa, urubanza rushoborakwungururizwa mu ntahe izokurikira kandi ikiringoc’ukurondera ivyemeza kirongerezwa. Iyo kuja mu rubanzarw’abandi baburanyi gusa n’ugushaka gutakaza umwanya,umucamanza arashobora kukurengako et akagumizahourubanza rwari ruhazanzwe.
Ingingo ya 74
Umuntu ashobora kuja mu rubanza rw’abandi baburanyi kugushaka kwiwe mu rubanza rwamaze kwunguruzwa iyoabifisemwo inyungu ni uwo atigeze aba umuburanyi, atanigezeaserukirwa mu rubanza rw’ibanze canke yaruserutsemwo kuzindi mvo. Muri ico gihe, ingingo ipfundikwa iba iya mberekandi iyanyuma ku bimwerekeye.
Ukuja mu rubanza rw’abandi baburanyi ku gahato rwamazekwunguruzwa birabujijwe kiretse iyo umuntu yariyararengukishijwe muri Sentare ya mbere canke yemeyekurenguka ku gushaka kwiwe.
IKIGABANE CA II
IBURANISHWA N’INGINGO Z’UGUTOHOZA
Igihimba ca 1Ishikirizwa ry’inzandiko
Agahimba ka 1Ihanahana ry‘inzandiko
Ingingo ya 75
Umuburanyi ashaka guserura icemeza ategerezwa kubanzakukimenyesha uwariwe wese aburana mur’urwo rubanza.
Ukumenyekanisha ivyemeza gutegerezwa kuba ataguhigimanga.
Mu rubanza rwungurujwe, ugutanga bushasha ivyemezavyamaze gushirwa mu mburano muri Sentare ya mberentigukenewe. Ariko umuburanyi wese arashobora kubisaba.
Ingingo ya 76
Iyo uguhanahana inzandiko bitagizwe, birashobora gusabwa koumucamanza abitegeka. Umucamanza aca ashinga ikiringo,n’ingene uko kubihanahana kuzogenda, iyo bikenewe.
Ingingo ya 77
Umucamanza arashobora kwigizayo ivyemeza bitashikirijwemu mwanya nyawo.
Ingingo ya 78
Uguhanahana ivyemeza kuba hagati y’abashingwamanza,canke mu kubishikiriza mw’iyandikiro ry’imanza rya Sentareyituwe, nayo igaca itanga icemeza ko yabironse.
Kugira kw’ihamagarwa rya mbere urubanza ntirushirwe kurutonde rw’imanza zirindiriye gucibwa, uwitwaye ashikirizaivyemezo kuva umunsi yandikwa ku rutonde rw’ababurana.Uwitwariwe ategerezwa gushikiriza ivyemeza vyiwe imberey’iburanishwa rya mbere mu ntahe y’icese, kandi uko bigendakwose, hatarenze intahe y’icese ya kabiri yashinzwen’umucamanza yisunze ibihe bigenwa n’amategeko, ahandi hoaca amenyeshwa ko ategerezwa gushikiriza buno nyeneimburano ziwe akanaburana.
Iyo uwitwariwe abandanya ataco atanga kandi uwitwayentasabe ko urubanza rushirwa ku wundi munsi kugirauwitwariwe ategekwe gushikiriza imburano, umucamanzaategerezwa guca ashira urubanza ku rutonde rw’imanzazirindiriye gucibwa.
Ingingo ya 79
Umuburanyi adashubije ivyemeza yashikirijwe ashoborakubigira ku gahato, bishitse kw’iterabwoba ryo guhanwa cankegucibwa ihadabu. Iterabwoba rishobora gushirwa mu ngiron’umucamanza yaritegetse.
Agahimba ka 2Ukuronswa ivyemeza biri mu minwe y’uwundi muntu
Ingingo ya 80
Iyo mu gihe c’iburanishwa umuburanyi ashaka kwisungaingingo itari imwerekeye canke ivyemeza bifiswe n’uwundimuntu bigorana kuboneka, arashobora gusaba umucamanzayashikirijwe urubanza ko yotegeka uwo muntu gutanga ivyovyemezo.
Iyo umucamanza asanze ivyo bisabwa bishemeye, arategeka koiyo ngingo canke ivyemezo bishikirizwa, vyo nyezina, ikopiyavyo canke igihimba cavyo bikavana n’ibikenewe, bigakorwahisunzwe ibisabwa n’umucamanza, harimwo n’iterabwobary’ibihano.
Ingingo y’umucamanza ica ishirwa mu ngro, n’aho yobayanditswe n’imine, bikenewe.
Ingingo ya 81
Mu gihe habaye ingorane mu gutanga ivyemezo, cankehavuzwe ibibuza vyumvikana, bica bimenyeshwa umucamanzayari yasavye itangwa canke ishikirizwa ryavyo.
Agahimba ka 3Ishikirizwa ry’inzandiko n’ibindi birimu minwe y’umwe mu baburanyi
Ingingo ya 82
Gusaba ko hashikirizwa ivyemeza biri mu minwe y’ababuranyibigirwa co kimwe n’ishikirizwa ryavyo bigirwa hisunzweibitegekanijwe mu ngingo ya 80, bikenewe hagakoreshwaagahato.
Agace ka 2Ishingwa ry‘urubanza
Ingingo ya 83
Ku munsi washinzwe mu rwandiko rwo kurengukishwa,ababuranyi baritaba bo nyene ubwabo canke bagaserukirwan’abo batumye.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
224 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
Ingingo ya 84
Kiretse abashingwamanza basanzwe banditswe mu rwegorw’abashingwamanza, izindi ntumwa zitegerezwa kwerekanaububasha budasanzwe bushobora kwerekanwa mu mperaz’umutahe kandi zitegerezwa kuba zemewe n’umucamanzaimwimwe yoseukwayo. Umushingwamanza yitwaje ivyemezan’ibindi biranga urubanza afatwa nk’uwuserukira bikwiyeumuburanyi avugira.
Ingingo ya 85
Iyo urubanza rudakeneye kubanza gutohozwa, ruca rushirwamu ntahe. Ariko urubanza rurashobora kwungururizwa ku rindisango bisabwe n’ababuranyi.
Kwigiza inyuma. urubanza ntibishobora kuba incuro zirengazitatu kiretse ababuranyi bompi bavyemeye.
Ingingo ya 86
Bigaragaye ko uwitwaye atavyitayeko, urubanza ruca rushirwaku rutonde rw’imanza zirindiriye gucibwa.
Ingingo ya 87
Urubanza rushizwe ku rutonde rw’izirindirizwa rusubiraguhamagarwa habanje gusubira kurihwa amafarangay’ugushingisha urubanza. Uwitwariwe aca asubira kurengutswa.
Uwitwaye azoshobora mu bikurikira kugabisha uwo yitwariyeko yokwiregura iyo ihanahana ry’ivyemeza ryamaze kuba.Umutahe uzosubiramwo ibivugwa muri ino ngingo. Iyouwitwariwe atitavye canke n’iyo yitavye ntiyiregure, hazocibwaurubanza rufatwa nk’urubanza rw’ababuranyi bitavye.
Ingingo ya 88
Sentare ishobora gufata ingingo yo guhamagara imanza zari kurutonde rw’izirindiriye gucibwa. Muri ico gihe ababuranyibabanza kumenyeshwa mu rwandiko iginekerezo rishashary’isasa ry’intahe ruvuye ku mwanditsi w’imanza. Uwitwayeatitavye, urubanza ruca ruhanagururwa aho nyene mu ntahey’icese.
Amategeko atunganya uburyo amasentare akora arashingaumunsi w’aho imanza zarungitse ku rutonde rw’izirindiriyegucibwa zizohamagarirwako zose. Igihimba c’ayo mategekokiranga uwo munsi kimanikwa ku muryango mukuru waSentare yose.
Igihimba ca 3Isasa ry’intahe
Agahimba ka 1Imburano
Ingingo ya 89
Abagize intahe bategekanijwe n’igitabu c’amategeko agengaitunganywa n’ububasha vy’amasentare.
Ingingo ya 90
Impari zerekeye ko intahe igizwe hisunzwe canke atisunzweamategeko bitegerezwa gushikirizwa, atari uko ntivyakirwa,kuva imburano zitanguye canke kuva igihe hagaragariyeukutisunga amategeko iyo iryo garagazwa ribaye mu nyuma,ahandi ho nta mpfagusa y’urubanza izoshobora gutegekwa munyuma iva kur’ico cagirizo, nta n’iyotegekwa ata kirinze gusabwa.
Ingingo ya 91
Imburano zibera ku munsi, mu kibanza no kw’isaha bibavyashinzwe hakurikijwe indinganizo zisangijwe na Sentare yose.Imburano zishobora gushishikara mw’isasa ry’intahe rikurikira.
Mu gihe habaye igihinduka mu basasa mu ntahe imburanozamaze gutangura, zitegerezwa guca gisubirwamwo.
Ingingo ya 92
Intahe mu masentare ibera ku mugaragaro, kiretse igihec’umwiherero wemejwe n’ingingo ya Sentare iyo ishirwahabonary’urubanza ryohungabanya umutekano w’abanyagihugu canke
imico myiza, canke hadutse imidugararo yohungabanya ituzery’ubutungane.
Ingingo ya 93
Umukuru w’intahe ni we arongora imburano. Aha ijambouwitwaye, hanyuma uwitwariwe, bashikiriza ibiregon’ivyireguro vyabo. Umushikirizamanza, iyo ariho ari, afataijambo ubwanyuma.
Iyo intahe yibaza ko yatomokewe neza, umukuru w’intahearahagarika imburano hanyuma urubanza rukaja mu mwiherero.Kiretse ugusaba ko imburano zisubirwamwo, ababuranyi ntibababacemerewe gushikiriza umucamanza ibindi vyemezo cankeinyandiko n’imburano atari ivyavugiwe mw’iburanishwa.
Ingingo ya 94
Umukuru w’intahe arashobora gutegeka ko urubanza rusubiramu ntahe y’icese. Ategerezwa kubigira igihe cose ababuranabadashoboye kwisigura ku vyemezo Sentare yishinze kwerekanayonyene itarinze kubisabwa.
Gusubizwa mu ntahe y’icese bitegerezwa kuba iyo hariabahindutse mu bacamanza bari bashashe mu ntahe y’icese.
Agahimba ka 2Umutekano w‘intahe y‘icese
Ingingo ya 95
Umukuru w’intahe aracungera umutekano w’intahe. Icoategetse cose kugira ntuhungabane gitegerezwa gukorwa ubwonyene.
Abacamanza bafise ububasha nk’ubwo mu bibanzabaranguriramwo amabanga yabo.
Ingingo ya 96
Abantu baje gukurikirana imburano bategerezwa kugirainyifato runtu n’ukugumya icubahiro gihabwa ubutungane.Barabuzwa kuvuga batabahaye ijambo, gutanga ibimenyetsovy’ugushima canke vy’ukugaya canke gutera uruhagarara urwoari rwo rwose.
Umukuru w’intahe arashobora gusohora umuntu weseatubashe ayo mategeko, hatavuyemwo n’ugukurikiranwa kuvyaha canke ku makosa y’akazi yomugwako.
Igihimba ca 4Ingingo z’itohoza
Ingingo ya 97
Iyo icemeza c’amatati gisaba itohoza, izo ngingo zitegekwan’amasentare bisabwe n’ababurana canke kubw’amasentarenyene.
Agahimba ka 1Iyumvirizwa ry’amasura
Ingingo ya 98
Ababurana baramenyesha umwanditsi w’imanza canke muntahe y’icese amazina y’amasura yo kwumvirizwa hamwe n’ahobaba. Urwo rutonde rushobora kwongerezwa bisabwen’abashikirizamanza canke bivuye ku mucamanza ubwiwe.
Ingingo ya 99
Ku munsi wagenywe, amaze kwerekana ibiyaranga, amasuraararahira kuvuga ukuri, ukuri kwose, ukuri kwonyene, kandibakamenyesha ko hari ubucuti bw’amaraso cankebw’ukwubakana bafitaniye n’ababurana, n’urugero bigerako.Baratomora ko bakorera ababurana canke ko ababurana ariabakozi babo.
Ugusura ibinyoma guhanirwa aho nyene hisunzwe ibihanobitegekanijwe n’igitabu c’amategeko mpanavyaha, atari ukoabacamanza baca bagirizwa ko bataranguye amabanga yabo.Ingingo z’abashikirizamanza ntiziba zikenewe.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 225
Inyuma y’ukurahira kuvuga ukuri, umucamanza aramenyeshaamasura ibihano bitegekanijwe mu gihe hasuwe ibinyoma.
Ingingo ya 100
Amasura yumvirizwa atandukanijwe, ababurana ariho bari.Umucamanza ashobora kubahanganisha hagati yabo, bikeneweakabahanganisha n’ababurana.
Ingingo ya 101
Umwanditsi w’imanza aragira icegeranyo c’ivyo amasurayavuze gica gifatanywa n’urupapuro rw’ivyavugiwe muriSentare. Ico cegeranyo kirasomerwa amasura umwe wese ku gicekimwerekeye, imbere y’uko atera igikumu ku vyo yavuze. Iyohari udashobora canke adashaka gushirako umukono wiwe,birandikwa mu cegeranyo.
Icegeranyo giterwako igikumu n’umucamanza, n’umwanditsiw’imanza hamwe n’ababurana iyo babisavye.
Ingingo ya 102
Amasura atitaba ahanishwa ihadabu ry’amafaranga ashinzwen’Itegeko ry’Umushikiranganji ashinzwe ubutungane. Iryohadabu rimenyeshwa n’umucamanza biciye mu nzira y’Itegekoridashobora gusubirwamwo. Asubira guhamagarwa bushasha,akaba ari yo yegwa n’ibirihwa mur’ico gihe. Iyo amasuraarengukijwe bushasha agasubira gusiba, umucamanzaarashobora kubahanisha ihadabu rya mbere rigwijwe na kabirikandi ashobora kubarungikira umutahe w’ukubarengutsa kunguvu.
Ingingo ya 103
Iyo isura ryerekanye ko ritashoboye kurenguka ku munsiwategekanijwe, umucamanza ashobora kumuha ikindi kiringo.Muri ico gihe, aca akurwako ihadabu n’ibirihwa bijanyen’umutahe mushasha.
Iyo isura ridashobora kurenguka, umucamanza arashoborakumushikira kugira ngo yakire ivyo ashikiriza.
Ingingo ya 104
Amasura arashobora gusaba ko asubizwa amafarangay’ukwiyunguruza n’ay’indaro hakurikijwe ibitegekanijwe mungingo ya 407 y’iri bwirizwa.
Ingingo ya 105
Iyo ivy’amasura yashikirije vyakiriwe harenzwe kubitegekanijwe mu ngingo za 97 gushika ku ya 99, Sentareirihweza yonyene ingaruka. Cane cane irashobora kwakira ivyoamasura yashikirije iyo amahinyu adashobora kuberaintambamyi uburenganzira bw’ukwiregura canke iyo ababuranaataco bavuze kuri ayo mahinyu.
Agahimba ka 2Ugutuma abacamanza b’ahandi
Ingingo ya 106
Iyo isura riba mu karere katagengwa na Sentare kandiridashobora kwiyunguruza ata ngorane, kugira rirenguke,umucamanza arashobora gutuma umukuru wa Sentare w’ahoisura riba kugira aryumvirize. Uwo mucamanza ashoboragutuma umucamanza uwari we wese wo mu karere kiwekurangura ubwo butumwa.
Ingingo ya 107
Umucamanza yatumye agereka ku butumwa bwiwe inyandikozose canke amakopi y’inyandiko ngirakamaro zifasha gutegeraurubanza no kurongora itohoza.
Ingingo ya 108
Ubutumwa nk’ubwo bwerekeye amasentare yo mu mahangaburungikirwa Umushikiranganji w’ubutungane akaba ari weaburungika hakurikijwe umwumvikano w’ugufashanya muvy’ubutungane, canke, bitabaye uko, hagakurikizwa imigenzoy’ugufashanya n’amakungu.
Ingingo ya 109
Ubwo butumwa iyo burungitswe n’amasentare yo mu mahangabushikirizwa biciye ku mushikiranganji w’ubutungane, iyo atamasezerano adasanzwe ahari.
Agahimba ka 3Ukugendura ibibanza birangurirwamwo ibikorwa
Ingingo ya 110
Iyo bikenewe ko yibonera ubwiwe uko ibintu vyifashe canke koyihweza agaciro k’indishi n’inshumbusho zasabwe, umucamanzaarategeka ko Sentare yishikirayo canke hakagenda umucamanzayatumwe ari kumwe n’umwanditsi w’imanza, ababuranyi, kandibikenewe n’amasura yose n’abahinga.
Ababurana barashobora kwumvirizwa ubwabo bari aho hantu,co kimwe n’amasura canke abahinga.
Haca handikwa icegeranyo c’ivyakozwe gica gishirwakoumukono n’abacamanza n’umwanditsi w’imanza.
Agahimba ka 4Ubuhinga
Ingingo ya 111
Iyo icateye amatati gisaba ubuhinga, umucamanza adafise, acaashobora gutuma umuhinga umwe gushika kuri batatu, bababasabwe n’ababurana canke abigize ku gatwe kiwe. Igikorwac’umuhinga gitegerezwa kuba gitomoye ariko kitarengeyeubumenyi bwiwe, atarinze kwivanga mu vy’urubanza.
Ubuhinga bwasabwe n’umuburanyi ntibushobora kwankwa,ahandi ho urubanza rwohava ruhindurirwa iyo rwungururijwecanke rugasamburirwa muri gasamburamanza, atari iyohibonekeza intumbero yo gutesha umwanya abandi kandiumucamanza yerekanye ko ashobora kubikora akoreshejeubuhinga bwiwe asanganywe n’ibisanzwe muri dosiye.
Ingingo ya 112
Abahinga barashobora kwanka igikorwa batumwe ku mvozumvikana. Umucamanza aca agena umuhinga mushasha.
Bisabwe n’umuhinga, umucamanza arashobora kugena abandibahinga bamwunganira.
Ingingo ya 113
Umuhinga yatumwe ararahira ko azokora atiziganya kandi ataguhemuka igikorwa yashinzwe, akabigira mu nyandiko zo kumutwe w’icegeranyo yatanze, canke mu kubivuga imberey’umucamanza.
Umuhinga ararekuriwe kuraba inyandiko zashikirijwe kandiategerezwa kugumya ibanga ry’akazi.
Ingingo ya 114
Umucamanza ntategerezwa kwisunga ivyapfunditswen’abahinga. Ariko rero, arashobora gukurikiza ivyo bashitsekobahanura iyo asanze insiguro yavyo imunyuze.
Ingingo ya 115
Igihe umucamanza yemeje ivyashikirijwe n’umuhinga,ntategerezwa no kwisigura bushasha ku biburanwa umuhingayagize ico avugako.
Ariko, hategerezwa kugaragazwa mu rubanza ko umucamanzayisunze ivyapfunditswe n’abahinga.
Ingingo ya 116
Ibikorwa biheze, umuhinga aca ashikiriza icegeranyo ciweiyandikiro ry’imanza. Agahembo kiwe gashingwa kandikakarihwa hisunzwe Itegeko ry’umucamanza.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
226 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
Agahimba ka 5Ugutanga ivyemezo
Ingingo ya 117
Uwibaza ko icemezo cerekanywe mu mburano atarico cankegihinduwemwo amakosa ashobora kugihakana.
Uwushaka guhakana ategerezwa uwa mbere na mberekugabisha uwo baburana amubaza ko yemeye gukoresha cankeadakoresha ico cemezo, yemeza ko mu gihe yogikoresha, weazogihakana.
Iyo uwireguza icemezo kivugwa ko atari co yemeje ko ashakagukoresha ico cemezo, ategerezwa kuzoshira urwandikorw’inyamuko iyandikiro ry’imanza kugira ribimenyesheUmushikirizamanza.
Ingingo ya 118
Uwitwarira inzandiko z’ibinyoma agumwe ashimangira ivyoyitwariye, urubanza rw’amatati rurahagarikwa gushikahasohotse ingingo ya Sentare y’ivyaha ibifitiye ububasha yituwen’Umushikirizamanza canke n’umuburanyi avyitwarira atarinzekubicisha ku mushikirizamanza.
Ingingo ya 119
Umucamanza ajejwe imanza z’ivyaha, igihe yemeje kourwandiko ari urw’ibinyoma ruca ruvanwa mu mburanoz’amatati bigatuma umucamanza aca avyisunga mu gufataingingo.
Iyo uwuvyagirizwa yeze ata yindi mvo atari kubera habayeinkeka, umucamanza ajejwe imanza z’amatati arahezaakavyihweza arabiye ku nyandiko zisanzwe muri dosiye.
Ingingo ya 120
Bigaragaye ko vyagizwe mu buryarya, uwitwariye izonyandiko z’ibinyoma aca atanga indishi.
Igihimba ca 5Guhamagaza abamwishinze
Ingingo ya 121
Iyo, akirengukishwa ubwa mbere, uwitwariwe atatseumwishinga, umucamanza aca atanga ikiringo gikwiye. Bacabamurungikira urwandiko rwo kubimumenyesha batarinzekumumenyesha urubanza rumuhamagaza.
Iyo kumuhamagaza bidasabwe mu kurenguka kwa mbere,canke kurengutswa bibaye ikiringo gitegekanijwe camazekurenga, urubanza rukuru ruca rucibwa ubwo nyene, urubanzarwerekeye uwishinga rugacibwa ukwarwo.
Igihimba ca 6Gushira urubanza mu mwiherero
Ingingo ya 122
Abacamanza batohoje urubanza nibo barushira mu mwiherero.
Ingingo ya 123
Kwiherera kw’abacamanza bigirwa mw’ibanga. Ingingo ifatwabakurikije amajwi y’abayihuriyeko.
IKIGABANE CA III
GUCA URUBANZA
Igihimbaca 1Gusoma urubanza
Ingingo ya 124
Urubanza rusomerwa aho nyene. Ugusoma urubanzabirashobora kwigizwa ku yindi tariki umucamanza avuga,kugira umwiherero unonosorwe, ariko bitarenza amezi abiri,
ahandi ho bifatwa ko umucamanza yanse guca urubanza.Gusivya intahe y’ugusoma urubanza bigirwa n’ingingoy’umukuru wa Sentare imenyeshejwe abo vyega mu rwandikorumanikwa ku rugi rukuru rwa Sentare.
Ingingo ya 125
Imanza zisomwa ku mugaragaro mu ntahe y’icese n’ahourubanza rwoba rwaciwe mu ntahe atari iyo ku mugaragaro,zisomwa n’abacamanza bazishize mu mwiherero. Urwandikorwerekana ico intahe yashitseko rumaze gusohoka, co kimwen’icegeranyo c’ivyavuzwe mu ntahe, rushirwako igikumun’abacamanza hamwe n’umwanditsi w’imanza ari mu bashashemu ntahe.
Ingingo ya 126
Ingingo zafashwe zisabwe mu ntahe yihweza atari iy’amatatizirashobora kumenyeshwa ku munwa abo zega.
Igihimba ca 2Uko urubanza ruciwe ruba rumeze
Agahimba ka 1Ibitegerezwa kuba vyanditswe mu rubanza
Ingingo ya 127
Urubanza rutegerezwa kwerekana ibi bikurikira :
a) Sentare yaruciye ;
b) igenekerezo rwaciriweko ;
c) amazina y’abacamanza barushize mu mwiherero ;
d) izina ry’umwanditsi w’imanza ;
e) izina ry’Umushikirizamanza yari mu ntahe y’icese ;
f) amazina y’ababurana, bibaye ngombwa n’amazinay’abashingwamanza canke n’uwundi muntu wese yaserukiyecanke yafashije ababurana.
Mu mvo n’imvano, ababuranyi bavugwa mu majambo ajanyen’ico bari mu rubanza ; uwitwaye, uwitwariwe,uwarwinjiyemwo rwatanguye, uwahagarariye uwundi, cankeuwamwishinze. Umushingwamanza ntavugwa.
Urubanza rutegerezwa kwerekana ko rwaburanyweimbonankubone, canke rwaciwe impaga, canke rufatwank’urwaburanywe imbonankubone.
Ingingo ya 128
Impapuro zanditsemwo ivyashikirijwe mu rubanza urwari rworwose zica ku rwandiko rw’intahe n’umwanditsi w’imanzazigaterwako igikumu n’umucamanza hamwe n’umwanditsiw’imanza.
Ingingo ya 129
Habaye amakosa canke hakagira igitegetswe kwandikwabasimba cari kigenewe kwemeza ko urubanza rwakurikijeamategeko, ntibituma ruba impfagusa iyo biboneka ko rwisunzeamategeko, ufatiye ku nzandiko n’iyindi migirwa yo murubanza, ku cegeranyo c’intahe canke ku bundi buryo bwose.
Ingingo ya 130
Kuvuga ko urubanza rubaye impfagusa, bisabwa bicishijwe munzego z’ubwungururizo zitegekanijwe n’amategeko.
Ingingo ya 131
Umwe wese mu baburanyi arafise ububasha bwo gusaba ikopiy’urubanza iriko ingene ruzokwukirizwa. Urwo rwandiko rwitwaikopi y’urubanza iriko ingene ruzokurikizwa.Umumenyeshamanza abijejwe aca ashirako icandiko « ikopiy’urubanza iriko ingene ruzokurikizwa » imbere yuko ayihaumuburanyi yasvye kumenyeshwa urubanza.
Ikopi ya kabiri itangwa habanje gusohoka Itegeko ry’umukuruwa Sentare yaciye urwo rubanza.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 227
Ingingo ya 132
Urubanza rutegerezwa kwerekana mu ncamake ivyoababuranyi bashira imbere mu mburano zabo ; rutegerezwakubanza kwerekana imvo ziva ku vyabaye no ku mategekoimbere yuko rusomwa. Rumaze gusomwa, ababuranyibarashobora gusoma idosiye n’impapuro z’urubanza rwaciwe,mw’iyandikiro ry’imanza, kugira bamenye imvo n’imvanoy’ingingo yafashwe.
Urubanza rurerekana ingingo yafashwe mw’isozerwa ryarwo.
Agahimba ka 2Intangamarara y’urubanza
Ingingo ya 133
Intangamarara y’urubanza ni agace k’urubanza berekanamwoivyatumye haba amatati, ingene urubanza rwatohojwe, ingenerwaburanishijwe, ingene rwitabwa, ivyo ababuranyi bashiraimbere, n’imburano zabo.
Ingingo ya 134
Intangamarara y’urubanza ntiyerekana aho ihengamiye kugaciro k’ivyasiguwe, canke ngo ibihindure.
Agahimba ka 3Imvo n’imvano y’urubanza
Ingingo ya 135
Imvo n’imvano y’urubanza ni igice carwo Sentareyerekaniramwo ivyatumye ifata ingingo.
Ingingo ya 136
Imvo n’imvano irerekana ico abacamanza biyumvira kuvyashikirijwe, ivyahinyujwe, iciyumviro cakurikijwe kugirabakire canke banke ivyasabwe n’ivyashikirijwe.
Ingingo ya 137
Imvo n’imvano y’urubanza iba irimwo ivyo umuburanyiyasavye n’ivyo yitwaje mu mburano yashikirije, ico umwe weseyashira imbere, n’ico yagomba gushikako.
Umucamanza ntategerezwa kwishura kubidatomoye kandibidashobora guhinyuzwa, ku nsiguro zidafashe, ku bintubidasobanuye, ku vyo kugaruka ku vyitwariwe canke kuvy’umuntu yibaza canke yikeka.
Ingingo ya 138
Umucamanza ntashobora kwiga ivyasabwe n’imburanozatanzwe ubwanyuma abanza kwihweza ivyiyumvironyamukuru vyatanzwe ubwa mbere.
Ingingo ya 139
Umucamanza asubiramwo imanza arashobora kwemeza kumugaragaro canke atarinze kubigaragaza imvo n’imvanozatanzwe n’uwaciye urubanza mu rwego rwa mbere, ntiimubuzakandi kwongeramwo imvo zoba zihushanye n’izo mu rwego rwambere.
Ingingo ya 140
Imvo zidahuye n’amategeko, imvo zirimwo amadidane, imvozirimwo amakenga, imvo zo gukekeranya, n’imvo z’amakosabirabujijwe ko bazigarukako mu kurondera imvo n’imvano.
Agahimba ka 4Ingingo ifashwe mu rubanza
Ingingo ya 141
Ingingo ifashwe mu rubanza itegerezwa kwisunga ibiregovyakiriwe canke bitemewe vyashikirijwe Sentare ukuyemwoinsiguro zose zifitaniye isano n’imvo n’imvano y’urubanza.Itegerezwa kwandikwa mu buryo butomoye kugira ibe ari ryofatiro ryonyene mw’ikurikizwa ry’urubanza.
Ingingo ya 142
Umucamanza ategerezwa kugira ico ashikirije ku bisabwavyose kandi ku bisabwa vyonyene ahandi ho aba atumyeurubanza rushobora guhindurwa mu bwungrurizo canke murigasamburamanza.
Agahimba ka 5Ibijanye no guhindura hamwe no guha intumbero
imanza
Ingingo ya 143
Iyo urubanza rubaye ntabanduka, ntirugaruka ku rwego rwaSentare yaruciye.
Ingingo ya 144
Amakosa canke ivyibagiwe mu guca urubanza n’aho rwobarwaciwe ubutagisubirwamwo, birakosorwa na Sentare yaruciyecanke yarurungikiwe hisunzwe ivyo idosiye ivuga canke baravyeaho ukuri kuri.
Sentare yakira urubanza ironse ibirego vy’umuburanyi.Irashobora n’ukuruca ata n’umwe yitwaye.
Ingingo ihindura iyari yarafashwe ishirwa iruhande y’iyambere. Iramenyeshwa ababuranyi nkuko n’urubanzarubamenyeshwa.
Igihimba ca 3Imanza z’intangamarara
Ingingo ya 145
Urubanza rw’intangamarar ni urubanza ruciwe imbere yukoumucamanza agira ico avuze ku vyasabwe. Rucibwa kubw’ingingo z’itohoza canke ku bw’ingingo mfatakibanza.
Ingingo ya 146
Imanza zerekeye itohoza ni imanza zitegura imanza nyezina,canke imanza zibura izizocibwa.
Ingingo ya 147
Zitwa ko ari imanza zitegura imanza nyezina imanza zicibwazerekeye itohoza kandi zitumbereye gutegura urubanzakugirango rushobore gucibwa burundu.
Ingingo ya 148
Zitwa ko ari imanza zibura izizocibwa imanza zicibwa mu giheSentare itegeka guserura icemezo, uguhinyuza canke ingingoyerekana intumbero y’uko urubanza ruzohava rucibwa.
Agace ka 4Inkurikizi z’imanza zaciwe na Sentare
Ingingo ya 149
Urubanza rufata ingingo kuri bimwe canke ku vyasabwe vyose,ku bibazo bijanye n’iburanishwa, ibituma rutakirwa canke kuriivyo vyose vyadutse rumaze kuja mu ntahe, rufatwa nk’uruciweubutagisubirwamwo ku vyerekeye impari rwatatuye.
Ingingo ya 150
Urubanza rufata gusa ingingo y’itohoza canke ingingomfatakibanza, ntiruba rufise ububasha bw’urubanzarutagisubirwamwo.
Ingingo ya 151
Ingingo z’ubutungane ziba zibaye nk’Itegeko hagatiy’ababuranyi bonyene, ariko ntizishobora gufata abandi bantuzitega.
Ingingo ya 152
Gutanga insiguro y’ibwirizwa urisigurira ababuranye canke kubindi bijanye n’iryo bwirizwa, ntibica biriha intumbero
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
228 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
nk’iy’urubanza rutagisubirwamwo. Habayemwo impari,zitorerwa umuti mu gusambura urubanza bisabwe n’umwe mubaburanyi.
Igihimba ca 5Urubanza rwaciwe impaga
Ingingo ya 153
Uwitwariwe atarengutse, igihe bisabwe n’uwamwitwariyecanke n’ingingo ya Sentare, arashobora gusabwa kwitaba Sentareubugira kabiri, iyo atariwe nyene yiyakiriye umutaheumurengutsa.
Umutahe wo kurengukishwa muri Sentare usubira kurungikwahisunzwe ingene uwa mbere wari umeze.
Ingingo ya 154
Iyo uwitwaye atarengutse muri Sentare ata mvo zizwizibitumye, uwitwariwe arashobora gusaba ko bandika koyasivye ariwe yitwaye, canke agasaba ko urubanza ricibwaimpaga, ariko imbere y’uko aruca impaga, umucamanza abanzakuraba neza ko uwitwaye yamenyeshejwe igenekerezoy’ukuruburana.
Ingingo yo kwagiriza uwitwaye ko yanse kwitaba urubanzayashingishije ituma rutabandanya baba barabangira guharuraikiringo cuko rufutwa bigatuma umuburanyi asubira kuruvyuraahereye ku mutahe wa mbere wari watanzwe. Uwitwayeatasubiye kwitaba yarengukishijwe, ntasubira kwakirwa.
Ingingo ya 155
Iyo uwitwariwe atarengutse, urubanza ruca rucibwa impaga,ibirego vy’uwitwaye bikaba arivyo Sentare ifatirako mu gufataingingo iyo bifise navyo nyene ifatiro.
Umucamanza yemeza ko imburano z’uwitwaye zakiriwe igiheabona ko ibirego vyiwe bijanye n’amategeko, harimwo ukuri,kandi bikwije ivyangombwa vyo kwakirwa.
Urubanza rucibwa impaga iyo umutahe wo kurengukishwamuri Sentare utashikirijwe uwitwariwe ubwiwe. Ahandi ho bacabavuga ko rwaciwe imbonankubone.
Kudashikiriza imburano ntibivuga ko urubanza ruca rucibwaimpaga, iyo nyene kurengutswa yitavye Sentare.
Ingingo ya 156
Igihe hari abitwariwe benshi ku kintu kimwe, iyo umwe muriboatarengutse, urubanza ruba rwaburanywe ababuranyi bagiranyaimbonankubone ku bitwariwe barengutse igihe abo batarengutsebahawe umutahe mu ntahe zabo.
Abatumweko badahawe bonyene umutahe batitavye barindaguhamagarwa bushasha. Abitwariwe batumweko ubwa kabiribatarengutse, urubanza rufatwa nkuko rwaciwe imbonankuboneigihe umwe muri bo yitavye canke yaronse umutahe wa mberecanke uwa kabiri ata wundi uciyeko.
Bitabaye uko, urubanza ruba rwaciwe impaga.
Ingingo ya 157
Igihe uwitwariwe yamaze kurenguka adasubiriye kwitabaSentare canke yanse gutanga imburano zanditse, uwitwayearashobora gukurikirana imburano inyuma yuko uwitwariwebamutegetse kwitaba canke kwandika imburano ziwe. Ukwokumugabisha babigira bamusubiriramwo ivyanditse muri inongingo ya 157.
Haheze ikiringo c’iminsi cumi n’itanu uhereye aho iryogondozwa ryahereye, uwitwaye arashobora gutaka ko urubanzarwumvirizwa. Ico gihe baca bafata yuko urubanza rwaciweimbonankubone.
Ingingo ya 158
Iyo ata n’umwe akwirikije ibisabwa mu rubanza mu kiringogitegekanijwe, umucamanza arashobora, ubwo nyene, guca afutaurwo rubanza kandi iyo ngingo ikaba ntasubirwamwo.
Uwitwaye arashobora gushingisha urubanza ukundi gusha,kiretse iyo rumaze guta igihe.
Ingingo ya 159
Urubanza rwaciwe impaga canke rufatwa ko rwaciweababuranye bagiranya imbonankubone, iyo ruciwe hari umwemu baburana ari mu mahanga, rutegerezwa kwerekanaicakozwe kugira ngo umutahe ushikirizwe nyene kwitwarirwa.
Ingingo ya 160
Umuntu arashobora gusaba ko Sentare isubiramwo urubanzarwaciwe impaga, kiretse iryo subirwamwo ribujijwen’amategeko, cane cane nko mu manza z’akazi, cankez’ubudandaji.
Igihimba ca 6Kumenyesha imanza
Ingingo ya 161
Imanza zemerwa ko zamenyeshejwe n’urwandiko rurimwo :
1) inomero y’urubanza n’igenekerezo rwaciriweko ;
2) Sentare yaruciye ;
3) amazina, umwuga, n’aho ababuranyi baba canke babarizwa ;
4) itsitso ry’urubanza ; amazina y’umucamanza, y’umwanditsiw’imanza, iyo bikenewe, n’ay’abashikirizamanzabarushashemwo.
Kumenyesha urubanza bigizwe muri ubwo buryo biratumaurubanza rushobora kwunguruzwa. Iryo yunguruzwa naryoryemerwa nyene kwunguruza yeretse umwanditsi w’imanzaurupapuro rwerekana ko urubanza rwamenyeshejwe.
Ikurikizwa ry’urubanza riba habanje kuboneka urwo rukaratasirwemeza ko urubanza rwamenyeshejwe mu bice vyarwo vyose,navyo bikagaragazwa n’ikopi yarwo.
IGICE CA VUKWIHUTISHA URUBANZA
Ingingo ya 162
Mu gihe vyihuta, umucamanza arashobora gutegeka ko ingingozose zitahakanywe canke zijanye n’amatati zifatwa vyihuta.Ubwo bubasha bw’umucamanza bwerekeye imanza zosezitagengwa n’amategeko ziharije atuma zicibwa vyihuta.
Umucamanza arashobora n’ugufata ingingo yihuta yogukurikiza urubanza canke izindi ngingo zitegerezwa kuja mungiro vyihuta hakurikijwe ingingo zo kuva ku ya 243 gushika kuya 245, 276, 315 akarongo ka 3 na 329.
Ingingo ya 163
Mu bitegekanijwe mu ngingo iherutse, umucamanza arashingaumunsi n’isaha intahe izosasa, ingingo zihuta zigaca zifatwa.
Umucamanza arashobora n’ugushinga ko imitahe yokurengukishwa muri Sentare iba no ku minsi mikuru cankeiminsi itari iy’akazi.
Umucamanza ategerezwa kwandika urubanza rwihutirwakw’igenekerezo ruzocirirwako mu ntahe y’icese ivyo akabishiramu rwandiko rubigenewe. Iryo sango ritegerezwa kuba irya hafi.
Ingingo ya 164
Umucamanza araraba neza ko umwanya watanzwe hagatiy’umutahe wo kurengukishwa muri Sentare n’igihe intahe isasaukwiye kugirango uwarengukijwe ashobore gutegura ivyiregurovyiwe.
Ariko rero, umucamanza arashobora, biciye mw’Itegeko, gufataingingo yose yibaza ko ikenewe kugira ngo uburenganzirabw’ababuranyi bwubahirizwe mu kurindira ko intahe isasa.
Ingingo ya 165
Ingingo zifatwa vyihuta zama iminsi yose ari iz’imfatakibanza.Ntizifise inguvu nk’iz’urubanza ntabanduka zirashoboraguhindurwa canke gusubira kwihwezwa vyihuta mu gihe hariibishitse bishasha.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 229
Umucamanza aca imanza zihuta arashobora gusoma ibihanovyongera kuri bikuru no ku magarama. Arafise ububasha bwogufuta, ivy’agateganyo, ibihano yari yatanze.
Ingingo ya 166
Ingingo zifashwe vyihuta zikurikizwa vy’agateganyoatawuvyishinze kiretse umucamanza yashinze ko hatangwaingwati. Abonye bikenewe, umucamanza arashobora gushingako Itegeko ryiwe rikurizwa ubwo nyene.
IGICE CA VIUBURYO BWO GUSUBIRISHAMWO NO
KWUNGURUZA URUBANZA
IKIGABANE CA I
INGINGO RUSANGI
Ingingo ya 167
Ingingo zikurikira zitegekanya ingene bosubirishamwo imanza,ingene bazunguruza n’ingene ufise inyungu mu rubanza yosabakurujamwo rwungurujwe.
Ugusambuza urubanza, ugusubirishamwo imanza zabayentabanduka, amatati yega abacamanza n’ingene bitwariraabacamanza bamwe bamwe, bitegekanywa n’ibwirizwa rigengaSentare ntahinyuzwa.
Ingingo ya 168
Ibiringo vyo gusubirishamwo no kwunguruza urubanzabiharurwa bahereye ku munsi rumenyesherejweko bikavugwabashizemwo n’iminsi y’amakonje canke n’iminsi y’Imana.
Ikiringo kirafata na nyene kubimenyesha.
Ingingo ya 169
Mu gihe igihano gifatiwe abantu benshi icarimwe cankekigatangwa ibice bice kuri umwe umwe wese, umwe mur‘abobabimenyeshejwe niwe vyega.
Mu gihe urubanza ruzanira akarusho ababuranyi benshibasangiye inyungu, umwe wese muri bo arashoborakwishimikiza ukumenyeshwa kwagizwe n’umwe muribagenziwe.
Ingingo ya 170
Ku mwana atarakwiza imyaka 18 canke ku wukuze adakwijeibikenewe ngo yigenge, ico kiringo giharurwa kuva umunsiurubanza rumenyesherejwe umurezi wiwe canke usubiriraumureze.
Ingingo ya 171
Iyo bishitse ko mu gihe c’ugusubiramwo canke kwunguruzaimanza utari afise ububasha bwo kwiserukira aburonka, cankeuwari abufise akabwakwa amaze kumenyeshwa urubanza, icokiringo gica kiba kirabangiriye guharurwa.
Basubira kugiharura bahereye ku munsi uwumuserukiraaronkeye urupapuro rwo kumenyeshwa urubanza.
Ingingo ya 172
Ikiringo co gusubiramwo canke kwunguruza urubanzagihagarikwa n’urupfu rw’uwari yaramenyeshejwe urubanza mubaburanyi.
Ico kiringo gitangura abasigwa biwe bamenyeshejwe urubanza,nabo bagaca bagena uwubaserukira bose hamwe.
Ingingo ya 173
Ikiringo co gusubirishamwo urubanza rwaciwe impaga cankeco guheba kwunguruza urubanza gituma urubanza rubangiragukurikizwa.
Ugusubirishamwo urubanza canke ukurwunguruza navyonyene bituma rubangira gukurikizwa.
Ikiringo co kwungururiza muri gasamburamanza nokwungururiza muri gasamburamanza ntibihagarika gushira mu
ngiro urubanza rwaciwe kiretse mu gihe bitegekanijwen’Ibwirizwa honyene. Ukwungururiza muri gasamburamanzabitunganywa n’ibwirizwa rigenga Sentare ntahinyuzwa.
Ingingo ya 174
Ibitegekanijwe mu ngingo ya 173 ntibibuza ko imanza zaciwezikurikizwa iyo gukurikizwa vy’agateganyo bigirwa kubw’amategeko canke vyategetswe.
Ingingo ya 175
Ivyerekeye kwunguruza urubanza bimenyeshwa neza na nezabiciye mu rwandiko basanza umuburanyi ku muhana iwe, abayanditse mu rubanza rwaciwe.
Ingingo ya 176
Mu gihe uwashikirijwe inzandiko z’urubanza rwaciwe yapfuye,inzandiko zo kwunguruza urubanza zirashobora gushikirizwaabasigwa biwe bose atawe vyitirirwa iyo batatoyeuwubibaserukiramwo.
Ingingo ya 177
Mu gihe uwemewe n’amategeko aserukira umuburanyiatakibijejwe, arashobora kwunguruza urubanza kw’izina ryiweiyo arufisemwo inyungu. Barashobora nawe nyenekumwungururiza urubanza.
IKIGABANE CA II
UGUSUBIRISHAMWO URUBANZA RWACIWEIMPAGA
Ingingo ya 178
Ugusubirishamwo urubanza rwaciwe impaga, ni ugusabagusubirishamwo urubanza bisanzwe mu ntumbero yokwunguruza imanza zaciwe ababuranyi bose batarengutse.
Imanza zaciwe, ku rugero rwa mbere, mu vyerekeye akazi nomu vyerekeye ubudandaji, ntizishobora gusubirishwamwo. Nicokimwe no mu bindi bisata vy’ubuzima, aho ibwirizwaribihakana. Umucamanza arubahiriza ingendo yo kuja arahaijambo ababuranyi bose.
Ingingo ya 179
Ugusubirishamwo urubanza bivuguruza imbere y’iyo Sentarenyene yari yaruciye, ivyari vyafatiweko mu kuruca impagakugira bisubire kwihwezwa, hafatwe izindi ngingo kandi zicemu mategeko.
Urubanza rusubirishijwemwo rusamburwa gusa n’Urundiruruvuguruza.
Ingingo ya 180
Ikiringo gitegekanirijwe ugusubirishamwo urubanza ni iminsimirongo itatu.
Yamara rero, iyo urubanza rwaciwe rutamenyeshejwenyenerwo, amaso mu yandi, uwatsinzwe arashoboragusubirishamwo urubanza igihe cose rutarahera gushirwa mungiro.
Iyo umucamanza azi we nyene canke abibariwen’abamwegereye, ababanyi canke abagenzi b’uwitwariwe ko uyuatashoboye kumenyeshwa uko vyagenze, arashobora, gushingaikiringo co gusubirishamwo urubanza igihe we abona kogikwiye. Ico gihe co kwongera ikiringo, kidaciye congerezwa atagisabwe, canke kidasabwe, uwo yatsinzwe arashoboragukurwako ikiringo cari gitegekanijwe kandi agashoborakwemererwa gusubirishamwo urubanza mu kwerekana kobiturutse ku mvo y’uko atariho yari canke ko yari arwaye bimwebikomeye, atashoboye kumenyeshwa uko vyagenze mu rubanza.
Ingingo ya 181
Isubirishwamwo ry’urubanza rigizwe n’urwandikorutororokanya mu ncamake ivyo umuburanyi akeneye mumburano ziwe.
Ritunganywa n’umuburanyi canke uwumuserukira yatumyekoko, biciye mu kubivuga bikandikwa n’umwanditsi w’imanzawa Sentare yaciye urubanza, canke bigaca mw’ikete ricishwa
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
230 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
muri posita rirungikirwa umwanditsi w’imanza w’iyo Sentareakemeza ko yarironse canke bikarungikanwa intumwa icaironswa urwandiko rwemeza ko ishikanye ubutumwa.
Igenekerezo ryo gusubirishamwo urubanza ni rirya icociyumviro kiba camenyesherejweko mw’iyandikiro ry’imanzacanke rirya umwanditsi w’imanza wa Sentare aba yakiririyekoikete rivyerekeye.
Yamara rero, isubirishwamwo ry’urubanza rirashoborakugirwa bidaciye mu nzira y’ubutungane, canke bitangajwebafatiye ku vyakozwe n’umumenyeshamanza, ku vyegeranyovy’ivyafashwe, bigasabwa nyene gusaba gusubirishamwourubanza agasubira mu minsi cumi, kiretse ibihe vyongerezwabaravye iyo aba bihora bikurikizwa bimurenganye adasubirakwakirwa kandi ishirwa mu ngiro rikabandanya bidasubiriyegutegekwa.
Umwanditsi w’imanza wa Sentare aronse urwandiko rwogusubirishamwo urubanza ararengukisha uwitwaye ubwa mberenkuko asanzwe abigira kandi mu bihe bisanzwe birangurirwakoico gikorwa.
Ingingo ya 182
Urubanza ruratohozwa kandi rugacibwa hakurikijweamategeko akoreshwa imbere ya Sentare yaciye urubanzarwasubirishijwemwo.
Ingingo ya 183
Umuburanyi aciriwe urubanza rw’impaga ubwa kabiri ntasubirakwemererwa gusubirishamwo urubanza.
IKIGABANE CA III
UKWUNGURUZA URUBANZA
Igihimba ca 1Ingingo nkuru nkuru
Ingingo ya 184
Ukwunguruza urubanza bigirwa ku manza zaciwe ku rugerorwa mbere n’amasentare, bisaba guhindura n’ugufuta ingingoy’umucamanza yatanguye guca urubanza bikagirwan’umucamanza urubanza rwungururijweko.
Ingingo ya 185
Imanza izo arizo zose zaciwe n’Amasentare ku rugero rwambere zirashobora kwunguruzwa naho zoba ari izokwumvikanisha abatase kiretse iyo bitunganijwe ukundi.
Ingingo zijanye n’ivyerekeye gutunganya ubutunganentizishobora kwunguruzwa.
Ingingo ya 186
Imanza zicibwa zivuga gusa igice c’ivyasabwe kandi zitegekaingingo zo gutohoza canke ingingo mfatakibanza zishoborakwunguruzwa ubwo nyene nk’imanza zicibwa zishingiye kuvyasabwe vyose.
Bigirwa gurtyo no ku manza zicibwa zidashitse kw’itsitsory’urubanza. Muri ico gihe, umucamanza yungururijwekourubanza yakira urubanza rwose.
Igihimba ca 2Uburenganzira bw’ukunguruza urubanza
Ingingo ya 187
Uburenganzira bw’ukwunguruza bufiswe n’umuburanyi weseabikeneye, iyo atabihevye. Arunguruza we nyene ubwiweurubanza canke agaserukirwa n’uwundi yahaye urwandikorudasanzwe abimukorera. Umushingwamanza yahawe urworubanza rw’umuburanyi ategerezwa kuba afise urwandikorudasanzwe rumuha ubwo bubasha yaronse urubanzarwungurujwe rumaze gucibwa. Umushikiranganji w’ubutunganeniwe aserukira Leta mu kwunguruza urubanza. Ariko,Umushikiranganji wese arashobora gutanga mwene urwo
ruhusha mu vyerekeye amatati yadutse mu bushikiranganjiajejwe.
Ingingo ya 188
Iyo urubanza rurimwo abitwaye benshi bashize hamwe cankeb’intamenwa, umwe muri bo yunguruje urubanza basangiye,abasigaye bagumana ububasha bwo kwunguruza, kiretsebahisemwo kwifatanya na we mu rubanza.
Bisubiye, urubanza rwungururijwe umwe mu baburanyi, ruhauwunguruje uburenganzira bwo kurengukisha mu ntaheabasigaye. Ihamagarwa rya bose rishobora gutegekwa bitarinzegusabwa.
Ingingo ya 189
Abantu bashobora kwumvikana mu matati yabo barashoborakutunguruza urubanza. Ivyo bishoboka gusa muvyo basangiyekandi bashobora gukoresha uko bishakiye. Uguhebakwunguruza urubanza ntibishobora kuba imbere y’uko amatatiavuka.
Agahimba ka 1Ukwunguruza nyamukuru kw’urubanza
Ingingo ya 190
Mu vyerekeye amatati, iyunguruzwa ry’urubanza ntirishoborakuba atari ku baburanye mu rubanza rwa mbere. Ababuranyebose barashobora kwunguruza. Mu vyerekeye ukwumvikanishaabatase, urubanza rwungurujwe rurakirwa n’aho abandibaburanyi bataba bitavye intahe.
Agahimba ka 2Iyunguruza ryihetse ku rindi
Ingingo ya 191
Iyunguruzwa ry’urubanza rirashobora kwongerwako ikijegiturumbuka kivuzwe n’uwungururijwe acerekeje ku wungurujecanke abandi bungururijwe.
Ingingo ya 192
Iyunguruzwa ry’urubanza rifatiye ku bishitse giturumbukarirashobora kandi kugirwa n’umuntu wese n’aho atobayarungururijwe iyo yaburanye mu rubanza rwa mbere.
Ingingo ya 193
Iyunguruza ry’urubanza rirashobora kugirwa biturutse ku mvoiyo ariyo yose n’aho uwarwunguruje ataba agifise uburenganzirabitumwe n’uko yarengeye ikiringo gitegekanijwe kugirayiburanire we nyene. Muri ico gihe, uwo yunguruje yakirwa iyourubanza nyamukuru rushobora kwakirwa.
Agahimba ka 3Ukwunguruza urubanza rw’intangamarara
Ingingo ya 194
Urubanza rutegura urubanza nyezina rwungurujwentirwakirwa.
Ingingo ya 195
Urubanza rubura uruzocika rwunguruzwa urubanza rumariraamatati rutaracika ; nico kimwe no ku manza zabaye ziratangaigice c’ivyaburanywe.
Ingingo ya 196
Iyo urubanza rubura uruzocika rwungurujwe, hanyumarugahindurwa kandi biboneka ko amatati ashobora gucaamarirwa, Sentare y’iyungururizo ishobora guca igirako igacaurubanza rumwe ruheza n’amatati yose.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 231
Igihimba ca 3Ikiringo co kwunguruza urubanza
Ingingo ya 197
Ikiringo co kwunguruza ni iminsi 30 iyo bitatunganijwe ukundi.Ku vyerekeye imanza zaciwe imbonankubone ico kiringogiharurwa kuva ku munsi abashobora gusaba gusubirishamwourubanza bataba bacakirwa.
Ingingo ya 198
Ikiringo co kwunguruza urubanza gihagarikwa n’ukoumuburanyi apfuye. Ikiringo gishasha gitangura guharurirwa basamuragwa kuva bamenyeshejwe urubanza rwaciwe bisabwen’uwubaburanya.
Igihimba ca 4Uko iyunguruzwa rimeze
Agahimba ka 1Ukwunguruza urubanza mu biraba amatati
Ingingo ya 199
Umuburanyi canke uwo yahaye ububasha niwe yunguruzaurubanza bikandikwa n’umwanditsi w’imanza wo muri Sentarey’iyungururizo, canke bigacishwa mu rwandiko rwo mw’ipositarurungikirwa umwanditsi w’imanza w’iyo Sentare, akemeza koyaruronse canke rugashikanwa n’intumwa iheza igasubiranainyuma urwandiko rwemeza ko yarishikanye.
Igenekerezo urubanza rwungururijweko ni iryo uwungurujeabamenyesherezako mw’iyandikiro ry’imanza canke igenekerezoumwanditsi w’imanza wa Sentare yakiriyeko ikete ryokwunguruza urubanza.
Ingingo ya 200
Mu gihe categekanirijwe ukwunguruza urubanza, uwungurujeategerezwa guhereza umwanditsi w’imanza ibikenewe vyosekugira uwungururijwe arungikirwe umutahe umurengutsaimbere ya Sentare y’iyungururizo.
Ingingo ya 201
Umwanditsi w’imanza yakiriye urwandiko rwo kwunguruzaurubanza ararengutsa uwungururijwe mu migirwa no mu bihebitegekanijwe n’iki gitabu c’amategeko.
Ingingo ya 202
Uwunguruje ategerezwa gushikiriza iyandikiro ry’imanza ryaSentare, ataraho ntirwakirwa, urubanza rwitwariwe kiretse hariibituma vyamubujije kurutanga. Irungikwa ry’urubanza muriSentare y’iyungururizo rigirwa mu buryo bwerekana amategekoyakurikijwe, imvo nkurunkuru z’ibirego vy’ababuranyi bosendetse, akarungika n’ibindi vyakozwe bikenewe bijanyen’amategeko yisunzwe kugira ashire ahabona imvo n’imvanoz’urubanza. Intangamarara y’urubanza irashikirizwa yose ukoiri. Nico kimwe no ku vyerekeye ingingo nshimikiro zashikirijwen’ababuranyi.
Ingingo ya 203
Urubanza rwungurujwe ikiringo carenze ntirwakirwa, nahorwoba rwungurujwe bitagizwe n’ababuranyi, kiretse hari ibitumavyumvikana vyatumye urubanza rutungururizwa mu kiringogitegekanijwe n’amategeko.
Ingingo ya 204
Iyunguruza ry’ibindi vyitaye mu rubanza rigirwa mukubitangariza mu ntahe y’icese canke rikagirwa n’ukohashikirijwe imburano zanditse kandi amakopi yazoakarungikirwa abandi baburanyi.
Ingingo ya 205
Sentare y’iyungururizo ibwirizwa kwisunga amategeko amwen’amasentare yaciye urubanza rwungurujwe mu vyerekeyeimitahe yo kurengukisha ababuranyi muri Sentare, itohozwa
ry’urubanza, imburano, isomwa ry’imanza hamwe n’ingenezishirwa mu ngiro.
Agahimba ka 2Ukwunguruza imanza atari iz’amatati
Ingingo ya 206
Iyunguruzwa ry’imanza zaciwe mu vyerekeye imanza atariiz’amatati rigirwa riciye mu rwandiko rusanzwe.
Ingingo ya 207
Sentare y’iyungururizo ishingwa urubanza iyo uwungurujeashikanye mw’iyandikiro ry’imanza imburano ziwe ziteyekoumukono wiwe canke w’uwumuserukira, ikiringo c’ukunguruzakitararengana.
Urwo rubanza rutegurwa rugatohozwa kandi rugacibwahakurikijwe amategeko akurikizwa muri Sentare yaruciye ubwambere.
Agahimba ka 3Ukwunguruza mu vyerekeye ukwihutisha urubanza
Ingingo ya 208
Mu bihe vyose hari ivyihuta, umukuru wa Sentarey’iyungururizo arashobora gufata ingingo zose zemerwa na bosecanke zitumwa n’uko hari amatati.
Ingingo ya 209
Iyo ikurikizwa ry’urubanza ivy’imfatakibanza ritasomwe mugihe rirekuwe, umuburanyi abishatse arashobora gusaba korigirwa mu ntahe y’icese urubanza rusubirwamwo rutaracika.
Ingingo ya 210
Iyo ikurikizwa ry’imfatakibanza ry’urubanza ryategetswehatisunzwe ibihe bitegekanijwe n’ibwirizwa, uwungurujearashobora kwiregura mu ntahe y’icese, harungitswe umutahew’igihe gitoyi. Irengukisha ry’uwungururijwe ribaye muri ivyobiringo rihagarika ingendo yose ikurikiza ivy’imfatakibanzaurubanza.
Ibihakanywe gukurikizwa vyihwezwa mu ntahe y’icese yambere uwunguruje atarandika ivyo azorungikira Sentarey’iyungururizo. Bisubirirwa n’ikopi y’urubanza ruriko ikidodokivuga ko rutegerezwa gukurikizwa.
Sentare y’iyungururizo ifata ingingo ijanye n’ivyahakanywegukurikizwa gusa igaca irungika urubanza rutaraherakuburanishwa mu yindi ntahe y’icese ikarushingira igenekerezomu ngingo ifata iyanditse. Adashaka kwagirizwa ko yanse gucaurubanza, umucamanza ashinzwe urubanza rwungurujweategerezwa kuruca mu kiringo c’iminsi icumi n’itanu intahey’icese ibaye ku vyerekeye ibihakanwa gushirwa mu ngiro.
Igihimba ca 5Inkurikizi z’ukwunguruza urubanza
Ingingo ya 211
Ukwunguruza urubanza gushira amahinyu ku rubanza rwarirwacitse imbere ya Sentare y’iyungururizo kugira rusubirekwihwezwa mu mero yarwo, muvyo rushingiyeko kandihakurikijwe amategeko.
Ingingo ya 212
Uwunguruje ashikiriza Sentare y’iyungururizo ibikuru bikuruanegura ku mugaragaro canke akikiririza hamwe n’ivyo bijanye.
Ishikirizwa ry’ibintu rigirwa na Sentare riba ku bintu vyose mugihe urubanza rwungurujwe rutagarukira ku bintu bimwe bimwevyashikirijwe canke iyo ico ababuranyi bapfa ari kimwe rudendekitagaburwa.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
232 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
Ingingo ya 213
Mu rubanza rwungurujwe nta gishasha gisabwa kitari murubanza rwa mbere kiretse iyo ari gusubiriza canke iyo igisabwegishasha gifise intumbero yo gusigura urubanza nyamukuru.
Ababuranyi barashobora kandi gusaba inyungu, amafarangaashingwa na Sentare hamwe n’ibindi bafitiye uburenganziravyaharuwe kuva urubanza rwungurujwe hamwe n’indishiy’akababaro ku vyononekaye kuva urwo rubanza rusomwe.
Ingingo ya 214
Kugira basigure neza ivyo bipfuza vyashikirijwe muri Sentareya mbere, ababuranyi barashobora kwishimikiza ibiregon’ivyiyumviro bishasha, bagatanga inzandiko nshasha cankeivyemezo bishasha.
Ingingo ya 215
Icipfuzwa ntikiba gishasha igihe gifise intumbero zimwe n’icaricarasabwe muri Sentare ya mbere naho ishingiro ryaco muvy’amategeko ritaba risa n’ivyari vyasabwe mu ntango.
Ingingo ya 216
Ababuranyi barashobora kandi gutomora ivyo bipfuzabitumvikanye neza mu rubanza rwa mbere kwongerakoibisabwa bisa n’ibivyihetseko, inkurikizi zavyo cankeibivyongerako.
Ingingo ya 217
Iyo Sentare y’iyungururizo ishikirijwe urubanza rushingaingingo yo gutohoza urubanza canke ishikirijwe urubanzaruvuga ingendo itegerezwa kwisungwa mw’iburanishwa arikorwaciye rurangiza imburano, irashobora gushikiriza ibintu bigizeurubanza bitihwejwe iyo ibona ko bibereye ko ivyo bintu bironkainyishu ubutagisubirwamwo.
Ingingo ya 218
Sentare y’iyungururizo irashobora, aho urubanza rugeze hose,gutegeka ko imanza ziswe ukutariko muri Sentare ya nyumazitabandanya gushirwa mu ngiro.
Ingingo ya 219
Mu gihe hungururijwe urubanza nyamukuru mu ntumbero yogutesha umwanya uwungururijwe canke ku mvo zo kurenzaurugero, uwunguruje arashobora gufatirwa ingingo ya gutangaindishi biciye mu rubanza rubisigura neza.
IKIGABANE CA IV
GUSABA SENTARE GUSUBIRAMWO URUBANZAYACIRIYE ABANDI
Ingingo ya 220
Umuburanyi wese arashobora gusubirishamwo urubanzarwaciwe atarimwo iyo abona ko hari ivyo rwamurenganijemwoyari afitiye uburenganzira, iyo mu gihe rwaburaniswa yaba weyaba abamuserukira batahamagawe.
Ingingo ya 221
Gusubirishamwo urubanza ku muntu atari murirwo biba muntumbero y’ukurusubirishamwo ku nyungu yiwe.
Hihwezwa ingingo zafashwe zinegurwa n’uwo yituye Sentarekugira isubire guca urubanza izifatiyeko kandi hakurikijweamategeko.
Ingingo ya 222
Urubanza urwo arirwo rwose rurashobora gusubirishwamwon’uwo ariwe wese atari murirwo arufisemwo inyungu iyoibwirizwa ritabitegekanya ukundi.
Ingingo ya 223
Uwusubirishijemwo urubanza rwaciriwe abandi arufisemwoinyungu yitura Sentare yaruciye mu minsi mirongo itandatukuva arumenye.
Urubanza rurashobora gucibwa n’abacamanza baruciye ubwambere.
Ingingo ya 224
Mu gihe ababuranyi benshi bari hamwe mu runanibasubirishijemwo urubanza rwaciriwe abandi, isubirishamworyakirwa gusa iyo abo bose barengukijwe muri Sentare.
Ingingo ya 225
Imanza zaciwe ubutagisubirwamwo zinyaga amatungo y’iragizirakurikizwa ku baburanyi batsinzwe naho hoba abasabakuzisubirishamwo batari bazirimwo ariko nibibabuza kubisaba.
Ingingo ya 226
Urubanza rwose rusubirishijwemwo ntibibuza ko rukurikizwakiretse, bisabwe n’umuburanyi, umucamanza afise urubanzaabangiriye kw’ishirwa mu ngiro ryarwo.
Ingingo ya 227
Ingingo itunganiriza abasubirishijemwo urubanza rwaciriweabandi kubera inyungu barufisemwo ivuguruza cankeisubiramwo urubanza rwaciwe mu ngingo zirenganyauwarusubirishijemwo zonyene.
Urubanza rwaciwe ubwa mbere rugumana ububasha bwarwohagati y’ababuranyi, no ku vyerekeye ivyahinduwe impfagusamu rubanza rwasubiwemwo.
Yamara rero, ingingo zafashwe mw’isubirwamwo ry’urubanzazerekeye abo bose barengukishijwe canke bari muri rwo.
IGICE CA VIIISHIRWAMUNGIRO RY’IMANZA N’IFATISHWA
RY’IBINTU
IKIGABANE CA I
INGINGO NKURU NKURU
Ingingo ya 228
Ingingo z’ubutungane zirakurikizwa mu karere k’Igihugu cosec’Uburundi.
Ingingo ya 229
Nta rubanza na rumwe, nta ngingo n’imwe ishobora gushirwamu ngiro idakurikije uburyo bwo gushira mu ngiro burimwo ibicebibiri :
igice ca mbere gishirwa ku rupapuro rwa mbere, ica kabirigishirwa ku rupapuro rwa nyuma kandi bikavuga gurtya :
– ku rupapuro rwa mbere :
« Republika y’Uburundi »,
« kw’izina ry’abarundi ».
(a) ku vyerekeye imanza zaciwe n’ingingo za Sentare : « Sentareya . . . canke Umukuru wa .. , yaraciye urubanza canke yarafasheingingo zikurikira . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . ».
(b) kuvyerekeye ubutumwa bwo gukurikiza ingingo za Sentaren’izindi nzandiko z’amasentare zitegerezwa gukurikizwa :
« (izina ry’umukuru abifitiye ububasha) yaratanze ubutumwabwo … canke yaratanze urwandiko rukurikira . . . . . . . . . . . . . . . . . . . . ».
– ku rupapuro rwa nyuma :
« Kubera ivyo, Umukuru w’Igihugu atumye kandi ategetseabamenyeshamanza bose babisabwe, gukurikiza urubanza,ubutumwa, urwandiko canke iyo ngingo yo gushirwa mu ngiro ;
« Ku bashikirizamanza kizigenza n’abashikirizamanza baRepublika, basabwe kuvyikurikiranira, abatwara abajejweumutekano n’intwazangabo basabwe kubifashamwo igihe cosebazoba babisabwe hisunzwe amategeko ;
« Kubera izo mvo, uru rubanza (urubanza, ubutumwa cankeurwandiko) canke iyi ngingo yashizweko umukono n’ikidodo na… ».
Urwandiko ruriko uwo mugirwa w’ugukurikiza urubanzarwitwa urwandiko rutegeka ko urubanza rukurikizwarushikirizwa umuburanyi. Iyo kopi irerekana igitigiri c’impapurozakoreshejwe hamwe n’igitigiri c’amahera y’amagarama.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 233
Ingingo ya 230
Iyo urubanza rwakurikijwe ku gushaka kw’ababuranyi,uwujejwe kumenyesha n’ugukurikiza imanza atarinzekubijamwo, ababuranyi bategerezwa kuriha bose atagusiganaamatagisi ategerezwa gushirwa mu kigega ca Leta.
Ingingo ya 231
Ishikirizwa ry’ikopi iriko ikidodo gitegeka ikurikizwary’urubanza canke ry’ingingo ya Sentare ku wujejwekumenyesha no gukurikiza imanza rivuga ko aba aronseububasha bwose bwo gushira mu ngiro ivyo bintu iyo ishirwamu ngiro ryavyo ridakeneye ububasha budasanzwe.
Ingingo ya 232
Nta shirwa mu ngiro na rimwe rishobora kuba imbere y’isahacumi na zibiri zo mu gitondo n’inyuma y’isaha zibiri zomw’ijoro, canke ku minsi mikuru kiretse uruhusha rwatanzwen’umucamanza.
Ingingo ya 233
Imanza ntizishobora gukurikizwa kiretse kuva igihe, zabayeizitagisubirwamwo, kubera zitagishobora kwunguruzwa muburyo butuma zibangira gushirwa mu ngiro, kiretse hategetsweishirwamungiro mfatakibanza.
Ingingo ya 234
Kiretse iyo hari amasezerano afatiye ku migenderanire iri hagatiy’ibihugu avuga ibihushanye, ingingo z’ubutungane zafashwen’amasentare yo mu mahanga ntizishobora gushirwa mu ngiromu karere k’Uburundi kiretse iyo ishirwa mu ngiro ry’izo ngingoryamaze kwemezwa na Sentare y’Uburundi.
Ingingo ya 235
Imanza zitegeka ingingo mfatakibanza canke zo kuzigamazama ari izo gukurikizwa vy’agateganyo naho zoba zungurujwe.
Ingingo ya 236
Ishirwa mu ngiro ry’urubanza riba bisabwe n’umuburanyiabifisemwo inyungu.
Rigirwa n’uwujejwe kumenyesha n’ugukurikiza imanzaakukira Sentare yafashe ingingo ku rugero rwa mbere cankeakukira Sentare ingana n’iyafashe ingingo yo gukurikiza iri mumbibe z’aho iyo ngingo itegerezwa gukurikizwa.
Abajejwe kumenyesha no gukurikiza imanza bigengabarashobora kugenwa n’Itegeko ry’Umushikiranganjiw’ubutungane. Ibisabwa kugirango bemererwe be n’ikiringon’ukugene barangura umwuga wabo bishingwa n’Itegekory’Umukuru w’Igihugu.
Ku vyerekeye amatongo yo mu gihugu hagati atanditswe,iyandikiro ry’imanza rya Sentare yafashe ingingo ku rubanzacanke ku ngingo yungurujwe, rica rirungikira iyo ngingo Sentarey’intango ibifitiye ububasha kugirango ibikurikize yisunzeurubanza rwaciwe canke ingingo yafashwe.
Ingingo ya 237
Iyo uwarushije mu ngingo iriko irashirwa mu ngiro yitavyeImana, abasigwa biwe bakurikirana iryo shirwa mu ngirobategerezwa kwerekana ivyemeza ko babifitiye ububasha. Iyohari abanse kwemera ubwo bubasha, uwujejwe gukurikiza iyongingo aca agira icegeranyo agaca abarungika gutorera inyishuico kibazo imbere ya Sentare ibifitiye ububasha.
Arashobora mugabo guca aba arafatishije ibintu ku nezay’abasigwa.
Iyo uwatsinzwe yitavye Imana, ishirwa mu ngiro ricarikurikiranwa buno nyene ku basigwa biwe.
Ingingo ya 238
Imanza zaciwe ntizishobora gukurikizwa imbere yukoabatsinzwe baronka amakopi y’izo manza babimenyeshwahakoreshejwe ikopi, hariko ikidodo gitegeka ko zikurikizwa,kiretse iyo urubanza rushizwe mu ngiro ku gushakakw’ababuranyi.
Ingingo ya 239
Kiretse iyo ari umwenda ushigikiwe n’ingwati ifatiye kubitimuka, w’ingwati canke w’akarusho, canke ari umwendaurihwa imbere y’iyindi, ishirwa mu ngiro rikurikiranwa ubwambere ku matungo yimuka nterurwa hanyuma, mu gihe ivyobidakwiye, rica rikurikiranwa ku matungo atimuka.
Ingingo ya 240
Ishirwa mu ngiro, ata kibangiriweko, ry’urubanza rutashizwekoikidodo gitegeka ko rukurikizwa rifatwa nk’isezerano, kiretse mugihe iryo sezerano ritarekuriwe n’amategeko.
Ingingo ya 241
Uwujejwe kumenyesha no gukurikiza imanza arashoboragusaba abajejwe umutekano kugira bamwugururire imyangoy’amazu n’iy’ivyumba hamwe n’ibintu vyimuka iyo ishirwa mungiro ry’ico gikorwa ribisaba. Gusaba abajejwe umutekanobigirwa n’Umushikirizamanza wa Republika abisabwen’uwujejwe kumenyesha no gukurikiza imanza.
Urwandiko rusaba abajejwe umutekano rutegerezwaguherekezwa n’ikopi y’ingingo itegerezwa gukurikizwan’icegeranyo cerekeye, iyo vyashitse, inama y’uwo ikurikizwary’iyo ngingo ritegerezwa kubako.
Ingingo ya 242
Umuburanyi wese arashobora gusaba umwanditsi w’imanzawa Sentare urubanza rwabwirizwa kwungururizwamwo,urwandiko rwemeza ko ata subirishamwo, ata yunguruzwacanke ata sambuzwa ry’urubanza vyabaye. Umwanditsiw’imanza abisabwe abwirizwa kubikora, ahandi ho arahanwa.
Ingingo ya 243
Irekurwa ry’ivyari bifashwe, ihanagurwa ry’ingwati,ivyanditsweko, kwimura ivyari vyanditswe ahandi cankeimenyekanishwa hisunzwe ibiri mu rubanza rwacitse,bitegerezwa kugirwa biba vyagizwe mu mategeko iyo bigizweherekanywe, n’uwubifisemwo inyungu ikopi yemejwe ko isan’urubanza nyamuko canke iyo herekanywe, urubanzarudategerezwa gukurikizwa naho rwoba rwungurujwe, icemezako rutegerezwa gukurikizwa. Ico cemezo gishobora kuba ariurwandiko rwatanzwe n’iyandikiro ry’imanza.
Ingingo ya 244
Ishirwa mu ngiro mfatakibanza ata ngwati irinze gusabwarirategekwa, ata n’ikirinze gusabwa, iyo hariho urwandikorwemejwe n’amategeko, iyo hari umuhango wemejwen’uwawutanze, canke iyo hari urubanza yaheruka gutsindwakorutungurujwe.
Ishirwa mu ngiro mfatakibanza rirashobora gutegekwagushingwa ku gice cerekeye aho yatsinzwe gusa.
Ingingo ya 245
Ishirwa mu ngiro mfatakibanza rikoreshwa ryisunga kohategerezwa kurihwa ibintu vyose biba vyononywe n’iryoshirwa mu ngiro iyo urwo rubanza ruhindutse mu nyuma.
Ingingo ya 246
Iyunguruzwa ry’imanza zaciwe mu vyerekeye ishirwa mungiro rigirwa mu minsi itarenze cumi n’itanu mbere y’umurwiw’abacamanza bo muri Sentare ikurira ubwo nyene iyaciye izomanza.
IKIGABANE CA 2
IFATWA RY’IBINTU
Igihimba ca 1Ingingo nkuru nkuru
Ingingo ya 247
Uwuheraniwe wese arashobora, yishimikije urwandiko rurikoikidodo gitegeka ikwirikizwa, gukurikirana iyishuzwary’amahera aheraniwe n’inyungu zayo mu gufatisha amatungoy’umuheraniye agizwe n’ivyimuka canke n’ibitimuka.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
234 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
Ifatwa ry’ibintu rikorwa n’urwandiko rw’uwujejwekumenyesha n’ugukurikiza imanza.
Ingingo ya 248
N’iyo ata rwandiko ruriko ikidodo gitegeka ikurikizwary’ingingo ruriho, iyo vyihutirwa n’iyo biboneka ko umwendaushobora guheranwa ubutakigaruka, umucamanza arashobora,abisabwe n’uwuheraniwe, gutanga uruhusha rwo gufatakugirango bibikwe, ibintu vyose vy’uwuheranye bishoboragufatwa canke igice cavyo. Ifatwa kugirango bibikwe ry’ibintubitimuka rigirwa mu kubuza ko ivyo bintu bihabwa uwundihisunzwe igitabu c’amategeko agenga amatongo mu Burundikigenga imanza z’amatongo. Iyo iryo fatwa ry’ibintu risabwe mubutungane, umucamanza arashobora kuritegeka mu rubanza acarikamara ikiringo ategerezwa kwerekana muri urwo rubanza.
Ingingo ya 249
Mu gihe amenyekanisha urwo ruhusha akongera agafatishaibintu, uwuheraniwe aha umutahe w’ukurengukishwa muriSentare uwuheranye kugira ngo iryo fatwa rigire ishingiro.
Ingingo ya 250
Ntibishobora gufatwa :
1. ivyambarwa vy’uwafatirwa ibintu, vy’uwo bubakanyen’ivy’abantu atunze ;
2. ibikenewe mu buryamo bw’uwafatirwa ibintun’ubw’umuryango wiwe ;
3. ibifungurwa bitegekanijwe uwufatirwa ibintu n’umuryangowiwe ;
4. ibitabu, inzandiko n’ibikoresho bikenewe mu kazik’uwufatirwa ibintu ;
5. Imashini n’ibikoresho bikenewe mu kwigisha n’ukuranguraubuhinga n’utugenegene ;
6. ibikoresho vy’abarimyi, aborozi n’abahinga bikenewe mukazi kabo ka minsi yose ;
7. inka zibiri n’impfizi, uwafatirwa ari we yihitiramwo, impenezine n’isuguru canke intama zine n’isuguru, inkoko cumi n’isake,ingurube zibiri z’ingore n’imwe y’ingabo, ubwatsi ivyo bikokobirisha n’intete birya mu kwezi kwose ;
8. igice c’imishahara kidafatwa hisunzwe ibitegekanijwen’igitabu c’amategeko agenga akazi ;
9. itongo ribeshejeho umuryango w’uwatsinzwe iyo riri mumisozi.
Ku vyerekeye ishirwa mu ngiro ry’uduce twa 4, 5 na 6 ziri kumurongo uherukiweko, Itegeko ry’Umushikiranganjiw’ubutungane ni ryo ryerekana igiciro iyo kirenzwe hacahatangwa uruhusha rwo gufata ibintu nk’ivyo.
Ingingo ya 251
Amahera yavuye mu vyavuye mu vyagurishijwe adakwiyekugira ngo abaheraniwe barihwe bose, uwafatiwe ibintun’abaheraniwe bategerezwa, mu kwezi kumwe, kwumvikanaingene bagabura. Ivyavuyemwo hisunzwe ivyo umwe umweaharaniwe.
Mu gihe batumvikananye muri ico kiringo, uwujejwekumenyesha imanza n’ugukurikiza imanza aca ashikiriza ayomahera umwanditsi w’imanza akukira Sentare yatanze uruhusharwo gufata ivyo bintu canke yaciye urubanza ruvyerekeye.Umukuru wa Sentare aca agena umucamanza mugenduzi wokugabura ayo mahera.
Ingingo ya 252
Umukuru wa Sentare canke umucamanza atumye arashobora,akoresheje itangazo amanitse ku miryango ya Sentare canke, iyobikenewe, acishije mu kinyamakuru c’aho hantu canke c’igihugu,gusaba abaheraniwe gutanga ivyemezo vy’ivyo baheraniwe nogusaba uwuheranye kuja gusuzuma ivyo vyemezo.
Ivyo vyemezo bitegerezwa gutangwa mu kwezikwasohoreweko iryo tangazo ry’umukuru wa Sentare cankery’intumwa yiwe, bitagenze gurtyo, abaheraniwe baratakazauburenganzira bwo kwishuza ivyo baheraniwe.
Ingingo ya 253
Umukuru wa Sentare canke uwo yatumye aca agira icegeranyoc’ivyo bintu, akerekana ingene igaburwa ryavyo rija kugendaakurikije urutonde rw’abategerezwa kurihwa imbere n’abarihwainyuma y’abandi.
Ingingo ya 254
Iyo hadutse ingorane, umukuru wa Sentare aca asubizaurubanza mu ntahe y’icese, umwanditsi w’imanza agacaamenyesha, vuba na vuba ababuranyi umunsi w’iyo ntahe.
Ingingo ya 255
Uwuheraniwe atemera igaburwa, uwuheraniwe yankiweigaburwa, uwuheranye n’uwuheraniwe yiyamirije ubwa mbereiryo gaburwa nibo bonyene bahamagarwa mu ntahe.
Ingingo ya 256
Ifatwa ry’ibintu ridakurikije amategeko, uwabifashearakurikiranwa ku bintu vyose vyononewe uwuheranyebatarinze kuraba ko hari ikosa yakoze canke ko ataryo yakoze.
Ingingo ya 257
Iyo uwujejwe kumenyesha no gukurikiza imanza yakubaguwe,agira icegeranyo c’umugararizo. Ivyabona bica bisabwa gushiraumukono kuri ico cegeranyo.
Igihimba ca 2Ifatwa ry’ibintu vyimuka
Agahimba ka 1Ingingo nkuru nkuru
Ingingo ya 258
Uwatsinze urubanza wese, arashobora gufatisha amaheran’ibintu vyose vyimuka vy’abatsinzwe.
Icegeranyo c’ivyafashwe kijamwo amazina vy’ivyafashwe,ingene bimeze hamwe n’igiciro ngereranyo cavyo.
Amahera aca ashikirizwa uwujejwe gukurikiza imanza, ibikokocanke ibintu vyafashwe biguma mu minwe y’uwuheranye cankebigashikirizwa uwubicungera.
Ingingo ya 259
Ivyafashwe bigurishwa icamunara mu kiringo c’iminsiumunani uhereye ku munsi vyafatiweko, bihejeje gusuzumwan’uguharurwa.
Ikiringo c’iminsi umunani kirashobora guhindurwa n’Itegekory’umukuru wa Sentare rifashwe abisabwe, hisunzwe uko ibintubiba vyifashe.
Ingingo ya 260
Amagurishwa y’icamunara abera ahantu hose biboneka kohotuma baronka igiciro ciza kuruta. Umunsi n’ikibanza cokugurishirizamwo bimenyeshwa abantu hakoreshejwe uburyobwo gutangaza bujanye n’agaciro k’ivyafashwe.
Ingingo ya 261
Ibintu vyagurishijwe bica bishikirizwa uwatanze igiciro kirutan’uwujejwe kubigurisha, mugabo abimuha abanje kurihaamahera imbere.
Iyo uwabitsindiye atabitwaye mu kiringo cashinzwe canke, iyoata kiringo cashinzwe, imbere yuko igurishwa rihagarikwa, icokintu gica gisubira kugurishwa icamunara. Uwari yaguze icokintu ubwa mbere ategerezwa kuriha amahera ari hagati y’ayoyari yemeye gutanga n’ayo ico kintu caguzwe kandi ntashoboragusaba ko bamusubiza ayarengako iyo biramutse bishika.
Ingingo ya 262
Iyo hari harabaye imbere irindi fatwa kur‘ivyo bintu vyosecanke ku gice cavyo, ayo mafatwa abiri aca ashirwa hamwe,ibivuye mw’igurishwa ry’ivyo bintu bigaca bigaburwa hagatiy’abaheraniwe.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 235
Ingingo ya 263
Iyo abandi bantu batari muri urwo rubanza baserutse bakavugako aribo bene ivyo bintu vyafashwe, igurishwa ryavyorirashobora kuba rirahagaritswe n’umucamanza asabwe gufataingingo zihuta, yamara uwo abisaba ategerezwa guca ashikirizaivyo ahakana imbere y’umucamanza avyihweza ido n’ido.
Ugusaba ivyo arenganijwe gutegerezwa kugirwa mu minsiumunani kuva ahakanye ko bigurishwa, bitagenze uko ntacoarekuriwe kubaza.
Agahimba ka 2Gufata ibintu vy’agateganyo
Ingingo ya 264
Uwuheraniwe wese, naho yoba atagira icemezo, arashobora, atategeko ribanje gutangwa, mugabo afise uruhusharw’umucamanza, gutafisha vy’agateganyo ibintu nterurwavy’uwumuheraniye.
Ingingo ya 265
Kugirango ifatwa ry’agateganyo ry’ibintu ritangirwe uruhushan’umucamanza, hategerezwa kuba hariho ibituma bikomeyevyerekana ko ivyo bintu bishobora kunyuruzwa, kandikugirango iryo fatwa ry’agateganyo rijane n’amategeko,uwarisavye ategerezwa guca asaba Sentare ko yovyemeza muminsi cumi n’itanu kuva ribaye.
Ingingo ya 266
Urubanza rwo kwemeza iryo fatwa ry’agateganyo ry’ibinturuca ruhindura nya fatwa ry’agateganyo mw’ifatwa ry’ibintukugirango bigurishwe, kandi bica bigurishwa hisunzweamategeko agenga ifatwa ry’ibintu kugirango bigurishwe.
Agahimba ka 3Gufatisha ibintu bigenewe kuriha ideni
Ingingo ya 267
Uwufise uburenganzira bwo gukurikirana ikintu canke ibintunterurwa biri mu minwe y’uwundi muntu atari uwuheranye,arashobora gusaba umukuru wa Sentare ibifitiye ubushobozihisunzwe agaciro k’ivyo bintu ko bifatwa kandi akaronka,hakoreshejwe Itegeko rica rikurikizwa, naho urubanza rwobarwungurujwe, uruhusha rwo gushira ivyo bintu nterurwa birikobirakurikiranwa mu minwe y’ubutungane gushika aho urubanzaruvyerekeye rucika.
Ingingo ya 268
Itegeko ritanga uruhusha rwo gufata ibintu bigenewe kurihaideni iri mu mbibe z’aho ico kintu kiri. Iryo tegeko ritegerezwakudondora ico kintu mu majambo make, rikavuga umuntu afiseico kintu gitegerezwa gufatwa, rikavuga ko nyene gufatishaategerezwa, atabigize iryo fatwa rica riba impfagusa guca asabaubutungane ko bwokwemeza iryo fatwa mu minsi cumi n’itanuikurikira umunsi w’iyandikwa ry’icegeranyo c’ivyafashwe.
Ingingo ya 269
Ifatwa ry’ibintu bigenewe kuriha ideni rigirwa hakurikijweukugene ifatwa ry’agateganyo rikorwa.
Ingingo ya 270
Gusaba iyemezwa ry’ifatwa ry’ibintu bigenewe kuriha idenirigirwa imbere ya Sentare y’aho uwafatiwe ibintu aba. Iyo iryofatwa rifitaniye isano n’urubanza ruri muri Sentare, iryo sabwarica rigirwa imbere ya Sentare ifise urwo rubanza.
Agahimba ka 4Gufata ibintu vy’umuntu aheranye bifiswe n’uwundi
Ingingo ya 271
Uwuheraniwe wese arashobora, hisunzwe icemezo cemewen’amategeko ruhamya, gufatisha amahera canke ibintu nterurwa
mu minwe y’uwundi muntu ariko vyegukira uwuheraniye nyenekubifatisha.
Mu gihe ata rwandiko rweme n’amategeko ruhari,umucamanza w’ahaba uwo wundi muntu afatanwa ibintuarashobora, abisabwe, gutanga uruhusha rwo gufata ivyo bintuvy’uwuheranye bifiswe n’uwundi muntu.
Uruhusha rutangwa n’umucamanza afise ububasha ufatiye kugaciro k’ideni.
Ingingo ya 272
Urwandiko rwose rwo gufata ibintu vy’umuntu aheranyebifiswe n’uwundi, hisunzwe icemezo cemewe n’amategeko,rutegerezwa kuvuga neza icemezo cemewe n’amategekocisunzwe icarico n’igitigiri c’amahera yatumye ivyo bintu.
Iyo urwo rwandiko rwagizwe hisunzwe uruhusharw’umucamanza, nkuko ingingo iherukiweko ibitegekanya,ingingo itanga urwo ruhusha itegerezwa kwerekana igitigiric’amahera afatirwa ivyo bintu, kandi ikopi y’iyo ngingoiratangwa.
Iyo umwenda basabira uruhusha rwo gufata ibintu,utaramenyekana neza uko ungana, umucamanza aca abaarawuha igiciro mfatakibanza.
Ingingo ya 273
Igihe uwufise ibintu biriko birafatishwa amenyeshwaurwandiko rwo kubifata, ategerezwa guha uwujejwekumenyesha imanza inzandiko zose n’inkuru zose zikenewekugirango handikwe icegeranyo c’iryo fatwa.
Iyo uwufise ibintu bitegerezwa gufatwa yanse kwugururaimiryango y’inzu yiwe, yanse ko ivyo bintu bifatwa kandi yansegutanga inzandiko zerekeye ivyo bintu n’inkuru zikenewe kugiraico gikorwa gitunganywe, izo ngorane zica zishikirizwaumucamanza yatanze uruhusha rwo gufata ; Nawe aca afataingingo zo kubungabunga ivyo bintu zikenewe.
Ingingo ya 274
Uwafatishije ibintu ategerezwa, mu minsi cumi n’itanu ikurikiraifatwa ry’ibintu gukora ibikurikira :
1. kumenyesha ifatwa ry’ibintu imbere y’uwumuheraniye nokumurengutsa imbere ya Sentare kugirango yiyumvire ko ifatwaryabaye kandi rikurikije amategeko ;
2. kumenyesha uwafatanywe ibintu ko hasabwe iyemezwary’ifatwa.
Ingingo ya 275
Gusaba ko ibintu vyafashwe birekurwa canke ko hafatwa igicegusa kingana n’umwenda uheranywe bisabwa umukuru waSentare bigizwe na nyen’ibintu. Iryo sabwa ritegerezwakumenyeshwa uwafatanywe ibintu n’uwabifatishije.
Ingingo ya 276
Iyo iyemezwa ry’ifatwa ry’ibintu ridasabwe mu gihegitegekanijwe n’amategeko, iryo fatwa ry’ibintu rica ribaimpfagusa. Iryo sabwa ry’iyemezwa ry’ifatwa ry’ibinturitamenyeshejwe uwafatanywe ibintu muri ivyo bihe nyene, ivyoyarishe muri ico gihe biba vyarishwe mu mategeko.
Ingingo ya 277
Uko bigenda kwose, uwufatiwe ibintu arashobora kwitwarirauwabifatishije imbere y’umucamanza kugirango ivyo bintubirekurwe, ariko abanza gushikiriza mu biro vy’iyandikirory’imanza canke mu minwe y’uwundi muntu agenywe kuberaico, amahera akwiye ashinzwe n’umucamanza kugirango hamweyotsindwa hashobore kurihwa igiciro c’ibintu vyari vyarafashwe.
Ingingo ya 278
Uwafatanywe ibintu aca abimenyesha akongera akavyemezamu biro vy’iyandikiro ry’imanza.
Yamara, arashobora no kubimenyesha mu kuvyandika munsiku rwandiko rw’umutahe wo kurengukisha agaca ashirakon’umukono wiwe.
Iryo menyesha ritegerezwa kuvuga iyatumye ifatwa ry’ibintu,n’uko ideni ringana.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
236 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
Ingingo ya 279
Iyo habaye abandi bakurikirana ivyo bintu, uwari afise ivyobintu ategerezwa guca abimenyesha uwafatishije ubwa mbere.
Ingingo ya 280
Iyo ifatishwa rigizwe ku matungo nterurwa, uwufiseivyafatishijwe ategerejwe kubimenyesha biriko urwandikorubidondora neza.
Ingingo ya 281
Iyo atawiyamirije uwo rwandiko, ntihagire n’ubivuganira ngobifaturwe, amahera biciye aca ashikirizwa uwabifatishije kurugero rw’umwenda yari afitiwe.
Amatungo nterurwa agurishwa hisunzwe ingingo z’iki gice.
Ingingo ya 282
Gufatisha amahera y’uwuheranye afitiwe na Leta bimenyeshwaumunyabigega mukuru wa Leta canke abanyabigega babifitiyeububasha, nabo bagaca bemeza ko babimenyeshejwe kurupapuro nyezina rubigaragaza.
Ingingo ya 283
Uwufise ivyafashwe akabirihamwo kandi baguma basemerera,canke akemanga amahera ari munsi y’ayo yategerezwakumenyekanisha, canke ntayamenyekanishe, arashobora gucaacirwa urubanza rw’ukuriha ivyari vyatumye babifatisha.
Agahimba ka 5Gufatisha ibintu ngo ubigurishe
Ingingo ya 284
Gufatisha ibintu ngo ubigurishe uko ariko kwose gutegerezwakubanzirizwa n’umutahe urungikirwa uwuheranye ubwiwecanke imuhira iwe hasigaye n’imiburiburi amasaha mirongo ibirin’ane kugira bifatwe ; kandi uwo mutahe ugaherekezwan’icemezo c’umwenda iyo atari bwabimenye.
Ico kiringo kirangiye, umumenyeshamanza aca abifata, nyenekubifatisha atarinze kuhaba, ahagarikiwe n’icabona gica giteraigikumu ku rupapuro rw’amamuko n’amakopi yarwo.
Ingingo ya 285
Icegeranyo c’ifatwa gitegerezwa kujamwo, iruhandey’ibisanzwe mu mutahe w’umumenyeshamanza, uwundimutahe wishuza umuheranyi iyo ifatwa ry’ibintu ryabaye arihoari, n’indondorwa rinonosoye ry’ivyafashwe. Amahera abonaategerezwa kubikwa mw’isandugu y’ibiro vy’iyandikirory’imanza canke ku yindi konte yose yugurujwe mw’ibankikw’izina rya Sentare kugira ijeko amahera yo gushingishaimanza hamwe n’ayandi yose aca muri ivyo biro.
Ingingo ya 286
Mu gihe hafashwe ibitungwa n’ibikoresho vyo kurima cankebifasha mu rudandaza, umucamanza arashobora kugena ubaaratunganya ivyo vy’uburimyi canke vy’urudandaza.
Ubwo nyene, uwabifatishijweko baca bamuronsa ikopiy’icegeranyo c’ingene ibintu vyagenze.
Ingingo ya 287
Iyo inzugi zugaye canke banse kuzugurura, canke iyo bagize kumumenyeshamanza ibintu vy’akaguma n’ubugarariji, aca afataingingo zose zishoboka kugira abuze inyuruzwa ry’ayo matungokandi agasaba ko abajejwe umutekano bamuhagarikira abicishijeku mushikirizamanza canke umutegetsi wundi w’aho hantu.
Ingingo ya 288
Umumenyeshamanza aca arondera umuntu abicungisha,akanamusigarana ikopi y’icegeranyo c’ivyafashweakabimutererako n’igikumu.
Mu badashobora gucungishwa ivyafashwe harimwouwafatishije, uwo bubakanye, abavyeyi biwe n’incuti zo mumuryango w’uwo bubakanye gushika ku rugero rwa kane,n’abakozi biwe ; ariko uwo ibintu vyafatiweko, uwo bubakanye,
abavyeyi biwe, incuti za hagufi hamwe n’abakozi biwe,barashobora kubicungishwa bavyemeye.
Ingingo ya 289
Umucunzi ntarekuriwe kwifashisha canke kunotora ku bintuyashinzwe, canke ngo abitize. Ahirahiye akabigira, atanga indishiyavyo.
Ingingo ya 290
Umuntu yitwaza ko ibintu vyafashwe canke bimwe muri vyoari rwiwe, arashobora kwanka igurisha ryavyo mu kurungikiraumutahe umucunzi uwo mutahe ukanamenyeshwa n’uwufatishahamwe n’uwufairwa ibintu. Ingingo yihuta ifatwa na Sentarey’aho ifatwa ryabereye.
Uwahagaritse igurishwa hanyuma ntabitsindire arashoboragucirirwa indishi aha uwari yabifatishije.
Ingingo ya 291
Bisabwe n’uwabifatishije umucamanza arashinga umunsin’ikibanza igurisha rizoberako be n’ingingo zose zofatwa kugiraigurisha rimenyekane bikwiye.
Nyene kubitunga canke uwabifatishije arashobora gusabaumucamanza ko igurishwa ryoba ku wundi munsi canke ryoberaahandi hantu.
Ingingo ya 292
Igurishwa rigirwa icamunara n’umumenyeshamanza uwuguzenawe agatanga amahera ya buriho.
Ibiriko biragurishwa bitsindira uwatanze menshi kurushaabandi.
Iyo uwubitsindiye mw’igurishwa ry’icamunara adaciye ariha,ikintu gica gisubizwa ubwo nyene mu camunara. Uwariyagitsindiye ubwambere ategerezwa kwongera inyungu kugiciro yatsindiyeko, hisunzwe ingingo ziri mu masezeranoagenga ibisabwa vyose mw’iringanizwa ry’isoko, gushikaumunsi wo gusubira kukigurishirizako. Ntashobora guhirahirango asabe gusubizwa amahera yari amaze gutanga kuva yinjiremw’ihiganwa.
Ingingo ya 293
Umumenyeshamanza atarihishije igiciro c’icatsindiwe cankeatitayeho gusubiza kugurisha ikintu catsindiwe ntikirihwe, niweaca abazwa ayo mahera.
Ingingo ya 294
Haca hagirwa icegeranyo c’igurishwa kidonda uko ibintuvyagenze, eka n’ivyakozwe imbere y’igurishwa canke ko nyeneivyafashwe ari ho yari ari canke atariho yari ari.
Ingingo ya 295
Igurishwa rihagarikwa igihe hamaze kuboneka igitigiric’amahera akwiranye n’ayazoriha ivyatumye ibintu bifatwa,hamwe n’amagarama ya Sentare.
Ingingo ya 296
Mu gihe biboneka ko ivyafashwe vyohava bigurishwa ku gicirokidashemeye, umumenyeshamanza, bisabwe n’uwabifatishije, nanyene ivyafashwe canke nawe nyene akavyibwiriza, arashoboraguca yungururiza igurishwa uwundi munsi, agaca afata ingingozikingira inyungu za ben‘ibintu. Umunsi washinzwe ugeze,igurishwa riraba ku giciro ico arico cose.
Ingingo ya 297
Nta mvo n’imwe kiretse iyo kwanka igiciro, yotumaabaheraniwe na nyene ivyafashwe banka igurishwa ryavyo.
Ingingo ya 298
Umumenyeshamanza agiye gufata ibintu agasanga vyaramazegufatwa, n’umucunzi ari aho, ntashobora kubifata ukundigusha ; ariko arashobora guca ahinyuza urutonde rw’amatungonterurwa n’ibindi nk’ivyo biri mu cegeranyo umucunziategerejwe kumwereka. Arashobora guca afata amatungo ataribwafatwe agaca amenyesha uwafatishije ubwa mbere ko agiyekubigurisha mu maguru masha. Icegeranyo c’ihinyuzary’ivyafashwe gifise akamaro ko kumenyesha ko batazobigurisha
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 237
canke ngo barihe abaheraniwe uwashatse kubifatisha ubwa kabiriatariho ari nawe.
Ingingo ya 299
Icegeranyo c’ihinyuza ry’ivyari vyarafashwe gikurikirwan’igurishwa ryavyo, ntibagishiramwo amatungo yafashwe,kijamwo ayatarafatwa gusa iyo ariho.
Agahimba ka 6Gufata ivyamwa bikiri ku biti
Ingingo ya 300
Ifatwa ry’ivyimburwa bigifatanye n’imizi, ari ryo fatwary’ivyamwa bikiri ku biti ntirirekuwe kiretse mu ndwi zegerejeigihe bisanzwe vyereramwo. Iryo fatwa ritegerezwagukurikirana n’umutahe watanzwe hasigaye umunsi umwe.
Ingingo ya 301
Icegeranyo c’ivyafashwe gitegerezwa kubamwo indanguro yakimwe cose, ico kirimwo n’ibikigize, aho giherereye, hamwen’ibintu nka bibiri vyovyo bigikikuje, na kamere k’ibishoborakuvyarwa na vyo, nk’ivyamwa n’ibindi.
Ingingo ya 302
Umumenyeshamanza aragena umucunzi akamusigaranan’ikopi y’icegeranyo c’ivyafashwe. Iyindi ayisigarana Musitanteriwa Komine canke Umukuru wa Zone y’aho ico kintu cafashwegiherereye, urwandiko nyezina akarugumya ruriko umukonowiwe.
Ingingo ya 303
Igurishwa ritangazwa, n’imiburiburi iminsi umunani imbereyuko riba, mu nzandiko zimanikwa ku nzugi z’ibiro vya kominen’ivya Zone n’ivya Sentare y’intango, ivyo bigakorwan’umumenyeshamanza we nyene.
Ingingo ya 304
Amatangarizo amenyesha umunsi, isaha n’ikibanza c’igurishwavyashinzwe n’umucamanza azobiringaniza, ibiranga uwafatishijena nyenevyo, uburinganire na kamere k’ibintu n’ibibikomokako,Komine na Zone ivyo bintu biherereyemwo.
Ingingo ya 305
Igurishwa rishirwa ku munsi w’isoko nkuru, mu micungararocanke mu kibanza c’isoko y’aho hantu.
Ingingo ya 306
Ku bisigaye, ingingo zisanzwe zigenga ifatwa ry’amatungonterurwa ni zo zigenga ifatwa ry’ivyamwa bikiri ku biti.
Igihimba ca 3Ifatwa ry’amatungo atimuka
Ingingo ya 307
Uwuheraniwe ntashobora kurondera inyagwa ry’amatungontaterurwa y’uwumuheraniye, kiretse igihe amatungo nterurwaadashobora gukwiza ivyo aheraniwe kandi abanza gusabaSentare ngo yemeze ko umwenda wiwe ari uw’ukuri kandiugeze kurihwa.
Uko bigenda kwose, igurishwa ry’icamunara ry’ikitimukacafatishijwe ntirishobora kuba imbere yuko urubanza rwavuzwemuri iyi ngingo nyene rucibwa ubutagisubirwamwo.
Ingingo ya 308
Uwuheraniwe azoshaka gukurikirana kunyaga azobanzaarondere ku mushinguzi w’inzandiko ziranga amatongo ikopiy’icemeza koko kw’iryo tongo ntaterurwa ryanditse kuwuheranye.
Ingingo ya 309
Iyo itungo ntaterurwa ryanditswe ku bantu benshi,uwuheraniwe ategerezwa gusaba imbere ya vyose igaburwary’ico kintu gisangiwe.
Ingingo ya 310
Iyo nyen‘amatungo yanditswe muri ca gitabu candikwamwoamatongo adashobora gushikirwa n’ingingo n’imwe muzibitunganya, uwuheraniwe aca asaba Umukuru wa Sentare ngoagene umuntu akurikirana ayo matungo yo gufata, kugira abe ariwe aza aramenyeshwa na Sentare uko ibintu biriko biragenda.
Uwo agenywe aserukira uwuheranye mu biringo vyosevy’urubanza. Nk’igurishwa riheze, aca yakira amahera asigayekuvyagurishijwe agaca ayabitsa, kw’izina ry’uwuheranye cankery’abasigwa biwe mu biro vy’umwanditsi w’imanza.
Agahembo k’uyo musigarizi be n’amahera yakoreshejwemw’irangurwa ry’ico gikorwa bishingwa n’Umukuru wa Sentarebigakurwa mu mahera y’ivyagurishijwe.
Ingingo ya 311
Ifatwa ry’amatungo ntaterurwa ritegerezwa kuza mu nyumay’umutahe werekwa nyeneyo canke ku muhana iwe, cankeahandi yitoreye, bikaba mu buryo butegekanijwe ku mitahemwen’iyo. Uwo mutahe urerekana amatungo ntaterurwa yogufata.
Umutahe wo gufatisha uramenyeshwa kandi umushinguziw’impapuro ziranga amatongo, agaca, guhera uwo mwanyanyene ategerezwa kuzitira ico cose cotuma ayo matungoashikirizwa uwundi muntu canke yandikwako uburenganzirabwegekwa ku bintu bibona, ariko ntibibuze gusegura n’uwundiwese afise uruhara kuri iryo tongo.
Uwo mutahe ntaco umara mu gihe igurishwa ry’amatungontaterurwa ritatanguye mu kiringo c’amezi ane.
Iyo uwuheranye yerekanye amatungo nterurwa akwiye yorihaumwenda, haca hihutirwa kubifata no kubigurisha icamunara.Arashobora gushirisha ivyo yerekanye ku mutahe wo gufatishacanke ku wundi mutahe wose ukozwe n’umumenyeshamanza.Umumenyeshamanza aca yihutira kugira isuzumwary’amatungo nterurwa atanzwe kandi aca ayafata ata kindiarindiriye.
Ingingo ya 312
Iyo itungo ntaterurwa rifise ivyimburwa, amahera avuye muriuyo mwimbu bayafatira hamwe n’amatungo naterurwabakayagaburira abayafitiye uburenganzira hamwe n’ayaguzweiryo tungo.
Ingingo ya 313
Uwuheranye yafatiwe ibintu ahirahiye agatema ibiti cankeakavyonona ahanishwa indishi, mbere agashobora gufatirwan’ibihano bihabwa umuntu yanyuruje ibintu vyafatishijwe.
Ingingo ya 314
Amasezerano yo gukotesha yagizwe mu kiringo c’imberey’umutahe wo gufatisha arashobora guhanagurwa, nayo ayabayeinyuma y’umutahe wo gufatisha ashobora gufutwa bisabwen’uwatsindiye isoko. Umucamanza aca anyarutsa kubitunganyaaravye urwandiko rushasha ruranga amatongo n’icegeranyoc’igurishwa ry’icamunara cerekana uwarushije abandi. Ingingoyiwe ica ikurikizwa naho hoba iyunguruza, kandi atakirinzegutangwa.
Amasezerano yose yo gupangisha agizwe n’uwuheranyeinyuma y’umutahe wo gufatisha aba impfagusa kiretseuwatsindiye isoko yemeye kuzovyemanga.
Isohorwa ku nguvu mu matungo ntaterurwa ry’uwuheranyeyanyazwe canke ry’abasigwa biwe rikorwa uwayatsindiyearonkejwe n’Umukuru wa Sentare y’intango ibifitiye ububashaurwandiko rwo kubasohora ruriko ikidodo gitegekakubikurikiza. Mu gusaba ko babirukana, uwatsindiye aho hantuyishimikiza urwandiko rushasha rugenga amatongo ben’icegeranyo cerekana ko ari we yahatsindiye.
Ingingo ya 315
Amahera yo gukotesha n’ibindi vyoba birihwa biciyemw’ikotesha bica vyegeranirizwa hamwe kuva umunsi wa
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
238 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
Mushinguzi w’impapuro ziranga amatongo aronka umutahehanyuma bikazogabanganywa hamwe n’amahera agurishijwenya nzu canke nya tongo.
Ikintu cose kiza cimira ifatisha ry’ibintu ryasabwe n’uheraniwecanke n’uwundi nkawe, citwa ifatwa ry’ibintu vy’umuntuaheranye bifiswe n’uwundi rikagirirwa abakotesheje imirimacanke inzu ; kandi ntibashobora kuvyitura baterekanye ivyobitwaza atarivyo canke badaciye bashinguza mw’iyandikirory’imanza amahera y’ubukodi bw’inzu canke bw’itongo, cankebakayabitsa uwundi mushingantahe agenwa na Sentare ibisabwen’uwari we wese vyega. Vyanse aho, umucamanza arafataingingo yihuta kandi ntgawuyivuguruza.
Mu gihe atawubiseguyeko, amahera amaze guhabwauwuheranye ntawuyasubirako ariko uwayakiriye aca yitwa koabaye arabitswa ibikiri mu matati ari mu butungane.
Ingingo ya 316
Inyuma y’imenyeshwa ry’umutahe wo gufatisha utegekanijwemu ngingo ya 315, nyen’ivyafashwe arashobora gusaba koavyigurishiriza we nyene icamunara canke akumvikana n’umwebahagarikiwe n’Umushinguzi w’impapuro ziranga amatongo.
Ikete risaba igurishwa mu mwidegemvyo ribwirizwakwerekana igiciro ushaka kugura yatanze, bikamenyeshwan’uwari yarabifatishije, uyu nawe afise iminsi itanu y’ukuvugakw’avyemeye n’uko atavyemeye.
Mu gihe atavyemeye ata mvo ishemeye, uwafatiriwearashobora guca yitura Umukuru wa Sentare, nawe agaca afataingingo yihuta ivuga ko uwari yafatiwe ibintu arira canke atarirabusema mu gusaba ko avyigurishiriza.
Mu gihe umucamanza avyemeye canke akabishingira ingingoku neza y’uwafafiwe ibintu, umwanditsi w’imanza aca arungikaizo ngingo za Sentare ku mushinguzi w’impapuro zirangaamatongo kugira arekure yongere anacungere igurishwa rya nyabintu bitarinze guca mu camunara.
Ingingo ya 317
Uwafatishije ikitimuka arasaba ko igurishwa ry’ica munaraRigirwa n’uwujejwe gushingura impapuro zifatiye ku bitimuka.Uyu na we arandika urutonde rw’ibisabwa agatomora neza kohari igurishwa hamwe n’ibiheranywe vyose kur‘ico kitimuka.
Ingingo ya 318
Bisabwe n’uwafatishije ikitimuka, uwujejwe gushinguraimpapuro zifatiye ku bitimuka arashinga aho igurishwa riberan’ahazomanikwa amatangazo y’iryo gurishwa n’ukugenebizotangazwa.
Ingingo ya 319
Uwujejwe gushingura impapuro zifatiye ku bitimuka amazekwumva iciyumviro c’uwafatishije n’uwafatiwe, aca ashingaigenekerezo iryo gurishwa rizoberako n’imuburiburi imberey’iminsi cumi n’itanu bamenyeshejwe igabishwa, n’imiburiburiiminsi mirongo itatu bamaze kumanika urwandiko ahantu iryogurishwa ritegerezwa kuberako.
Ingingo ya 320
Iyo uwafatishije canke uwafatiwe abona ko ikiguzi catanzwekidakwiye arashobora gusaba ko iryo gurishwa ry’icamunararyimurirwa ku rindi sango rishingwa n’uwujejwe gushinguraimpaporo zifatiye ku bitimuka mu kiringo kitarenze indwi zitatukiretse umucamanza atanze uruhusha.
Mu gihe c’igurishwa ry’icamunara rya kabiri, iyo uwatsindiyeisoko adatanze amahera bari bumvikanye, uwatumye habaigurishwa rya kabiri ategerezwa gutanga amafaranga arenzeugereranije igiciro gishasha n’ico yari yaremeye kandi ntashoboragusaba kuronswa ayarenze ku yarihwa n’aho yoba ariho.
Ingingo ya 321
Iyo ibitimuka vyinshi bigurishijwe rimwe canke iyo ikitimukakimwe kigabuwemwo vyinshi igurishwa icamunara rihera kuvaigihe ikiguzi kizoba gikwiye kugira ngo hishurwe umwendahongeyeko amafaranga yandi yakoreshejwe.
Ingingo ya 322
Mu gihe hafatishijwe ibitimuka vyinshi, uwuheranyearashobora kwereka uwujejwe gushingura impapuro zerekeyeibitimuka urutonde rwokurikizwa mu kugurisha ivyo bitimuka.
Ingingo ya 323
Iyo uwuheranye afise ibitimuka vyinshi, hakaba harimwo igicecafashwe, arashobora gusaba umucamanza ko yotegeka hafashweingingo, uwuheraniwe agafatisha ibindi bitimuka kugira ngoaronswe akarusho n’inyungu bitangwa n’ingingo ihejejekuvugwa aho haruguru.
Ingingo ya 324
Uwujejwe gushingura impapuro zerekeye ibitimuka aratangaicemezo c’ivyagurishijwe icamunara akongera agatangaurwandiko uwatsindiye isoko amaze kwerekana ko yarisheikiguzi c’amahera yakoreshejwe mu minwe y’umunyabigega waLeta. Uwatsindiye isoko aca yandikisha ico yatsindiye kw’izinaryiwe mu gusubiza uwujejwe gushingura impapuro z’ibitimukaikopi y’icemezo c’uko igurishwa ry’icamunara ryabaye.
Ingingo ya 325
Uwuheraniwe aca yishurwa n’umunyabigega wa Leta kumahera yavuye mw’igurishwa ry’icamunara, amahera yariaheraniwe hongeweko ayandi mahera yakoreshejwe yerekanaikopi y’urwo rupapuro rw’ico kitimuka hamwe n’igitasic’amahera yarishe.
Adashatse ko iryo gurishwa riba impfagusa, uwuheraniwentiyemererwa kuba mu bahiganirwa isoko haba ku giti ciwecanke afise uwundi muntu yatumye kiretse hapfunditsweamasezerano atandukanye mu mpande zose. Urubanza rw’iryogurishwa ryabaye impfagusa rufise ikiringo c’imyaka itatuuhereye ku munsi handikiweko icegeranyo c’igurishwary’icamunara.
Ingingo ya 326
Ibice bitandatu kw’ijana vy’amahera yatanzwe mw’igurishwary’icamunara aratangwa agaca yinjira mu kigega ca Leta.
Ingingo ya 327
Mu gihe igurishwa ry’ikitimuka ryatanze amahera arenzeumwenda hongeyeko ayandi yakoreshejwe, ayarenzeko acaasubizwa nyene guherana yari yanyazwe, bikagirwan’umunyabigega.
Ingingo ya 328
Ihererekanwa ry’ibitimuka rigizwe n’uwuheranye amazekugabishwa hisunzwe ingingo ya 315 rica riba impfagusa kiretseuwacakiriye atanze mu kigega ca Leta amahera aheranywehongeyeko amahera yakoreshejwe.
Ingingo ya 329
Abaheraniwe bandi atari uwafatishije ntibashoborakuvyinjiramwo ngo bagabure kiretse bamaze kwerekana koumwenda wabo ugeze kwishurwa biciye muri Sentare kandibamaze gutanga igice c’amahera yashinzwe n’umucamanza.
Ingingo ya 330
Ingorane zose zifatiye ku mategeko akurikizwa zishoboragushika mw’ifatishwa ry’ikitimuka zitorerwa umuti n’ingingoy’umukuru wa Sentare nkuru y’igihugu kandi ntishoborakwunguruzwa.
Ingingo ya 331
Ibibazo vyoze vyerekeye urutonde rw’abaheraniwe bitwarwamu masentare hakurikijwe amategeko agenga imanza zihuta.Umukuru wa Sentare nkuru y’igihugu iri mu ntara, ibifitiyeububasha, arashobora, inyuma y’igurishwa ry’icamunarakurengutsa abaheraniwe bimenyekanishije kugira abumvikanisheku kugene bogabura ikiguzi.
Mu gihe ibisabwa bitegekanijwe n’iri bwirizwa bitakurikijweuwuriko arakurikiranwa kugira anyagwe arashobora kwitwarakugira ubwo buguzi bufutwe muri Sentare. Iryo futishwary’ubuguzi ritegerezwa, kugira ntiribe impfagusa, gushikirizwaSentare kandi kumenyenshwa uwujejwe gushingura impapurozerekana ibitimuka mu minsi umunani igurishwa ryarabaye
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 239
canke iyo uwo urwo rubanza rwerekeye atigeze abona iryogurishwa mu minsi umunani kuva umunsi igurishwa icamunarayarimenyesherejweko. Leta ntishobora kuba umwishingizi.
Mu gihe ata kundi biri bugende, ikiringo co gushinga urworubanza kirashobora kwongerezwa n’ingingo y’umucamanza.Iyo ngingo imenyeshwa uwujejwe gushingura impapuro zifatiyeku bitimuka n’umuntu azoba yayironse.
Ugushikirizwa ikitimuka ntibishobora kuba imbere y’ukoibiringo vyatanzwe vyo gufutisha ubuguzi bihera kandi, mu gihebituwe Sentare, mu gihe haciwe urubanza rwamaze kubantabanduka rwemeza ubwo buguzi.
Ingingo ya 332
Mu gihe amahera yemewe canke igiciro c’ivyagurishijwekidakwiye kugira ngo barihe abaheraniwe, uwafatiwe ikitimukahamwe n’abaheraniwe bategerezwa mu kiringo c’ukwezikwumvikana ingene bagabura. Umw‘umwe wese akagira icoahevye kurugero bumvikanye.
Vyanse ko bumvikana muri ico kiringo, Umunyabigega wa Letaaca ashikiriza amahera yaronswe Umwanditsi w’imanza waSentare yafashe iyo ngingo y’ugufatisha canke yaciye igihano,hanyuma umukuru wa Sentare canke intumwa yiwe agacaabagaburira.
IKIGABANE CA III
IHADABU RY’UGUCERERWA KURIHA
Ingingo ya 333
Amafaranga atangishwa uwacerewe kuriha ni igihano cogutanga amafaranga haba ku munsi mu ndwi canke ku kweziaba yacerewe, gitangwa na Sentare iburanisha ido n’ido cankeiburanisha imanza zihuta, agatangishwa umuheranyi yansekuriha kugira ngo batume akurikiza ingingo y’ubutungane cankeiyindi ngingo ica ikurikizwa.
Ingingo ya 334
Amasentare arashobora, n’aho ataco abanza gusabwa gutangaItegeko ry’ihadabu ku bacerewe kuriha kugirango ingingo zayozikurikizwe, na cane cane iyo afashe ingingo y’ugutegeka gukoracanke gusambura.
Gutangisha uwacerewe kuriha birashobora gutegekwa munyuma n’ingingo y’ido n’ido ry’urubanza ifashwe n’umukuru waSentare na cane cane mu gihe uwatsinzwe ahakana bigaragaragukurikiza ingingo itegerezwa gukurikizwa.
Ingingo ya 335
Ugutangisha uwacerewe kuriha ntaho bisa n’ukuriha indishiy’akababaro. Ico gihano ni imfatakibanza canke ntabanduka.Ifatwa ku neza n’inyungu z’uwukeneye ko urubanza rukurikizwa.
Igihano c’ihadabu ku wacerewe kuriha gitegerezwa gufatwank’imfatakibanza kiretse iyo umucamanza yafashe ingingo kokiba ntabanduka.
Ingingo ya 336
Nta gihano nk’ico na kimwe gihabwa Leta, Komine cankeishirahamwe rikukira Leta canke ishirahamwe ririmwo imitaheya Leta n’iy‘abikorera ivyabo.
IGICE CA VIIIGUCA URUBANZA KA BUHUZA
IKIGABANE CA I
INGINGO NKURU NKURU
Ingingo ya 337
Abantu bose barashobora kwumvikana ku burenganzira bafiseko ububasha bwo kubuhanahanako.
Ingingo ya 338
Umwumvikano uremewe n’ubwo utokwerekana ikiringo, kandimur‘ico gihe igikorwa c’abahuza ntigishobora kurenza ameziatandatu, uhereye umunsi umwumvikano wabereyeko. Ico
kiringo kirenze, bifatwa nk’uko vyabananiye kiretse izo mpandezivyumvikanye ukundi kuntu.
Ingingo ya 339
Iyo abafitaniye amatati batavyumvikanye ukundi, bakurikizaku vyerekeye ibitegekanijwe n’amategeko, uburyo n’ibiringobitegekanijwe n’amasentare.
Ingingo ya 340
Uguhitamwo inzira y’umwumvikano ni uguheba inzira yo mubutungane.
Ingingo yafashwe biciye mu mwumvikano ni intabandukakandi ntishobora kwunguruzwa.
Mu gihe bumvikanye gutura amatati yabo umuhuza, impandezose ziba ziyemeje gukurikiza zidatevye ingingo iza gufatwakandi bakavavanura n’ubundi buryo bwose bwo kwunguruza.bashobora kuba bafitiye uburenganzira.
IKIGABANE CA II
KWUMVIKANA GUSHINGA URUBANZAUMUHUZA
Igihimba ca 1Ibiburanwa n’imero y’urubanza rushinzwe umuhuza
Ingingo ya 341
Ugushinga urubanza umuhuza gutegerezwa kwerekana ibintubirimwo amatati n’amazina y’abahuza kugira ntikube impfagusa.Kuratomora kandi kukaringaniza igikorwa c’abahuza.
Ingingo ya 342
Ugushinga urubanza umuhuza kurashobora kugirwa mu buryobw’urwandiko rwemejwe n’amategeko canke urwandiko rurikoibikumu canke icegeranyo cerekana abahuza.
Igihimba ca 2Ingene ugushinga urubanza umuhuza bihera
Ingingo ya 343
Ugushinga urubanza umuhuza guhezwa na :
1. urupfu, ukwanka canke gufatirwa k’umwe mu bahuzakiretse iyo isubiriza ryagizwe biciye mu gutora kw’impande zosecanke kw’abahuza basigaye ;
2. ihera ry’ikiringo catanzwe canke ikiringo c’amezi atandatukiretse impande zose zivyumvikanye ukundi ;
3. umwumvikano w’impande zose wo guhakana abahuza ;
4. irangira ry’igikorwa abahuza bari bashinze.
Igihimba ca 3Amasezerano ategekanya umuhuza azoca urubanza
Ingingo ya 344
Amasezerano ategekanya umuhuza azoca urubanza niamasezerano hagati y’abantu bafitaniye amasezerano biyemejeko amatati azovuka yerekeye ayo masezerano bafitaniyeazotorerwa umuti biciye ku muhuza.
Ingingo ya 345
Kugira ntibe impfagusa, amasezerano ategekanya umuhuzaategerezwa kuba yanditswe mu masezerano makuru makurucanke mu rwandiko ayo masezerano makuru yisunga.Ategerezwa kugena umuhuza canke abahuza cankeagategekanya ingene bogenwa.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
240 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
IKIGABANE CA III
INGENE GUCA URUBANZA KA BUHUZA KUMEZE
Ingingo ya 346
Guca urubanza ka buhuza birashobora kuba ku rubanza runakacanke bikaba ibitegekanijwe nk’urwego rwamaho.
Ingingo ya 347
Guca urubanza ka buhuza ku gihe kinaka ni ibitunganywan’abasezeranye ubwabo mw’isezerano ry’ukwitura abahuzahisunzwe ingingo zitegekanijwe n’amategeko bumvikanye. Muriico gihe impande zose zirashobora kwumvikana kw’ibwirizwarizokurikizwa, n’aho ryoba ari iryo mu mahanga.
Guca urubanza ka buhuza ku gihe kinaka bigirwa n’umuhuzaumwe canke batatu.
Ingingo ya 348
Guca urubanza ka buhuza bitegekanijwe nk’urwego rwamahoni iyo ivy’ubuhuza bitunganywa n’urwego rwamahorwashinzwe n’abafitaniye amasezerano bashinze itunganywaz’urwego rwamaho rwo ruca imanza rwisunze amategeko yarwoubwarwo.
Ingingo ya 349
Amatati ajanwa muri Sentare y’abahuza bigizwe n’abafitaniyeamatati bari hamwe canke n’umwe muribo abibangutsemwogusumvya abandi.
Ingingo ya 350
Sentare y’abahuza itegerezwa kuba igizwe n’umuhuza umwecanke batatu.
Mu gihe hari abahuza benshi, babiri ba mbere bagenwan’impande zose, uwa gatatu yumvikanwako n’impande zosecanke bidashobotse n’urwego rw’abahuza. Mu gihe umwemuribo yidohoye ku bimwega vyo kugena umuhuza, urwegorw’abahuza ruca rumusubirira mur’ico gikorwa rubanjekubimumenyesha.
Ingingo ya 351
Urwego rwo kwumvikanisha ruguma rubifisemwo uruharakuva igihe umwumvikano w’abafitaniye amatati.
IKIGABANE CA IV
UBUBASHA BW’ABAHUZA
Ingingo ya 352
Kuva yemeye ayo mabanga umuhuza ategerezwa gufataingingo atari aho naho, atanga indishi.
Ingingo ya 353
Umuhuza si umutumwa w’abasezeranye. Arangura mabangayiwe mu bwigenge.
Ingingo ya 354
Abahuza barashobora kutemerwa n’abafitaniye amasezeranokubera igituma gishitse inyuma y’umwumvikano w’ugushingaurubanza abahuza, canke kubera igituma c’imberey’umwumvikano ariko kitari kizwi igihe umwumvikano waba.
Ingingo ya 355
Sentare y’abahuza irashobora, umwanya wose mu gihe cokuburana :
a) gusaba abafitaniye amasezerano kwerekana impapuro cankeibindi vyemezo ;
b) gushika ahabereye amatati no kuhakorera amatohoza ibonako akenewe.
Ingingo ya 356
Sentare ishashemwo abahuza irishira ku bisabwa yvosevyubuka urubanza rwatanguye, ivyiyongeye ku mburano za
mbere canke bishikirijwe n’uwitwariwe bijanye n’ico amatatiyavuyeko.
Ingingo ya 357
Sentare y’abahuza irashobora mu gihe ibonye ko bikeneweguhanura ingingo zose zihuta zijanye n’ugucungera amatekay’ababuranyi.
IKIGABANE CA V
AMATEGEKO AKORESHWA MU RUBANZARUCIBWA N’ABAHUZA
Ingingo ya 358
Sentare y’abahuza ikurikiza amategeko y’ingendo asanzweariho mu ma Sentare.
Ariko rero ababuranyi barashobora bo nyene canke bafitiye kumategeko y’ubuhuza, gutunganya uburyo urubanza rucibwan’abahuza ruburanishwa. Barashobora kadi gushinga koruburanishwa hakoreshwa ibwirizwa ry’ukuburanishabihitiyemwo.
Ingingo ya 359
Uburyo bw’ukuburanisha imanza zicibwa n’abahuza bubabwanditswe.
Ingingo ya 360
Abahuza basabwa kuburanisha bubahiriza amasezeranoy’ababuranyi. Ntibashobora gukoresha ingendo yo kuburanishabihitiyemwo bonyenye kiretse igihe ata masezerano yabayehagati y’ababuranyi.
IKIGABANE CA VI
AMATEGEKO AKORESHWA KU BIGIZE AMATATI
Ingingo ya 361
Abahuza batatura bigize amatati bisunze amategekoyerekanywe n’ababurana canke iyo bitameze uko, barahitamwobo nyene amategeko abereye, bakisunga, bikenewe, imigirwa yomu mategeko mpuzamakungu.
Barashobora kandi gufata ingingo yo kumvikanisha batarinzekwisunga amategeko aya ari yose kandi atawurenganijwe, mugihe ababurana babahaye ubwo bubasha.
IKIGABANE CA VII
URUBANZA RUCIWE N’UMUHUZA
Ingingo ya 362
Mu gihe hari abahuza benshi, Sentare y’abahuza ifata ingingoikurikije ubwinshi bw’amajwi y’abayigize.
Mugabo, uwugize iyo Sentare wese arashobora kugerekaiciyumviro ciwe ku rubanza ruciwe, yaba asangiye cankeadasangiye iciyumviro na benshi, canke akamenyesha ko adahujen’abandi.
Ingingo ya 363
Ingingo ifashwe itegerezwa gusigurwa. Iterwako umukonon’umw‘umwe wese mu bahuza.
Mugihe hari abahuza benshi, hanyuma abasangiye icuyimviroari bake bakanka gushirako umukono, abandi bahuzabarabimenyesha kandi ingingo yafashwe igira ububasha cokimwe n’igihe yari kuba yateweko umukono na bose.
Ingingo ya 364
Bisabwe n’umwe mu baburanyi, Sentare y’abahuza irashoboraibanje kubimenyesha uwundi muburanyi, gufata ingingo kur’icocose yoba itagize ico ikivugako igihe co gufata ingingo cankeirashobora gukosora ikosa ryose ryitayemwo. Kubisababitegerezwa kuba mu minsi mirongo itatu kuva hamenyeshejweurubanza rwaciwe n’abahuza.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 241
IKIGABANE CA VIII
INGUVU Z’IKURIKIZWA RY’IMANZA ZACIWEN’ABAHUZA
Ingingo ya 365
Urubanza rwaciwe n’abahuza, iyo rudakurikijwe mumwumvikano, rukurikizwa n’Itegeko ry’umukuru wa Sentarenkuru isubiramwo y’aho rukurikizwa yituwe n’umuburanyiabifisemwo umwete.
Umukuku wa Sentare nkuru isubiramwo arafise kandiububasha bwo gukurikiza mu Burundi ingingo zijanyen’amafaranga zafatiwe mu kindi gihugu hisunzwe amategekoy’ico gihugu, nk’uko rwari kuba ari urubanza ruheza amatatiruciwe na Sentare ikorera mu karere k’ico gihugu.
Ingingo ya 366
Itegeka ishirwa mu ngiro ntishobora kwungururizwa. Ibayitwaje icemezo c’uko itegerezwa gukurikizwa.
Ingingo ya 367
Umukuru wa Sentare yashinze iryo tegeko cankeuwumuserukira arafise ububasha bwo kwihweza ingorane zijanan’ikurikizwa.
Ingingo ya 368
Imanza zicibwa n’abahuza ntizishobora kugira inkurikizi kubandi Bantu.
IKIGABANE CA IX
GUHA INSIGURO URUBANZA RWACIWEN’ABAHUZA
Ingingo ya 369
Ukutumvikana kwose gushobora kwaduka hagatiy’abasezeranye kwerekeye insiguro canke intumbero y’urubanzarwaciwe n’abahuza, kurashobora gutuma basaba insiguro biciyemu rwandiko rurungikirwa ubuhuza bw’igihe bwafashe ingingocanke inzego zibijejwe z’urwego rwamaho rw’ubuhuza.
IKIGABANE CA X
IBIRIHWA MU MANZA ZICIBWA N’ABAHUZAN’UDUHEMBO TW’ABAHUZA
Ingingo ya 370
Inzego zibijejwe za Sentare yamaho y’abahuza canke Sentarey’ubuhuza bw’igihe birashinga uduhembo n’ibirihwa bihabwaabahuza batarengeje urugero rwashimwe n’izo nzego nyenecanke ubwo buhuza bw’igihe. Ariko rero, abahuzwa barashoboragushinga imbere y’igihe bavyumvikanye n’ibisata vy’ubuhuza,uduhembo n’utundi turusho tw’ababijejwe.
IGICE CA IXAMATEGEKO ADASANZWE Y’IBURANISHWA
RY’IMANZA ZIRIMWO LETA
IKIGABANE CA I
INGINGO NKURU NKURU
Ingingo ya 371
Iburanishwa ry’imanza Leta ifisemwo uruhara ryisungank’ayavuzwe mu bice biri imbere kiretse ibi bikurikira.
Ingingo ya 372
Nta rubanza rushikirizwa Sentare iyo batabanje gusabagusubiramwo ata matati, kwitura uwukurira uwafashe ingingocanke kubanza kubisaba.
Ingingo ya 373
Umutegetsi wo mu ntwaro ata nyishu atanze kuri ivyo mukiringo kirenga amazi atatu, bifatwa nk’uko aba yafashe ingingokwanka gusubiramwo ingingo. Mu nyuma y’ukwitura ata matati,iyo bikenewe bitura umutegetsi akurira uwundi bigaca bitumahabangirwa iharurwa ry’ikiringo co kwitura ubutungane mukiringo nk’iconyene.
Ingingo ya 374
Urwandiko rw’ugushinga urubanza rutegerezwa, kugirantirube impfagusa, gutumbera inyishu iboneka canke itabonekayatanzwe n’intwaro.
Ingingo ya 375
Iyo intwaro ari yo yitura ubutungane, urwandiko rwo kwitwararuterwako umukono n’Umushikiranganji afibifitiye ububashacanke iyo ari ishirahamwe ryegamiye Leta canke ikomine,bikagirwa n’uwuriserukira imbere y’amategeko cankemusitanteri wa komine.
Ingingo ya 376
Ukwitura ubutungane ntikubuza ikurikizwa ry’ingingoyiyamirijwe.
Ariko rero, Sentare bituye barashobora kuyisaba ko yobangiraikurikizwa ry’urubanza. Ukwo kubangira ntikwemerwa kiretseiyo ikurikizwa ryotuma haba ingorane zidakosorwa.
Ingingo ya 377
Ukuba ingingo zafashwe n’intwaro zarisunze canke zitisunzeamategeko ntivyigera biba ikibazo gitegerezwa gutangurirwakoku buryo amasentare batuye ikibazo c’uko amategekoatakurikijwe mu gihe c’urubanza afise ububasha bwo kwihwezano kugira ico avuze kijanye n’uko ingingo zafashwe n’intwarozizanywe mu rubanza zisunze canke zitisunze amategeko.
Ariko rero, ntashobora gufuta ingingo y’intwaro idaciye mumategeko canke ngo yanke ishirwa mu ngiro ryayo. Amanyeshagusa ko aciye kubiri n’amategeko maze ntayisunge mugutunganya urubanza afise.
IKIGABANE CA II
INGINGO ZDASANZWE ZIJANYE NOKWUNGURUZA HASABWA IFUTWA
RY’INGINGO ZAFASHWE
Ingingo ya 378
Ugusaba gufuta ingingo zafashwe vyemerwa iyo bifiseintumbero yo guhanaguza ingingo y’amategeko canke yerekeyeumuntu umwe yafashwe n’umutegetsi wo mu ntwaro.
Ingingo ya 379
Ugusaba gufuta ingingo yafashwe ntivyakirwa mu giheababisaba bafise, kugira barwanire ivyabo, uburenganzira bwokwitura Sentare zisanzwe canke iyindi nzira y’ukwunguruzaitegekanijwe n’amategeko ahasanzwe.
Ukwunguruza usaba ifutwa bitegerezwa gukorwamu kiringoc’amezi abiri.
Ico kiringo gitangurira ku munsi w’itangazwa ry’ingingo, kuvyerekeye ingingo y’amategeko ; ku ngingo zerekeye umuntu,gitangurira ku munsi zimumenyesherejwe.
Ingingo ya 380
Umutegetsi abifitiye ubabasha agumye mu gacerere kubisabwamu kiringo kingana n’amazi atatu bifatwako yavyanse.
Mur‘ico igihe, ikiringo c’ukwitwara gica gitangura guharurwaayo mezi atatu aheze.
Iyo amenyesheje ko atemeye ibisabwa, ikiringo gitanguraumunsi hamenyesherejwe ko ingingo yo guhakana.
Ingingo ya 381
Bisabwe ku buryo butomoye n’uwitwara, Sentare ibifitiyeububasha irashobora, ku buryo budasanzwe, gutegeka koikurikizwa ry’ingingo yiyamirijwe ribangira, iyo ibirego bisa
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
242 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)
n’ibifise ishingiro kandi uwitwara akaba ashobora kuhakuraagahombo kadashobora gushumbushwa.
Ingingo ya 382
Iyo ibonye ko ukwitwara gufise ishingiro, Sentare ibifitiyeububasha irafuta ingingo yiyamirijwe yose canke igice cayo.
Ntishobora na gato kuyihindura canke ngo iyisubirize.
Ingingo ya 383
Urubanza rwo gufuta ingingo rugira ingaruka kuri bose.
Ingingo ya 384
Iyo ngingo yafuswe yamaze gutangazwa mu kinyamakuruc’ibitegekwa mu Burundi, urubanza ruyifuta rutangazwa ahonyene iyo rwabaye urutagisubirwamwo.
IKIGABANE CA III
ITOHOZA IMBERE YO GUSHINGA URUBANZA
Ingingo ya 385
Uburyo bwo gutohoza buca mu nyandiko kandi mw’ibanga.
Ingingo ya 386
Ibikorwa vy’Umushikirizamanza imbere y’amasentareashinzwe imanza za Leta birangurwa n’abashikirizimanzabakukira Sentare nkuru isubiramwo.
Ingingo ya 387
Ubwo nyene urubanza ruhejeje kwandikwa mw’iyandikwary’imanza, umukuru wa Sentare aca agena umucamanzaategerezwa gukurikirana itohozwa, iburanishwa ry’urubanza,yitwa umucamanza wo gutunganya ibikenewe mu rubanza.
Ingingo ya 388
Umucamanza atunganya ibikenewe mu rubanza arashinga,afatiye ku kugene urubanza rumeze, ikiringo gihabwaababuranyi kugira batange canke bunganire ibirego n’impapurozibisigura canke ico babivugako. Ico kiringo ntigishoborakurenza amazi abiri.
Ingingo ya 389
Umukuru wa Sentare aragabisha umuburanyi atubahirijeikiringo yahawe. Iyo atanze insiguro zumvikana arahabwaikiringo kindi kandi ca nyuma kitarenza ukwezi.
Ingingo ya 390
Iyo ukugabisha kugumye ata nkurikizi canke iyo ikiringo canyuma catanzwe kitubahirijwe, umucamanza atunganywaibikenewe mu rubanza ararungikira umukuru wa Sentareicegeranyo kirimwo incamake y’uko vyagenze, ivyemezon’imburano z’ababuranyi ariko adatanga iciyumviro ciwe.
Muri ico gihe, iburanishwa rirasozerwa, Sentare nayo igafataingingo yishimikije ku vyo ibona vyabaye canke biva kumategeko bijanye n’inyifato y’ukwinumira y’umuburanyiatubahiriza ibisabwa.
Ingingo ya 391
Mu gihe bigaragara ko urubanza rudashobora kwakirwa,umukuru wa Sentare arashobora gufata ingingo ko ata tohozarizoba agaca ashira urubanza mu ntahe y’icese kugira hafatweingingo ya benshi. Umushikirizamanza aratanga iciyumviro ciwecanditse kugira ace agishikiriza mw’Iburanisha.
Ingingo ya 392
Iyo itohoza ryabaye kandi urubanza rukaba rugezekuburanishwa, umucamanza ajejwe gutunganya ibikenewe murubanza ararungikira umukuru wa Sentare idosiye akurikijekoicegeranyo ciwe ku kugene urubanza ruriko ruragenda no kuncamake y’ibintu uko vyagenze n’amategeko ababuranyibishimikijeko.
Ingingo ya 393
Mu gihe c’ugutunganya ibikenewe umucamanza atunganyaibikenewe mu rubanza ararungikira idosiye Umushikirizamanzakugira atange iciyumviro ciwe canditse. Iyo Umushikirizamanzaabimenyeshejwe atanga iciyumviro ciwe mu kiringo c’iminsimirongo itatu. atari uko, bavuga ko yanse kurangura amabangayiwe. Ico ciyumviro gitegerezwa gutangwa mu ntumbero yogushigikira inyungu y’umutegetsi wo mu ntwaro yagirizwakiretse igihe avyemanze mu vyireguro yatanze.
Umukuru wa Sentare aca ashira urubanza mu ntahe y’icese.Kugira ntibafatwe nk’abanse guca urubanza, urubanzarutegerezwa gucika mu minsi mirongo itandatu ikurikira isozerary’imburano kw’isango rihabwa ababuranyi imbere y’igihe.
IKIGABANE CA IV
INTAHE
Ingingo ya 394
Mu ntahe y’icese ababuranyi barashobora gushikiriza ukobabona ibintu mu kuvuga bashigikira imburano zabo zanditse.
Ingingo ya 395
Sentare irashobora kwumviriza umuntu wese wo mu ntwarocanke uwundi muntu wese kugira itororokanye insigurongirakamaro kugira iburanishe neza.
IKIGABANE CA V
IMANZA ZICIBWA N’AMASENTAREMU MANZA LETA IRIMWO
Ingingo ya 396
Imanza zose zicibwa n’amasentare aburanisha imanza za Letazisomerwa mu ntahe y’icese. Zisomwa na barya bacamanzanyene baburanisha mu ntahe y’icese umunsi bashira urubanzamu mwiherero. atari uko, urubanza rusubizwa mu ntahe y’icese.
Ingingo ya 397
Intwaro co kimwe n’abandi bantu bose, babwirizwakwubahiriza imanza zaciwe zerekeye Leta n’ukuzikurikiza. Iyoabo mu ntwaro babona yuko ingingo yafashwe ifise agatotsik’umurengera, naho ni nk’iyo itanga indishi y’ikirenga, bacabitura Inama nkuru y’ubucamanza, nayo irashobora gutegekaSentare ntahinyuzwa ishashe mu bisata vyayo vyosegusubiramwo urubanza ruteye ingorane.
Ingingo ya 398
Imanza zaciwe zerekeye Leta ntizishobora gukurikizwa kunguvu ku matungo yimuka canke atimuka ya Leta, ibigo vyaLeta vyigenga bubayabaye, amakomine, ibigo vya Leta vyigengavy’intwaro canke amasosiyete ya Leta canke avanze.
Ata kurengera ukwisunga ingingo ziri mu ngingo 397, umukoziwo muri ivyo bihande abaye intambamyi kuri iryo shirwa mungiro, ata mvo yemejwe n’amategeko, ahabwa ibihano vy’akazicanke vy’amafaranga biciye ku ngingo y’ihdabu ry’ugucererwakuriha umucamanza ashinga abisabwe n’uwitwaye.
IGICE CA XAMAGARAMA
Ingingo ya 399
Imbere y’ukwandikisha urubanza ku rutonde rw’izindi,uwitwara, atari Leta canke komine, ategerezwa gushira muminwe y’umwanditsi w’imanza amafaranga ashobora gukwiramu kuriha amagarama.
Ingingo ya 400
Urubanza ntirushirwa ku rutonde rw’imanza ziburanishwa mugihe amahera yo gushingisha ataratangwa. Iryo yandikwarirafutwa iyo ayari asigaye gutangwa yari yasabwe atabonetse.Urwego rwa Leta urwari rwo rwose ntirutanga amahera yogushingisha. Nico kimwe n’amashirahamwe ya Leta akoreshauburyo bahawe na Leta.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
© Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006) 243
Ingingo ya 401
Umuburanyi wese atsinzwe ni we atanga amaherayakoreshejwe, kiretse Sentare irekeye yose canke igice c’ayomafaranga ku wundi muburannyi biciye mu gufata ingingoidasanzwe kandi isiguye neza.
Ayo magarama ni amafaranga aturuka ku rubanza rwacitseuwatsinze ashobora kwishuza uwatsinzwe kiretse Sentareibishinze ukundi.
Aho harimwo amafaranga y’urubanza, itagisi y’ivyabona,impembo y’abahinga n’ayandi mafaranga yose yatumwe n’urworubanza.
Ingingo ya 402
Ayo magarama ashobora kugaburwa yose canke igice mu giheababuranyi ari abubakanye, abavyeyi n’abasekuru na ba inakuru,gishiki na gisaza canke abashingiranye ku rugero rumwe.Abacamanza barashobora kandi kuyagabura yose canke igicec‘ayo magarama iyo ababurana batsindaguranye kuri bimwebimwe.
Ingingo ya 403
Ingene ayo magarama angana bitomorwa n’umwanditsiw’imanza nkuko ingingo ya 401 na 406 ibivuga, bigacabihinyuzwa kandi bigashirwako icemezo n’umucamanza waSentare y’intango ku mafaranga atangirwa aho, n’umucamanzamukuru wa Sentare bungururije ko ku mafaranga atangiwe kuriurwo rugero, n’umukuru wa Sentare ntahinyuzwa, kumafaranga atangiwe imbere y’ibisata vyayo.Ico gikorwakirashobora gutumwa umucamanza canke umuhanuzi.
Ingingo ya 404
Umwanditsi yishura amagarama akuye mu mafarangayabitswe mu gihe c’ugushingisha urubanza, akagumana arikouburenganzira bw’ukuyishuza umuburanyi yatsindiwe kurihaamagarama.
Ingingo ya 405
Abatishoboye barafise uburenganzira bwo kutariha ayomafaranga yo gushingisha. Ukutishobora bibonwa n’umukuruwa Sentare w’aho bitwariye. Mu gutanga imburano ziwe,uwutishoboye arerekana urwandiko rwa musitanteri wa kominerwerekana ko uwo arufise atagira amatungo ahagije kugira ngoashobore gutanga ayo mafaranga yo gushinga. Kuva ico gihe
ibikenewe vyose azobironka ku buntu. Bica vyandikwa koabironse ku buntu.
Ingingo ya 406
Ayo mafaranga y’amagarama ashingwa n’Itegekonshikiranganji ry’Umushikiranganji w’ubutungane afadikanijen’uw’ikigega ca Leta.
Amafaranga akoreshejwe mu kwiyunguruza canke ayo kumaraigihe ahantu kw’ivyabona ashingwa n’umucamanza. Amagaramay’ivyabona bituruka mu mahanga ashingwa n’umucamanzaabonye ivyemeza n’uko biriko biragenda.
Amafaranga ahabwa abahinga ashingwa n’umucamanzaaravye uko vyifashe iyo ata giciro gisanzwe gishinzwe.
Ingingo ya 407
Ibiciro vyashinzwe n’umucamanza birashoboragusubirishwamwo imbere y’umukuru wa Sentare uwomucamanza nyene gushinga arimwo.
Ingingo ya 408
Ivyategetswe biturutse kuri uko gusubirishamwo umuntuarashobora kuvyungururiza imbere ya Sentare ikurikiray’iyungururizo uwo mucamanza yabitegetse akukira.
Uko kunguruza gukurikiza ingendo isanzwe.
IGICE CA XIINGINGO MFATAKIBANZA N’ISOZERA
Ingingo ya 409
Ingingo zose za kera zinyuranye n’iri bwirizwa zirafuswe, nacane cane Itegeko nshikiranganji ryo ku wa 12 Rusama 1886ryerekeye igitabu c’amategeko agenga iburanishwa ry’imanzaz’amatati nkuko ryahinduwe n’Itegeko ryo 12 Munyonyo 1886ryerekeye ifatishwa ry’ibitimuka.
Ingingo ya 410
Mu kurindira itangazwa ry’ibwirizwa rishasha rigenga Sentarentahinyuzwa, Itegeko ryari mu ngiro riguma rikurikizwa.
Ingingo ya 411
Rino bwirizwa rigiye mu ngiro umunsi ritangarijweko.
Igitabu c’amategeko agenga iringanizwa n’ububasha bw’amasentare... • Itunganywa n’ububasha, n’ibikorwa vy’inzego z’ubutungane13 Rusama 2004 – Ibwirizwa
244 © Igitabu c’amabwiririzwa n’amategeko y’Uburundi (31 Kigarama 2006)