7

Click here to load reader

CNARED, Ijambo Rishikirijwe Abarundi Bose Kuwa 25.08.2015

Embed Size (px)

DESCRIPTION

Politics

Citation preview

Page 1: CNARED, Ijambo Rishikirijwe Abarundi Bose Kuwa 25.08.2015

REPUBLIKA Y’UBURUNDI Inama y’Igihugu « CNARED »

REPUBLIQUE DU BURUNDI Le Conseil National « CNARED »

1 E-mail : [email protected]

Le Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha pour la paix et la

Réconciliation au Burundi et de l’Etat de droit -----------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA LEONARUDO NYANGOMA UMUKURU WA CNARED RYO

KWIYAMIRIZA UBWANYUMA IHONYANGWA RY’AMASEZERANO Y’I ARUSHA N’IBWIRIZWA SHINGIRO RIKORWA NA PETERO NKURUNZIZA

Barundi, Barundikazi ;

1. Kw’izina ry’Urunani CNARED no kw’izina ryanje nyene, ndi n’iteka ryo kubaramutsa, ndabipfuriza amagara meza no kwihangana mu ngorane twashizwemwo n’intwaro y’akayoberabahinga ya Petero NKURUNZIZA kuva mu 2005. Nta n’umwe ayobewe yuko, Abarundi, eka mbere n‘amakungu, bahanze amaso urunani rwaraye ruvutse CNARED ; bose bariteze ko rubabera urumuri rwo kubavana mu mwijima iyo ntwaro itumajijemwo imyaka icumi yose.

Mugufata iri jambo, twagomvye kubibutsa amahangiro nyamukuru ya CNARED, tubibutse kandi n'imigambi yayo mikurumikuru tugiye gushira imbere kugira ngo dufashanye kwikurako intwaro ataco yibanga ya Nkurunziza.

Ariko imbere y’ivyo, mudukundire tubanze dusubize amaso inyuma gatoya turabe mu nca make icaranze intwaro ya Nkurunziza na cane cane mu kiringo cayo ca kabiri ari naco ca nyuma, ico naco kikaba kizorangira neza na neza ku wa 26 myandagaro 2015, isaha zitandatu z'ijoro.

2. Kuva rero iyo ntwaro yimitswe ku wa 26/08/2005, naho yirirwa irihayagiza nka wa mugani w’umusambi

ngo ndi mwiza ndi mwiza, igikere na co kiti « agatima ariko », intimatima yayo nta kintu kizima cariyo. Muti Gute ? Turetse ukwironderera amaronko kw’akagwi kikebeye ibice 99% vy’ubuzima bwose bw’igihugu, ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu vyabaye akarangamutima k’iyo ntwaro, kugeza aho ubu ukwica umuntu vyabaye ni ubuhizi ; kugeza aho mbere na Nkurunziza ubwiwe ahimiriza urwaruka ngo rukure rwigana ingendo y’abicanyi karuhariwe ! Ni akamenyo ; birateye agahinda. Nti dushobora kubireka uko, dutegerezwa kubihagurukira ubutagisubira inyuma, nti dushobora kwemera na gatoya ko urwaruka rwacu rukura ruzi ko ata « kirazira » kikiriho mu Burundi.

Ukugendera ubuntu n’ijambo, ari vyo bushingantahe vyamye biranga Uburundi, intwaro ya Nkuruziza yabigize umuziro. Ivyo rero vyatumye ibintu bigenda vyunyuka mu buzima butandukanye bw’igihugu nk’uko mwese muvyibonera, muvyamamwo, kugeza aho bamwebamwe bihebura bakagira bati « nta kundi ; turashima ». Ivyo vyitwa kwihebura ; kuba mpebe zirye ! Iyo igihugu kigeze ngaho, riba ari ibara kuko kiba kiriko kirarwa mu manga, kugira gisubire kwivyukiranya, bisaba ko haca imyaka na mirere na mirere, haje urunganwe atawomenya ngo ruzoba rugira urwa kangahe ! Aho tubivuze mukivunga ; reka tubije ku muriri igisata ku gisata

1° Nko mu vya poritike n’agateka ka muntu

Amategeko n’amasezerano igihugu kigenderako yagumye ahonyangwa n’akagagazo gasesereza, gushika n’aho iyo ntwaro ivuga ko Amasezerano ya Arusha yataye igihe ata gaciro agifise, igatako

Page 2: CNARED, Ijambo Rishikirijwe Abarundi Bose Kuwa 25.08.2015

REPUBLIKA Y’UBURUNDI Inama y’Igihugu « CNARED »

REPUBLIQUE DU BURUNDI Le Conseil National « CNARED »

2 E-mail : [email protected]

Le Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha pour la paix et la

Réconciliation au Burundi et de l’Etat de droit -----------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------

ikanabigendera. Nkako, yaragerageje no guhindura Ibwirizwa Shingiro riyakomokako ibanje gufuta ayo masezerano yari yagarukanye ituze mu gihugu biyita ku w’amazi.

Bati « uwukize isemu yibagira icamwirukana » ! Imigambwe yarasambuwe, irabuzwa gukoranya amanama, ukwiyamamariza amatora biba nk’ukwiyahura, abakuru b’imigambwe itavuga rumwe na Reta bafungirwa mu ngo zabo ic’amaso, uwugize ngo aracaruka bagacakira bacira ku buhomba ( muribuka ivy’umuhisi Zedi Feruzi), irya n’ino abanywanyi b’imigambwe idacuditse na Reta baricwa, abatishwe batabwa mu mvuto, abandi barata baromoka.

Muri iyo ntambara y’ukuzivya abenegihugu n’ukubaturubika, abamenyeshamakuru nti bibagiwe ; baraburagijwe, mu buryo bwose. Kandundura, Reta yahemutse ituriye amaradiyo, none ubu abamenyeshamakuru barenga mirongo irindwi barataye baromoka bahungira mu mahanga.

Aha rero ntituvuze indongozi z’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, muzi uruhara rwayo ntangere mu gukebura Reta no mu kurwanira agateka ka muntu. Ivyashikiye umushingantahe w’igicocoro Petero Mbonimpa, umuntu wenyene afise ibuye mu kibanza c’umutima, ntavyo yari kubahuka ! Abamurashe Imana igakinga bakamuhusha, mumbwire ko hari aho mwigeze mwumva ko Reta ya Nkurunziza yacishije mu kanwa ivyo kubahiga !

Mu vya poritique n’agateka ka muntu rero, igihugu cose cahindutse agasho, abanyagihugu barabuze ayo bacira n’ayo bamira. Uburenganzira bwose bwo kuvuga ico umuntu yiyumvira muri poritike abantu barabwatwse, kugeza n’aho n’abubahutse ngo bahanure kandi ari inararibonye n’ibihangange mu mugambwe nyene wiziziye ubwo butegetsi, baciye bahigwa buhongo, ubu ukamengo ntibagikwiye n’ukwitwa abarundi. Umwe mu bakiyoboka Nkurunziza we yarahevye ata impuzu riva, ahagarara kwiradiyo aremanga, arasemerera n’ijwi rirenga ati abanywanyi b’umugambwe wa NKuruziza bashigikiye ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha bose bakwiye gucibwa imitwe. Ivyo mwaravyiyumviye. Ni ibara ; ni ivumwe ! Abatwara bamaze kuba bavuga ko, nta muntu yotangara mu kubona ubwicanyi bwarabaye ndanse, gushika aho abarundi isinzi bahunga Reta nk’uko vyagenda ku ma Reta yari ashingiye kuvyo amacakubiri yo mu myaka ya 70.

2°. Dukubitize amaso mu vy’ubutunzi:

Nk’uko twamaze kubivuga mu ntangamarara, na ho nyene vyarabaye agahomerabunwa. Ubusuma n’ubunyonyezi ni vyo vyaranze intwaro ya Nkurunziza kuva igitangura.

Ibuka vyonyene ya ndege yarerura Umukuru w’igihugu Falcon 50 yariwe riva, bakivugira ngo “twaratsinze amatora, tugomvye na gusa twari kuyitanga ”!

Ehe raba irindi bara.

Atari mu gitwarwa na Nkurunziza, ni nde yabonye aho umukuru w’igihugu n’abamufasha birigwa barifotoza bariko bakoresha uburyo bwa reta mugutanga amatu y’ibiharage, aho gukoresha ubwo buryo mu kubigisha kugwiza umwimbu ?

Ni nde ga Barundi Barundikazi atabonye umukuru w’igihugu yifotoza ku mboneshakure mu matongo yihagiye nka kumwe ko ku ntwaro z’abami ? Aho rero ga, nti mugire ngo yakoresha umufuko wiwe,

Page 3: CNARED, Ijambo Rishikirijwe Abarundi Bose Kuwa 25.08.2015

REPUBLIKA Y’UBURUNDI Inama y’Igihugu « CNARED »

REPUBLIQUE DU BURUNDI Le Conseil National « CNARED »

3 E-mail : [email protected]

Le Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha pour la paix et la

Réconciliation au Burundi et de l’Etat de droit -----------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------

Eka da ! Yakoresha uburyo bwa Reta ku nyungu ziwe bwite ! Ivyo ga mwa bavyeyi mwavyaye mugaheka, ni nde atabibona ? Ni nde yipfuza ko vyobandanya uko ?

Ibiturire vyaragifukamye mu nda, bikabonekera mu buzima bwose bw’igihugu, kugeza aho mu kuronka akazi udaciye mu mugambwe uri ku butegetsi ataco ubaza. Mwibaza namwe intwaro aho mu kuronka akazi k’ubwarimu ukabanza kubaga inka canke kugurisha igice c’itongo ! Ivyo ga mwa bavyeyi mwavyaye mugaheka, ni nde atabibona ? Ni nde yipfuza ko vyobandanya uko ?

Amasosiyete ya Reta aragurishwa icamunara ! Ibuke ikivuko ca Bujumbura ! Aha ntiturinze kuvuga ingene amasoko ya Reta atangwa ku kimenyane no mu rufuri, kandi amategeko atomoye neeeeeeza ingene bitegerezwa kugirwa ku mugaragaro.

Ivy’amatungo kama y’igihugu nka Nikeri vyovyo womengo n’itongo ry’umuntu agurisha uko ashatse !

Amasoko yirirwa araturirwa, uhereye kw’isoko nkuru ya Bujumbura, umutima w’igihugu, ukarindira amatohoza yavuzwe amaso agahera mu nzira, abadanza bakifumbereza, bagapfa impfakiriri, uwahora yiha agatega amashi. Ivyo ga mwa bavyeyi mwavyaye mugaheka, ni nde atabibona ? Ni nde yipfuza ko vyobandanya uko ?

Amasosiyete ya Reta yahora yunganira abanyagihugu nka yose barayagurishije uhereye ku KIVUKO , KOTEBU… na ONATERI barayiriye barayinunuza, none bahiga kuyigurisha ngo bace bafatamwo imitahe bo nyene.

Ni ivyo mwibonera, mukabibamwo, ubutunzi bw’igihugu n’ubw’umuntu bugaragarira kw’isoko no kw’isahani. Ubu tugeze aho ivyegeranyo mpuzamakungu vyerekana ko turi mu bihugu bitanu vya nyuma kw’is i; aho abarenga ibice 60 kw’ijana bafatwa ko ari abinazi ruhebwa, ni ukuvuga ko bari munsi y’urugero umwana w’umuntu ashobora kwibeshaho ; ni ukuvuga ko badashobora kubaho badateze amashi ! Ivyo ga mwa bavyeyi mwavyaye mugaheka, ni nde atabibona ? Ni nde yipfuza ko vyobandanya uko ?

3°. Tuje mu vy’imibano:

Ntitwokwirigwa turavuga vyinshi, mwebwe nyene muravyibonera aho abantu bazeragijwe, kugeza aho nk’abarimu bazira intara bavukamwo. Ivy’amoko twariko turavamwo kubera amasezerano y’i Arusha, none iyo ntwaro iguma ishaka kubizukurura ihamagarira abarundi kwinubana n’ugusubiranamwo.

Nta numwe ayobewe yuko umunyagihugu akitswe n’amagara atakironka aho yivuriza, abavuzi bari ku rushi, imiti ntiboneka, abashoboye kuronka ababafasha canke abifise nibo bonyene bashobora kwivuza hanze. Mu vyo indero y’abana n’abanyagihugu muri rusangi, ni ivyo mwibonera, Reta yaridohoye. Amashure arubakwa nkuko muvyumva, ariko akanovera k’inyigisho zitangwa karatitutse, mbere twonavuga ko kaherengeteye, kubera n’abarimu ni bakeya cane, ikitavuzwe coco n’ibikoresho vyo mu mashure. Abantu benshi basigaye bavuga bati abana bacu biga ku busa, bakiga ubusa, kandi bakigira ubusa kubera niyo barangije amashure ata kazi baronka. Nico gituma ubushomeri bwigize ndanse mu gihugu. Kaminuza ya Reta yaribagiwe biteye isoni, ugasanga za kaminuza zigenga nizo zisigaye zisomesha abanyeshure benshi gusumba abo muri kaminuza za Reta. Ivyo rero ni ibara ku gihugu ! Kuko aho tugeza amaso kwisi, hariho ibisata Reta idashobora guhebera abikorera utwabo :

Page 4: CNARED, Ijambo Rishikirijwe Abarundi Bose Kuwa 25.08.2015

REPUBLIKA Y’UBURUNDI Inama y’Igihugu « CNARED »

REPUBLIQUE DU BURUNDI Le Conseil National « CNARED »

4 E-mail : [email protected]

Le Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha pour la paix et la

Réconciliation au Burundi et de l’Etat de droit -----------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------

nyamukuru muri ivyo, ni indero y’abana b’igihugu ; ako ni akazi ka Reta, nta muntu numwe wundi ishobora kugasiganya !

Barundi Barundikazi,

3. Ntitwokwirirwa turabirandirako, kuko muri uyu mwaka tugiye kurangiza. Abarundi bose n’amakungu

twari twiteze ko ubutegetsi buhinduka biciye mu guhiganwa mu matora, atawuniganywe ijambo, none Nkurunziza yaranse iryo higanwa ; Abarundi bose n’amakungu twari twiteze ko intwaro y’agahotoro ya Nkurunziza yari igiye gusezererwa n’abanyagihugu, barabishaka kandi barabigaragaje mu buryo bwinshi. Ariko rabe, bakubiswe n’inkuba bumvise ko Nkurunziza ategetse umugambwe wari ku butegetsi ngo usubire kumushira imbere ngo awuserukire, nukuvuga abanje guta mu kivumvu gihariwe umwavu Amasezerano y’i Arusha n’Ibwirizwa Shingiro riyakomokako. Abanyagihugu isinzi mwarahagurutse murerekana ko iyo ntwaro yo gusubiza inyuma igihugu mutari mukiyikeneye.

Hari hageze rero ko indongozi zanyu zibaja imbere koko, zihuje umutima n’ishaka, kugira Abarundi ntibagume bajuragirika basanzaza inguvu n’ishaka bafise ry’ukurongorwa mu gihugu kigendera ku mategeko, ari yo demokarasi ; hari hageze ko tubaja imbere kugira dufashanye kwogorora, kugira ngo duhebe tutera imbere nko mu bindi bihugu.

Kw’igenekerezo rya mbere Myandagaro 2015 rero, Abarundi benshi banyotewe demokarasi, bahurikiye mu migambwe itandukanye, mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, n’izindi ndongozi ziba mu Burundi canke mu makungu, barahuriye i Addis-Abeba, ku murwa mukuru w’igihugu ca Etiyopiya ari na ho hari icicaro c’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika, maze bashinga urunani ruhuza bose ari rwo “Inama y’igihugu iharanira iyubahirizwa ry’Amasezerano y’Amahoro n’ukunywanisha Abarundi y’I Arusha hamwe n’intwaro igendera ku mategeko”, “CNARED” mu mpfunyapfunyo y’igifaransa.

Kuri uyu munsi rero aho turiko turasezera ikiringo ca nyuma ca Nkurunziza, Twagira dusubire gushikiriza abarundi n’amakungu aho urunani CNARED ruhagaze ku bijanye n’ico kiringo kitagira mvura.

4. Ku bwacu, Nkurunziza nta burenganzira na bumwe agifise bwo gutwara Uburundi ku kiringo kigira

gatatu, kubera biteye kubiri n'Amasezerano ya Arusha n'Ibwirizwa shingiro.

Yaruriye igiti kiturirwa maze yishira hejuru y'amategeko mu kumata ku butegetsi kandi ari we yategerezwa kuyubahiriza ; yaramenje ; ni umugumutsi ; ni umugarariji. Ikibanza c’abagararije inzego z’igihugu naco, mwese murazi ko kitari mu ngoro y’umukuru w’igihugu. Ivyo ni bimwe twamye tugwanya muri kahise ari vyo gufata ubutegetsi ku nguvu benshi bita kudeta. Nk’uko iryo shamba batakiritinya, Abarundi ntibazovyihanganira na gato , bazokoresha ibishoboka vyose kugira ubutegetsi bw'igikenye bwiwe butembagare ; ubwo bugumutsi nti dushobora kubwihanganira.

Kubera ko Urunani CNARED mu ngendo zarwo nyamukuru ari ukwubahiriza amategeko n’ubutungane kuri muntu wese n’aho yoba yakoze ibibi bingana gute, turakebuye ubwa nyuma Nkurunziza, kugira asubize agatima mpembero yirinde kuroha igihugu cose mu manga.

Page 5: CNARED, Ijambo Rishikirijwe Abarundi Bose Kuwa 25.08.2015

REPUBLIKA Y’UBURUNDI Inama y’Igihugu « CNARED »

REPUBLIQUE DU BURUNDI Le Conseil National « CNARED »

5 E-mail : [email protected]

Le Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha pour la paix et la

Réconciliation au Burundi et de l’Etat de droit -----------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------

CNARED imusaba ko aho kurahirira gushira umuzigo ku banyagihugu n’igihugu, ahubwo yorahirira gusezera neza ubutegetsi. Ivyo navyo nta kundi yobigira atari ukwemera ata guhigimanga kugirana ibiganiro bijana Uburundi kw’iterambere n’Abarundi bose, biciye ku babaserukira nka CNARED. Muri ivyo biganiro tuzomufasha gukinjura akiri mwiza, agende mu mahoro, aharonke inyungu n’Abarundi baharonkere inyungu.

5. Nk’uko tumaze kubishikiriza, intumbero nyamukuru y’ivyo biganiro ni ugusubiza Igihugu ku nzira ya

Demokarasi iriko iratunyererana turorera. Nk’akarorero, nta gihugu na kimwe co muri kino kinjana gishobora kubaho gitwarwa n’umugambwe ubuza iyindi yose kubaho, atacamira ! Ni muri ivyo biganiro rero tworaba ingene dushinga intwaro mfatakibanza, kuko nta yindi nzira igishoboka ko Nkurunziza yigize ikinani, ikimandwa, akibaza ko ashobora kunanira burundu Abarundi n’amakungu, akanka ko hatunganywa amatora ashingiye ku mategeko no ku migambwe myinshi kugira ubutegetsi bubisikanye ata wandya wangura. Ngo “kananira abagabo rero ntiyimye”, kandi ngo “agasozi kari amarere kahiye agabo babona”…

Mu nca make, ingingo nyamukuru z’ivyo biganiro ni izi :

Kumvikana ingene Nkurunziza yosezererwa ku neza yiwe n’iy’Abarundi ; kwumvikana ingene twoshinga inzego mfatakibanza n’imirimo nyamukuru yazo ari yo :

- Kugarukana icuka ciza mu gihugu, na canecane umutekano mu gihugu cose, imirwi ifise ibgwanisho itabifitiye uburenganzira yabanje kuvyakwa ;

- Kumvikana ikiringo intwaro mfatakibaza yomara kugira habone gutunganywa amatora nya matora atuma abanyagihugu batera imbere aho guhunga igihugu cabo abandi batotezwa bakicwa bahorwa imigambwe barimwo ;

- Gutegekanya ivyo gutahukana impunzi n’abanye poritique bomowe n’intwaro ya Nkurunziza ; - Gutegekanya ibikenewe kugira ngo amaradiyo yari ahasanzwe asubire gukora ukuri kwamye ;

aha abasanzwe bafasha Uburundi bazoterwa akamo kaboneka ; Nkurunziza akaramuka abandanije kwica amatwi akavuguruza Uburundi n’abarundi, CNARED ntiyashinzwe ngo irere amaboko ; ukwica abanyagihugu, kubasahura n’ukubangaza, si ibirori ; CNARED nti yashinzwe ngo irorere ibirori. Ariko ntitugomba guca umutima abarundi namba, haracariho inzira z’uko Uburundi butorinda gutabagara. Ivyo na vyo, abarongoye CNARED biyemeje guhuza inama kugira bakenyure intambamyi n’imitego vyose, bafadikanije n’abanyagihugu bamaze kugaragaza ko batazigera bemera ko intwaro ya Demokarasai bamaze guhonja ibasubirana inyuma babona.

Barundi, Barundikazi ;

6. Muramaze kuvyibonera ko iyo Abanyagihugu bafatanye mu nda bagahagurukira rimwe ata kibananira n’aho yoba intwaro yigize akagaramaruganda gute. Urunani CNARED rusaba Abarundi bose, aho bari hose, uko bari kwose, mu ntara zose mu ma

quartiers yose, mu bihugu vyose, abakene, abatunzi, abato n’abakuru, urwaruka, abatama, abakenyezi, mwese tubasavye ngo mumere magabo murikanure canecane muri iyi minsi Petero Nkurunziza yamaze kurahirira kugaya abanyagihugu n’amakungu ; nti mwemere ko umuntu umwe atabagaza igihugu cose ! Turabasavye, uwari agikekeranya, ni ahinduke, yumve ko urugamba rw’uguhabuza agateka kiwerugeze mw’itsinda ryanyuma.

Page 6: CNARED, Ijambo Rishikirijwe Abarundi Bose Kuwa 25.08.2015

REPUBLIKA Y’UBURUNDI Inama y’Igihugu « CNARED »

REPUBLIQUE DU BURUNDI Le Conseil National « CNARED »

6 E-mail : [email protected]

Le Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha pour la paix et la

Réconciliation au Burundi et de l’Etat de droit -----------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------

Abarundi bose bararitswe guhagurukira rimwe tumubuze guhonyanga amasezerano y'i Arusha n'ibwirizwa shingiro riyakomokako, kuko ari nko guhagarika umutima w'igihugu. Umutima na wo uhagaze, umuntu aba agiye akagirire. Natwe ntitwovyemera, kuko ngo ahari abagabo ntihagwa ibara.

Barundi, barundikazi namwe rwaruka mwese, basoda n’abaporisi mwese

7. Ntihagire uwigira sindabibazwa, canke ngo abo ni abagomba kudukwegera, kuko igihugu gitwawe nabi, umunyagihugu wese akibamwo, n’aho yoba ari umunyamahanga ingaruka mbi ni we zikandamiza.

Twokwibutsa ko mumirimo nyamukuru intwaramiheto zijejwe harimwo kugwanira ukwikukira n’agateka vy'igihugu cacu n’akabarundi bose. Nti hagire rero n’umwe yemera ko igihugu gitabagara kubera akagagazo k’umuntu umwe !

Nkurunziza akanka kumvira Abarundi, ingabo z'igihugu zumve ko zitegerezwa guhaguruka zikagwanira intahe yo kwikukira k'Uburundi nk’uko Abarundi isinzi canecane urwaruka babitanguye kuva kw’igenekerezo rya 26/04/2015.

Turasavye dushimitse ko twese twokwiyamiriza intwaro y’agahotoro, tuyitere ivyatsi, ingabo z'igihugu zidasigaye inyuma, na kare ni zo zishinzwe umutekano n’ugukingira igihugu. Ntihagire uwemera kujana na rwo ngo ahindukirize ibikoresho vy’ugukingira igihugu n’abanyagihugu kuri abo banyagihugu nyene bariko barasemerera bati nyabuna nyabuna. Uwuzobigira, si twe tuzomwivuna gusa ; n’ubutungane mpuzamakungu buramurindiriye !

Mutwumve neza, ntitubasavye gukora kudeta. Eka ! Tubasavye gufatanya n’abanyagihugu babinyotewe kwirukana abategetsi biyemeje guhonyanga amabwirizwa nkoramutima y’igihugu cacu, no guhemuka, ari na kwo kugurisha intahe yo kwikukira y’igihugu cacu, aho izina ry’Uburundi twasigiwe naba sokuru risigaye ari agatukisha mu makungu.

Tudahagurukiye rimwe ngo tuvyiyamirize twivuye inyuma, ntaho tuzoba tugishobora n’ukurahura umuriro mu babanyi, ubona n’uko vyamaze gutangura nk’uko mumaze kuvyiyumvira. Ivyo na vyo bikaba vyahereye ku bihugu rutura nka Reta zunze ubumwe bwa Amerika, uburayi, eka n’amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU mbere n’aya Afrika.

Emama abatoni ba Nkurunziza, ngo ubwigenge. Ubwigenge ntibusobanura kwikurako incuti n’amakungu, haba namba ; ubwigenge nti busobanura gutikiza abo utwara ubanje guturira n’amaradiyo yobatabarije !

Mu nca make rero, urugamba rwa CNARED ni urwo gusubiza iteka igihugu n’abanyagihugu, kugira noneho ntitwame dusubira inyuma nk’ibirenge, ahubwo dutere intambwe twiteze imbere nk’ibindi bihugu aho kwama muri zuguzuguru, icatsi kikadukora mu jisho kenshi.

8. Mu kurangiza, twagomba kubatera intege, tubahumuriza ko CNARED irazwa ishinga n’ugusubiza

igihugu ku murongo wa Demokarasi, amahoro n’ukunywanisha abenegihugu Amasezerano y’i Arusha yari yatugarukaniye. Umurundi wese atekanirwe mu vyiwe no mu biwe aho kwama araturatura ubona, ko uwugize ngw’aravuga iritanezereza Nkurunziza ko aca acibwa ku bwenegihugu bwiwe.

Page 7: CNARED, Ijambo Rishikirijwe Abarundi Bose Kuwa 25.08.2015

REPUBLIKA Y’UBURUNDI Inama y’Igihugu « CNARED »

REPUBLIQUE DU BURUNDI Le Conseil National « CNARED »

7 E-mail : [email protected]

Le Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha pour la paix et la

Réconciliation au Burundi et de l’Etat de droit -----------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------------

Urunani CNARED rurasavye amakungu iyo ava akagera: UA, ONU,UE, incuti zose z'Uburundi ko batokwivuguruza ngo bemere iyo ntwaro y'igikenye ya Nkurunziza, ahubwo bayitere ivyatsi bongere bayikebere ivomo. Tubasavye gufata ingingo zose zikenewe kugira ngo badufate mu mugongo dushobore guhabuza agateka k’igihugu cacu n’ak’Abarundi bose. Ivyo gukosora Nkurunziza, turazi neza ko ari twebwe Abarundi tubishinzwe, ariko tuzokenera gufatwa mu mugongo. Bimwe muvyo bodufasha ni nkibi :

- Botekeza vyihuta abaserukira Nkurunziza mu bihugu vyabo, bose bagatahuka i Bujumbura. - Ntihagire umutegetsi n'umwe wa Reta nsumirinda ya Nkurunziza asubira gucaruka aja hanze ; - Ntihagire ifaranga na rimwe risubira kwinjira rija gufata mu mugongo intwaro ya Nkurunziza,

kiretse imfashanyo zishikira abanyagihugu bo nyene ubwabo ; - Nkuko vyabaye muri kahise, amakungu tuyasaba kwongereza ishaka n’inguvu z’ugufasha

Abarundi kuja mu nzira y’ibiganiro. Ntibahirahire ngo bivuguruze mu gushigikira intwaro yishizeho ku nguvu kuko ataco yoba itaniyeko na Kudeta.

- Nti bashigikire intwaro y’igikenye n’ugukumira, mwene izo ntwaro ntahandi zishikana igihugu atari uko abanyagihugu babura aho basaganiriza kugeza aho bafata inzira z’ukwigwanako, inganda zigatikira. I Izatikiye ziramaze, mbere zirarengeje urugero. Ivyo vyose, uko Petero Nkurunziza azoguma amata ku butegetsi, ni ko azobibazwa.

Rero ngo “n’Imana ifasha uwifashije”, kandi ngo usabira Imana umugisha kuziko ikagusiga

umunyota. Muhagurukire rimwe tubogore Uburundi. Ko tumaze gushika ku ntambwe ihambaye y’ugushinga urunani nka CNARED twese abakunda igihugu twiyumvamwo, bigiye gushoboka.

Ni harambe Uburundi n’intwaro ishingiye ku mategeko, Ni harambe Urunani CNARED, Ni tugire Amahoro, Murakoze.

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 25 /08/ 2015

Ku bw’Urunani CNARED NYANGOMA Leonarudo,

Umukuru wa CNARED